Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PASIDE isaba ko hokurwa ibizigizigi ku birwanisho bivugwa ko vyahawe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > PASIDE isaba ko hokurwa ibizigizigi ku birwanisho bivugwa ko vyahawe (...)

PASIDE isaba ko hokurwa ibizigizigi ku birwanisho bivugwa ko vyahawe Imbonerakure

lundi 5 Rusama 2014

Reta y’Uburundi isabwa kworohereza aboza kugira amatohoza ku birwanisho bivugwa ko vyoba vyarahawe urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, nk’uko bivugwa na Aloys Baricako umuvugizi w’umugambwe PASIDE-Imboneza.

Mu rugendo abahoze barongoye imigambwe PPDRR, PACONA na ABASA ubu baherutse kwiyunga bakagira umugambwe umwe ariwo PASIDE Imboneza bagize mu ntara ya Cibitoke bari kumwe na bamwe mu barongoye uyo mugambwe mu ntara z’Uburundi, umuvugizi w’uyo mugambwe Aloys Baricako asaba Reta y’Uburundi ko yokworohereza abipfuza kugira amatohoza ku birwanisho bivugwa ko vyahawe urwaruka rw’Imbonerakure, mu ntumbero yo gushira ukuri ahabona.

Avuga ko umurwi uhurikiyemwo bose wofasha mu matohoza, kugira ibizigizigi bifiswe na bamwe kuri ivyo birwanisho bivugwa bihere. Asaba uwariwe wese yoba afise ikirwanisho, kutagikoresha mu gutoteza abandi, ahubwo agishikirize inzego zibijejwe kugira amatora buca aba mu mwaka uza, aze abe meza.

Mukamenya ko kuri ivyo vy’ibirwanisho nyene bivugwa, imigambwe ishika kuri 12 yo mu Burudi, iherutse kwandikira umunyamabanga mukuru wa ONU Ban ki Moon imusaba ko hoba amatohoza kuri ivyo birwanisho bivugwa ko vyahawe rumwe mu rwaruka rw’Imbonerakure.

Aloys Baricako, umuvugizi wa PASIDE Imboneza

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.