Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Patient Matabaro ashimira abakunzi biwe muri rusangi kuba baramutoye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Patient Matabaro ashimira abakunzi biwe muri rusangi kuba baramutoye

Patient Matabaro ashimira abakunzi biwe muri rusangi kuba baramutoye

vendredi 20 Nyakanga 2013

Patient Matabaro, ni umuririmvyi ariko agenda yigaragaza cane mu muziki w’Uburundi inyuma yaho atwariye ihiganwa rya Primusic, ikinyamakuru IGIHE caganiriye nawe mu ntumbero yo kumenyesha abantu uyo muririmvyi uwariwe. yatanguye kuririmba ryari ? afise iyihe ntumbero mu muziki wiwe?

IGIHE : Wotubarira Matabaro uwo ari we muri make ?

Matabaro : Izina ryanje abavyeyi banyise ni Matabaro Patient, nkaba navutse mu mwaka w’1992, muri komini Nyakabiga , iri mu gisagara ca Bujumbura. Nize amashure matoyi kuri EPA mu Nyakabiga, ayisumbuye kuri Centre Scolaire Congolais. Aho narangije mu gisata c’ubundandaji n’uburongozi (Commercial administratif) mu mwaka w’2011.

IGIHE : Mbega woba watanguye kuririmba ryari ?

Matabaro : Kuririmba novuga ko ari urugendo natanguye kera. Natanguye kuririmba ndi umwana muto cane, w’imyaka itanu ntangurira mw’ishengero rya FECABU mu murwi w’ishure ryo ku w’’Imana.

IGIHE : Wotubwira muri make uko vyagenze ?

Matabaro: Maze gushikana imyaka cumi n’ibiri naciye ntanguza hamwe n’abandi bagenzi banje umurwi w’abaririmvyi ba bahinga cane mu vy’amajwi bise Best Friends of God, ngenda kuraba aho umuhisi Christophe Matata yaba ariko arararirimbira na rirya yaba hafi yo muhira.

IGIHE : Vyahereye aho none ?

Matabaro : Muri uwo murwi, twarasohoye indirimbo zigera kuri zitatu tuvuye mw’ihiganwa ‘’Sing Halleluia’’, aho twari twahiganywe dufashanije n’umurwi witwa Divine Glory mu mwaka w’2010.

Mu mwaka w’2010, narakoranye igiteramo n’umuririm vyikazi Aline Gahongayire ari kumwe n’umurwi Best Friendsof God hamwe na Divine Glory. Mu kwezi kwa Nyakanga kw’umwaka w’2011, niho natanguye gukora karaoke, nca ngirako ntangura gukora umuziki ku giti canje. Ico gihe nafashe intumbero yo gukora Karaoke ku mvo z’uko nari maze iminsi ntumwako cane. Bikubitana n’ikibazo co kubura uburyo mbona ko nogikemura aruko nkoresheje ingabirano Imana ya mpaye nca nemera gukora karaoke. Mu mwaka w’2012, nitavye ihiganwa rya primusic nserukira intara ya Bujumbura Mrie. Narashoboye gushika mu gice ca nyuma nca ndonka ikibanza ca gatatu , nsindira 2 500 000 FBu.

IGIHE : Abaririmvyi batumye ukunda kuririmba ni bande ?

Matabaro : Ni P Square hamwe na Don Moen.

IGIHE : Hari ibindi ukora atari ukuririmba ?

Matabaro : Ikintu abantu benshi bangana nanje bakunda gukora ni ukwiga. Nanje rero ndi umunyeshure muri kaminuza, nkanaririmba nyuma y’ishure.

IGIHE : Urafise umukenyezi ?

Matabaro : Oya sindubaka ndacari umusore.

IGIHE : Mbega umaze gusohora indirimbo zingahe ?

Matabaro : Ndamaze gusohora indirimbo zitari nyinshi. Ubu ndafise izishika kuri zitanu ariko hariho izindi nyinshi, zitarasohoka ngomba gusohora muri iyi minsi.

IGIHE : Haraheze iminsi mikeyi muronse agashimwe ka Primusic. Mbega mwakakiriye gute ?

Matabaro: Ubwa mbere noshimira Imana kubona naragatsindiye kuko muziko bakivuga ko arinje ugatahukanye naciye nsaba abakunzi banje kumfasha gupfukama tugashima Imana, Noshimira kandi abavyeyi banje n’abakunzi banje kuba barantoye, birumvikana ko nakakiriye neza cane.

IGIHE : Mbega iri higanwa rya Primusic waribonye gute ?

Matabaro : Ntivyari vyoroshe muri Primusic kuko guhiganwa n’abantu 148 baryitavye uyu mwaka ukabatsinda biragoye.

IGIHE : None ako gashimwe baguhaye kangana n’amafranga angahe y’amarundi ?

Matabaro: Angana na 15 000 000fbu.

IGIHE : Muri kazoza ufise imigambi iyihe cane cane mu muziki ?

Matabaro : Imigambi ni myinshi. Ica mbere ni uko ngiye gukora indirimbo yo gushimira Imana, abavyeyi n’abakunzi banje. Ngategekanya kandi kuja mu gihugu ca Nigeria gukora amasanamu y’indirimbo yanje nshasha yitwa “Mukwege “ vyanankundira, nkaba ndakorana indirimbo n’abacuraranzi bakomeye muri kiriya gihugu. Ica nyuma,ntegekanya gusohora urukurikirane rw’indirimbo (Album) izoba irimwo indirimbo mumaze kwumva n’izindi zishasha.

IGIHE : Nimba atari ibanga mwotubwira izina ry’urwo rukurikirane ?

Matabaro : Oya ni agaseke gapfundikiye ariko nzogafundurura vuba.

IGIHE : Mu kurangiza ni iyihe ndirimbo mu zawe wotura abasoma ikinyamakuru IGIHE?

Matabaro : Yooh vyari kuba vyiza mbatuye iyo gushimira abakunzi banje, ariko ndacariko ndayitegura, mbatuye iyi yanje nshasha yitwa “Mukwege”

IGIHE : Turagushimiye kuba witavye ikinyamakuru IGIHE, twizere ko nitwagutumira ikindi gihe uzotwitaba ?

Matabaro : Nta ngorane mfise umwanya wose nzobitaba.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.