Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Perezida Petero Nkurunziza yasavye abarundi ko boshira Yesu mu migambi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Perezida Petero Nkurunziza yasavye abarundi ko boshira Yesu mu migambi (...)

Perezida Petero Nkurunziza yasavye abarundi ko boshira Yesu mu migambi y’umwaka w’2013

dimanche 30 Kigarama 2012

Igikorane categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu carabandanije ku munsi ugira gatatu kuri uno wa gatanu kuri stade Urukundo iri IBuye mu ntara ya Ngozi aho umukuru w’igihugu yasavye abarundi ko boshira imigambi yabo yo mu mwaka wa 2013 mu minwe ya Yesu.

Kuri uno wa gatanu,ku munsi ugira gatatu w’amasengesho yo gushimira Imana yateguwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu ariko abera kuri stade Urukundo mu ntara ya Ngozi,umukuru w’igihugu c’UBurundi Petero Nkurunziza yatumiye abarundi gushira imigambi yose bafise mu mwaka uza wa 2013 mu minwe ya Yesu.

Umukuru w’igihugu yarabasavyeko umwe wese ku gatwe kiwe, kubwo umuryango canke kubwo aho abaye,yoshimira Imana ubudasiba kubwo ubwiza bwayo no kuyishikiriza imigambi yose ategekanya kurangura mu mwaka uza wa 2013 ngo kuko Imana yonyene ariyo soko y’imigisha n’imihezagiro muvyo umuntu akora vyose.

Kubwa Paul Gitwaza nawe yaratanze inyigisho akaba yamenyeshejeko Imana isanura ubuzima bw’umuntu wese yemeye kugendana na Yesu Kristo,yaramenyesheje kandi ko nkuko vyagenze igihe Yozefu na Mariya basiga yesu I Yerusaremu imitima yabo igahungabana ko ariko bimeze k’umuntu wese adafise Yesu muri we kandi nivyo akora bidashobora gutera imbere.

Umuvugabutumwa Paul Gitwaza yaramenyesheje abari ngaho ko iyo umuntu afise Yesu mu bugingo bwiwe aba afise ivyizigiro vyo kuzoronka ubugingo budashira akaba ari nayo mpamba ishikana uwumufise mw’ijuru.

Paul Gitwaza yari umusiguzi w’uwo munsi yarangije amenyesha ko uwo Yesu adasiba kwiyerekana kuri abo bose bamufise na cane cane iyo hari ibihe bigoye.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.