IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza avuga ko ukwitoza kwiwe ari ikibazo c’amategeko

Petero Nkurunziza avuga ko ukwitoza kwiwe ari ikibazo c’amategeko

vendredi 19 Kigarama 2014

Inyishu y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ku kiringo ciwe ca gatatu yabaye iyo asanzwe yama ashikiriza ko umugambwe CNDD FDD akomokamwo ariwo uzohitamwo hisunzwe amategeko, uwuseruka mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu 2015.

Mu kiganiro n’abavugizi bose b’inzego za Reta, cabereye mu ntara ya Ruyigi kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, abamenyeshamakuru bagarutse ku kibazo kimaze umwanya munini mu mpari, ku bijanye n’ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu kiringo ca gatatu mu mwaka w’2015. Mu nyishu yatanze muri ico kiganiro, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko uko yama abivuga, uwitoza kugira aserukire umugambwe, ategerezwa gutangwa n’umugambwe akomokamwo. Petero Nkurunziza ati : "Si umuntu ahaguruka akavuga ko akeneye kwitoza aserukira umugambwe."

Ariko rero muri ico kiganiro, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntatomora namba yoba amaze gutwara ikiringo kimwe canke bibiri, akamenyesha ahubwo ko ico kibazo ari ic’amategeko, agasaba ko abakeneye umuco kuri ico kibazo borindira inyishu ya sentare yubahirizwa ibwirizwa shingiro, kuko ari ikibazo c’amategeko cokwishurwa n’inzego zibijejwe.

JPEG - 36.3 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu kiganiro mu ntara ya Ruyigi

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asaba abakeneye kumenya namba azokwitoza, ko borindira umurwi utegura amatora agahamagaza abazohiganwa, n’umugambwe wiwe CNDD FDD akabanza ugakora kugira uhitemwo uwuzoseruka, hisunzwe amategeko. Tubamenyeshe ko mu birori vy’ukwugurura ingoro y’umugambwe CNDD FDD muri komine Kayokwe, intara ya Mwaro ku genekerezo rya 13 Kigarama 2014, umukuru w’umugambwe CNDD FDD, umushingamateka Pascal Nyabenda, yamenyesheje ko vuba cane ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD rizokorana kugira bushikirize uwuzoserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka w’2015.

Photo: Presidence


Egide Nduwimana

Messages

  • YARI INKINAMICO NGO NI IKIGANIRO ..!!!MBE NI KUKI ATESHA UMWANYA NGO NI IBIGANIRO???MBE NONE NGO IMBONERAKURE NI INTORE??MBE NGO BA RUKOTI NI IBISANZWE???NGO KO DOCUMENTATION ITUNGA INKOHONI IBISANZWE ..YEMWE IYO NI LETA NYENE YA PETER YAMARA TWARAGUHINYUYE ABAZI UBWENGE ..URAHENDA ABO MUSANGIRA INANASI KU MITOTO..

  • UMENGO YISHURA NEZA REKA RERO TURINDIRE UMENGO SIKURE •••BUCE TUHABONE KOMERA AMATEGEKO NTAREGWE KUKO IBARA RYOGWA!!! MURAKOZE

  • biramaramaje we!!nagira ndababwre amategeko ntiyigera asumba ukuri kumuntu basa nabamwe bambaza imana baye kwba kwica nibindi!!!atakuri ntakuri atabushingantahe ntabwo!!ivyorero turabimenyereye!!kabuhanuzi arazi iyo yavuye nkuyama abivuga ntazeyemere nahobomutora bamuhenda ubu ahandiho vyokunyuka arakwirikiza ayomategeko avuga turarindiy usanga mub cdd ariwebafise wenyene nacababogoza bose kuko bakorivyobatazi kabisa vyongeye ntibitangaje!!!!!!

  • Ariko ubona umukuru wigihugu yorinda ageramwishamba wewe canke abawe bagezehega Ntakiarthemon???!!!.

