IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Patrice Vahard: "Agateka ka zina muntu mu Burundi gategerezwa gutezwa (...)

Patrice Vahard: "Agateka ka zina muntu mu Burundi gategerezwa gutezwa imbere"

vendredi 11 Nyakanga 2015

Intumwa y’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi Patrice Vahard amenyesha ko agateka ka zina muntu mu Burundi gashobora kandi gategerezwa gutezwa imbere naho hari ibibazo vya politike kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza 2015.

Mu gihe hari abavuga ko iyo hari abantu bahagaritswe kandi bagapfungwa,bahohoterwa, Patrice Vahard, ahamagarira impande zose kwigumya kugira umuco w’agateka ka zina muntu ube ukuri mu Burundi.

Kubwa Patrice Vahard,umuntu ntiyokwidunga gusa imyiyerekano yatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza,ariko ikibazo gishingiye ku mabi akorwa nk’uburyo bwo gushikiriza ivyiyumviro,hamwe n’umuco wo kudahana.

Ku kibazo co kumenya igitigiri c’abamaze guhagarikwa kubera bagize uruhara mu myiyerekano,Patrice Vahard avuga ko igitigiri kitaramenyekana kuko amatohoza akibandanya kandi ari igikorwa gisaba umwanya utari muto.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.