IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza aremera kurekura abari mu myiyerekano abandi bavuye (...)

Petero Nkurunziza aremera kurekura abari mu myiyerekano abandi bavuye mw’ibarabara

jeudi 7 Rusama 2015

Abafatiwe mu myiyerekano yariko ibera mu gisagara ca Bujumbura bafise munsi y’imyaka 18 bagiye kurekugwa, abandi nabo bazoshobora kwidegevya niyo bemera guhagarika imyiyerekano.

Mw’ijambo Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yashikirije kuri uno wa gatatu ku mboneshakure y’igihugu, yashimye ingingo ya Sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro aho kandi yanemereye abarundi ko niyo basubira kumwizera bakamuhunda amajwi, iki kiringo kizoba kibaye ica nyuma atazosubira kwitoza.

Naho biri uko, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaremereye abarundi n’amakungu ko agiye gukora ibishoboka vyose kugira asubire kunwanisha abarundi hisunzwe ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha.

Petero Nkurunziza yariyemeje kandi kurekura abana bafatiwe mu myiyirekano imaze iminsi mu gisagara ca Bujumbura bafise munsi y’imyaka 18 kandi ko n’iyo bemera guhagarika iyo myiyerekano na bandi bafunzwe bazoca barekugwa. Agahamagarira abanyepolitike kudasubira gukoresha abana mu bikorwa bigayitse nk’ivyo, ahubwo ko babahirimiza gusubira ku mashure kuko ibibazo bitegekanijwe kuzokorwa nka Concour National bitazosiba.

Tubibutse ko Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashikirije iryo jambo mu gihe hari haciye indwi zigera kuri zibiri abarundi bava mu mihingo itandukanye bari mu mabarabara kugira biyamirize ikiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza bo babona ko giciye kubiri n’ibwirizwa shingira ndetse n’amasezerano y’i Arusha. Ariko ngaho mu kamenya ko Sentare y’ubahiriza ibwiriza shingiro yamaze kwemeza ko Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza.


Alida S.

Messages

  • Nagira yemera kurekura manda ya 3 hanyuma abari mu myiyerekano akabasaba kudasubira kuja mu mabarabara

  • Ariko mu mbonerakure zirirwa ziratera abantu umengo harimwo abana batarakwiza imyaka? None bobo ntibakeneye kwiga? Ahubwo aratangaza. Anywanishe abarundi yisunze ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha, kandi nawe ubwiwe azi ko yarihonyanze? Abo bapfunzwe nabo, nubundi bategerezwa kurekurwa kuko ntaco bagirizwa! Nikimenyamenya nuko ababahamagariye mu myiyerekano badapfunzwe! Kandi ntibinyegeje bakorera kumugaragaro!

  • umutware mwiza akunda abatwara ntameze nka petero nkurunziza. umuntu adashobora no kwibuka ko amasezerano yi Arusha ariyo yatumye ava mwishamba akicarana n,abo batopfuye bicaranye! naho yoyitwara nta teka azigera ahabwa n,abo atwara kuko nawe ubwiwe adashobora kwubaha amategeko. kira noneho iyo mandant ntayo tumuhaye.

  • Aho muravye peresida arafise umutima wogutwara igihu ushima nabibonye kuva muri 2005 agitwara kuko gutwara ubwambere uba ufise don naturel uvukana ukaca ushirako ibweng mwomwishiri kubvyerekeye gutwara akiko kobitwaza amoko, kuva 2005 havuye umuhutu gushika ubu rero ntiyibaz kotutabona kndi nubukene bwariyongeye ahubwo natuve mumaso twamuhaz nagende abwire shetani ko vyasenzwe bidakunda ko abasenzi aribenshi kndi abasenga babandanye kuko hasigaye agatsi kanyuma mwumvise nabari murwego rw’igendereza babivugiye mumahanga ingene vyateguwe nukuntu bazokwica abari mumyiyerekano nabayiteguye. Dukomeze urugamba Imana turikumwe atarimw asenga perezida.

  • ubona iyo avuga ati kubwo urukundo nkunda abarundi iyi mandat ndayiretse nari kumushimira.nayo ivyo yavuze ntakundi yari kuvuga.

  • urakengerana wa mugabo we!

  • BIGIYE GUKOMERA,BAGARUKANYE IVYO GUTURIZA AMAPINE ABANTU,HASIGAYE IBTERO KMBARABARA.NAGAHINDA PE.

  • Mubisanzwe je nkico novuga nuko nyakubahwa umukuru wigihugu arazi nezako abanyagihugu bamwizeye bakahamushira ariko ubunaho ntibamushaka bashaka guhindura bahashire uyundi rero nibazako yoborohereza akabashirira aho bashaka kuko kubica nokubafunga canke kubasinzikariza ubuzima ntacobimaze none niyabamara kandi ashaka gutwara azotwara bande?

  • Imyiyerekano iriko ibera mu Burundi ikijuju kiyita 3 mandate ariko siyo nagato kuko ubonye basubiriye guturira abahutu mu nyakabiga nagahitiye muri ayo ma quartier nyene nakamaramaza,EEEEEEEEwe muhutu uri inyuma yabo bari mu migimuko umenye nezako nawe buca bakwambika I pneus kuko abatutsi ntarukundo rwabo,Ahubona ntako umukuru wigihugu Atari yagize kugira bose babeho neza ariko nibo babaye abambere mugusubira guturira abantu.
    Ikibwirwa nicumva.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.