  • Ndashakako abantu dutahura Ko amategeko arikintu cizacane gusumba ukuri kwumuntuwese yiyumvamwo, nkubu uwombara ngovuhe ukondavyumva kukwitoza kwa Nkurunziza nobivuga ukondavyumva, uwobaza nuyundi yovuga ukwavyumva gurtyogurtyo, ariko muduhaye igitabo kirimwo amategeko tukagisoma ntanumwe muritwebwe yovuga ukwavyumva twese twovuga ivyanditsegusa atanakimwe duhinduye tugassrura imvugo zisa, ngahorero ahatuma nemeranya numukuru w’igihugu 100% kuvugarero ngwazokwitoza azobibwira abobasangiye umugambwe nibamusaba kwitoza kandi nabo icogihe ntibazogenda batabanje kwiyumvira icamategeko asaba kubuntu azokwitoza kugirabamenye ibizira nibitazira kumuntuwese azomwitoza. Harihico gomba kubabwira, mbemuraziko umuntu niyoyoba amategeko amwemerera kubayokwitoza

  • ingo witoze ukushaka ??ntakibazo twebwe tukubajije gusubiramwo iyandikwa kugira bimereneza ??hanyuma ucuza nAho mwogerako uwundi wakabiri mube 2 dd??nonevyose iwawe wishuye ko cni kuraba amategeko ???wewe kwitoza kuraba amategeko !!!!!!!????mbe niwewe na cni amategeko yoseeeee yigihugu,yubahiriza gusa?????arikoho ntasoni kuberiki,ugaya abutwara???ubuna uburasha iki???umbwenge??inguvu???reka mwanA wamama jinama nabarundi,bose ?? Kugira igihugu cogorore???ubuna imigabi,yaza avoca nanasi,kuvyara gusa ::koko mukuru wigihugu ariryo terambere,abarundi dukeneye

  • Nukuri turaziko kanyakwubahwa karyoha,ariko,rugiravyose namuje mumutwe,nkurunziza arekure ubutegetsi!basokuru barayamaze bati akaryoshe ntigahora mwitama.shirahintahishize

  • Kuvyo ukwitoza kwa Peter,kubwanje hamwe abarundi bose boba bemera ayo mategeko,ni bayakurikize,namba ikibazo kiri kuri Peter,ni basome ayomategeko,bayakurikize,basanze atari"umurundi"aho no gutora ntiyotora,boca barondera uwundi mu candidat,nakare muri cndd-fdd hariho n’abandi batari bake boja mwico kibanza uwo bitobera ni nde?noneho twebwe tuzotora imigambi y’umugambwe ni mureme.Ariko ntihagire uwakwa uburenganzira mugihugu ciwe, ni babareke bakurwemwo n’amatora gutyo bizogaragara ko abarundi benshi tukimwera canke tutakimwemera.Erega nta mutware aba mubi cicwa n’abarongozi,aha na jewe bohanshira ndafise imigambi myiza nokorana n’abandi barundi igihugu kigatera imbere.J

  • hahahahahahahaha!!!ew dd wari watanguye neza ariko amaherezo yawe ni mabi.ibi vyose bivuye kuko" Utumviye" Uhoraho"pole Sana Ariko Wogaruka Yokwakira Kuko Ni Umunyembabazi.Ihane Garuka Cabugufi Pfukama ,borogera Imbere Y" Uhoraho.

  • Usomye neza amategeko udashizemwo ivyipfuzo n’ibishobisho ntiworonka ingene umubuza kwitoza. Ingingo za 7 na 186 zivuga ko umukuru w’igihugu atorwa n’abanaygihugu rimwe rishobora kwisubiriza rimwe gusa. Ariko ingingo ya 302 ivuga igiye kidasanzwe c’inyuma y’intwaro mfatakikanza ko atorwa n’abashingamateka n’abakenguzamateka. Ni ibihe bibiri bidasa.
    Ariko Amasezerano y’i Arusha , mugace ka 3 k’ingingo ya 7, Umukuru w’igihugu atorwa n’abanyagihugu ikiringo kimwe gishobora kwisubiriza rimwe gusa. Hoho havurwa ibiringo bibiri "mandat", Nul ne peut exercer plus de deux mandats présidentiels". Urumva ibiri mumasezerano y’i Arusha sivyo biri mw’ibwirizwa shingiro. Ikibazo kihari ni uko hadakurikizwa Acord d’Arusha hakurikizwa Constitution.
    Ubundi nabwo iyo ari ibintu bitagiyemwo ubunyonyezi, mugihe dushaka ko abanyagihugu bitwarirwa n’uwo bashaka, bitoreye ntansiguro yo kubuza umuntu kwitoza yohaba. Ikibazo kihaba ni uko amatora atibwa, hagatsinda koko uwo abanyagihugu bitoreye. Kuki bomubuza kwitoza? Ikindi kibazo, ni kuki umuntu yemera akarambarara kwitoza induru zivuga. Atabaye président ntiyobaho. Afise iki agomba gukorera igihugu kuburyo atariwe ahari kitokorwa. Niba ari umugambi yatanguye atari bwaheze, abandi barawubandanya kuko Igihugu ntigihagarara. Ingorane n’uko abatwara bashaka gutwarira mukwaha ntibandike imigambi ngo ababasubiriye bayibandanye; nabo nyene aho kuraba imigambi ifitiye akamaro igihugu ngo bayibandanye baca bashaka kwigirira gwabo bibafitiye inyungu zabo ibindi vyose bagashira hirya, n’ivyari bimaze kubakwa bagasenyura, bigatuma igihugu gisubira inyuma.

