Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pascal Nyabenda : "Twipfuza ko imigambwe yose yiyunga" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pascal Nyabenda : "Twipfuza ko imigambwe yose yiyunga"

Pascal Nyabenda : "Twipfuza ko imigambwe yose yiyunga"

dimanche 5 Gitugutu 2014

Umugambwe CNDD FDD urashigikiye ko imigambwe yacitsemwo amashami yiyunga mbere uwo mugambwe ugaca unabeshuza ivyama bivugwa ko ugucikamwo amashami kw’iyindi migambwe uwabo ubifisemwo uruhara.

Pascal Nyabenda umukuru w’umugambwe CNDD FDD kababa yabariye bagenzi bacu ba RPA ko uwo mugambwe ushigikiye ukwiyunga kw’imigambwe yose yacitsemwo amashami, aho vyoshoboka. Umushingamateka Nyabenda akavuga ko ivyo vyoba ari vyiza,ari navyo bipfuza,ko imigambwe yokomera, ikazoshobora gutangura amatora mpaka inayaheze. Nyabenda rero akaba avuga ko imigambwe yacitsemwo amashami nka FNL, FRODEBU na UPRONA hatogira abama bata umwikomo ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana ariwe ntambamyi. Uwo mukuru w’umugambwe CNDD FDD akavuga ko umugambwe arongoye utoshigikira umushikiranganji yobera intambamyi iyindi migambwe, canke akayisambura.

Pascal Nyabenda akaba yabishikirije ariko bamwe mu biswe abakinyi ba poritike nka Agathon Rwasa,Karori Nditije, Chauvineau Mugwengezo eka n’umukuru w’umugambwe FRODEBU Leonce Ngendakumana bamenyesha ko Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati jmu gihugu, ari intambamyi mu kwiyunga kw’imigambwe,ndetse nIyagiye irasambuka yabigizemwo uruhara.


Aristide Nizigire

Messages

  • nibajehamwe twobishima

  • Muta aho uraraba ntube utubwiye igihushane kuko ibiba mu gihugu turabibona.mwebwe mwenyene mwari mu nama musaba ngo ba buramatari na musitanteri bagire intonde z,imigambwe bukeye Edouard yaciye asohora itangazo uko nyene mwavuze adakuyeko nurudome narumwe.Tugusabe ube umuhuza hama utange itegeko bareke habe amakoraniro umwe wese atumeko abamuyoboka hama ukuri kuje ahabona.kandi abantu tuzogushimira

  • Nibiyunge twobishima kuko uruhara mwagize mukuyisambura murugire nomukuyisubiza hamwe.

  • Amisigiranzira yaba dd abanyagihugu tuza twayahaze.ababi s,abanyamigambe umubi ni nduwimana yaciye hagati mu migambwe ayigira nki nkoko nakagomba,nakure ayomisigiranzira,abarundi twaramuhinyuye icagomba gushikako we arakizi.uhereye miri Frodebu,Fnl,Uprona Mcd .ivyo atambamwo turabizi.ikirho ,imigambwe yasambuwe nawe nimweyunge,mugabo ,mugabo,mugbo,muhagarare magabo umwansi ari kurugi ntimugire ngoarasinziye.ok mwikangure muve mubitosi.

  • Hakomejye kubaho kwihenda mukuvuga ko ishyaka ririkubutegetsi mu Burundi kwariryo risambura amashyaka ibyongibyo nibyobyatumye abanyamashyaka bayoberwa ahobashyakira umuti watuma hahagarikwa ibyimanyagurika ryamashyaka yabo kuko bashyakira umuti ahatariho. Nanone bizabagora cyane nimwagumakwibeshya ngo ishyaka ririkubutegetsi kwariryo rizagiruruhara rwokunga amashyakayayu! Niyaba haruwo nshavuze arabimparurako ntazabiharure kubantubose bomugihugu cyange (Rwanda)

  • Leonce wewe nanume afise akarimi karekare gusa nawe nyene ni intambamyi mu kwiyunga azi kudoma urutoke ku bandi gusa nko guhenda abarundi namakungu ngo bagiye kwiyunga hama ntanahakandagize ikirenge nta nisoni. Nareke kuvuga abandi abeahubwo akarorero areke kuguma abesha ubona ko umengo ni vyo yigiye.Ariko atanga akarorero kabi cane. Nabo afise azobabura bazokwigira kwa Minani guko niweaboneka ko ari serieux cankwe twigire kwa Jacques Bigirimana.

  • NYAKUBAHWA ICIYUMVIRO USHIKIRIJE NICIZA KIRAHUMURIZA ABARUNDI. TUBIRAVYE,NONE KO HARIHO ABAMAZE KUBIGERAGEZA BIKANKA. RABA IVYARAYEBIBAYE MURI ZAFORODEBU, NI MUBAFASHE KWIYUNGA MUBE A’BAHUZA

  • Murayisambura hanyuma mugaca muja kuma radio ngo murashigikiye ko iyo migambwe yiyunga.nubwoba nyene mufitiye FNL,ADC-ikibiri,UPDzigamibanga hamwe na UPRONA.ko mu vyopfuza Edwarrd Nduwimana natumire iyo migambwe ayumvirize turabe ko yobigira!!!reka sha reka kudusiga inkore ku maso.turazi ko vision ya DD ngo muzosazira kurubwo butegetsi,ariko ntibizoroha kuko nta gihugu mwafatishije umuheto kurya kwo mu rwanda,mwebwe dictature izobagora ngaho iwacu.

  • Abarundi ngo wanka umugore asura,ukazana uwunya munzu,nimba muvyukuri Cndd fdd ariyo isambura imigambwe yabaandi ,(kandi ninako biri ntibaduhende turabibona) nibagume hamwe bawote,ingaruka bagiye kuyibona,noneho haze URUNANI,ndabe ko bataba nkayankubisi yamavyi,ibishima yayitarukirijeko!! Maze abanigiwe mumeshi naba RWASA,ba SINDUHIJE,n’Abandi bavyungukiremwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.