    None wumva avuze ko ari ikibazo c’amategeko yavuze iki kindi? Ntvyo kwijijanya, kiretse hamwe umugambwe womwankira ugatanga uwundi awuserukira, ubona ko harya bose bahashaka.

  • Yitoze uko ashaka, atware uko ashaka mugabo amenye ko intabarirwa ibarirwa nuko amaso atukuye, adapfuye apfa yangara nkabandi bose ugira azoca aba exception ntitubona aba president banse kuva kubutegetsi baheza atagize imana ngo apfe apfa yiruka nkakayabu . wait and see.

  • Nareke gufindika abanyagihugu kubijanye nukwitoza burya umojaninguvu utengano niudhaifu narekerabandibatware erega ntanumwe atahagomba!!!!!!!

  • Nareke gufindika abanyagihugu kubijanye nukwitoza burya umojaninguvu utengano niudhaifu narekerabandibatware erega ntanumwe atahagomba!!!!!!!

  • @ Ndavugasimvura, uruciramukaso rugatwaranyiko.

  • @ Ndavugasimvura, ndagusubiriremwo’ uruciramukaso rugatwaranyoko! just wait u ’ll see.

  • Ndabona ntakintu kiriho cobuza uyu perezida Nkurunziza kwitoza nayaba tuzokorera kumategeko. Iconsaba abarundi baserukira abandi nibareke gutumwanya wokuvugango Nkurunziza ntaburenganzira agifise bwokuzokwitoza, ahubwo nibakwakwanye bakosore ibirimwibwirizwashingiro ryu Burundi nibiri muri Acord d’Arush, babihe nkimyaka irihagati 3 ni 5 kugira ayandimatora yomuri 2020 azogere barakejeje gukuramwo utwotunenge turimwo, arikondibaza ko bamwebomuri oppose baherutsekuvugango ntavyovyokureba ahutunenge twobaturi mwiyandikwa ryabazotora bakavugango nugufuta ivyakozwevyose, bazohavabavugango ntavyokureba utunenge turimiri constitution ngwahubwo nugufuta ibwirizwashingiro ryose ryu Burundi! Buryabiyibagizako nabaribo ubwabo uwovugango utunenge bafise mumvugoyabo ngwacabafuta kwitwa abaribo namazinayabo ntabakivurwa. Imanagusa niyitagira utunenge nayabantubose bokw’Isi nihereyeko twese dufise utundenge nambatagukosora kukibaho hakabahari gufuta uwowese yihenze nimuzetwese twifute mwinosi.

  • Nareke gufindika abanyagihugu kubijanye nukwitoza burya umojaninguvu utengano niudhaifu narekerabandibatware erega ntanumwe atahagomba!!!!!!!

  • MBEGA AHO MUHANDWA KURURIMI NTA BIRENGE MUFISE?NDABUMVIRIJ NUMVA ITABI RYARABISHE.VUGA MAK MUKIZ UBUZMA.REKERA POLITIKE ABO IBESHEJEHO KORA AKAZ KAW.USHAKA KUBA NDE,GUTWARA IK?

  • @Ntiwihebure: Umbabarire kuko inyishu ngire ndaguhe ku ciyumviro cawe sinshobora kuvugamwo vyinshi kubera ibihe turimwo. Nashaka gusa kukumenyesha ko twisunze amategeko agenga Uburundi, Petero Nkurunziza ntiyemerewe kwitoza muri 2015 canke muri 2050. Sinumva n’igituma abanyamakuru bagaruka kuri ico kibazo. Niyaba ashaka kwitoza, qu,il le fasse.
    Ntihagire rero uwusubira kudusamaza. Ikibazo nyamukuru ubu si ukwitoza kwa Nkurunziza ni ingene ducungana na CENI kugira tuyiteshe kwiba amatora — nivyo bayishinze, kandi gushika ubu ibikora neza kubwa Peter! Un message a Nkurunziza: ubu busuma budahagaraye, imbere si heza!

  • @ Renaissance, imbere hacahabahabi kubera itsinzi ya CNDDFDD biboneka kwari Cash? Mushaka mwogezaho kugumamwopangisha utwodufuti ngomuzokora kuko abazotubabuza biteguye kuzotubahagarikirako imbere yimiruango yamazuyanyu.

  • NDATANGAZWA N’UKUMVA ABANTU BAVUGA KO BIZ AMATEGEKO ARIKO NTIBAYA NTIBAYASIGURE KUMW.NIMBA AMATEGEKO AMWEMERERA KO YITOZA ARITOZA ,ATABIMUREKURIRA NAHO ARABISA ABANDI

  • WEWE IRAGIRYAGAHUTUREMI NDAGUSUBIREREMWO YITOZE ABADANYE YITOZE ATWARE AMENYE KO UBURUHIRO UMU PRESIDENT WESE YANSE KUVA KUBUTEGETSI NEZA AHAVA NABI ATAGIZE IMANA NGO APFE YIRIYUKA NKAYABU WAIT AND SEE URAYUMVA NEZA.

  • Peter muramutinya cane?reka yitwarire se barundi tuzomuhunde amajwi izo za ikibiri zimaramare naho abo bavuga akajagari kazoherera munzu zabo

  • @ Renaissance.
    Ivyo uvuze ko atemerewe kwitoza ntutubeshe nta nahamwe bitomoye neza hariho ingingo ziboneka ko zoshobora kumuha uburenganzira bwo kwitoza. Muri arya mategeko hari confusion abayatoye ntawubizi ko bashaka kuyirabisha ko kugira nibaba aribo batwara bizoborohere kwibandaniriza. mugabo urabona ko afise akanenge guko ariko adutera ingorane. Mu bisanzwe imyaka icumi pour un president irakwiye nta numwe dushaka ko yoyirenza ivyo aba atakoze muri iyo myaka icumi biba vyaramunaniye. Personnellement ikiringo ciwe ndabona ko cari carangiye mugabo winjiye mu mategeko hariho igice kimuha uburenganzira. Iyo biba vyashoboka abo twosize imbere yubutungane ntiyari Peter, mugabo abashizeho arya mategeko adatomoye,kandi biraboneka ko nabo nyenebashaka kwikwegerako.

  • @Twaje:
    Uritiranya ibintu. Imbere ni habi kuri Nkurunziza wenyene, ku gatwe kiwe, be n’zindi ntagondwa nka we, apana kuri CNDD-FDD. Nta ngorane dufitaniye na CNDD-FDD. Intsinzi iyariyo yose iciye mu kuri tuzoyigina twese. Ivyo rero vyo kutubwira ko mwipanze, ntawe bigitera ubwoba. Na twebwe turitunganije. Ico womenya nuko amatora ya 2015 bitagikunze ko muyiba. Ngire ngucire agace: Nkurunziza akitoza, CNDD-FDD irahakwa gusambuka. Ndabisubiyemwo: imbere si heza kuri we.

  • KO YEMEREYE OBAMA IN USA KO ATAZORENGA KUMATEGEKO YA MANDAT IRENGA ZIBIRI NONE AZOBASIGURIRA GUTE KO DUTUNZWE N AMAKUNGU ????YEMWE NUKO NYENE ITERAMBERE BARIHAMVYE NIMUHOHOSHE NTA KUNDI!!!!

  • @ Renaissance, iyomvugoyawe muri CNDDFDD bariyigisha abanywanyi babo Ko bategerezwa kwirinda uwuzoza abatandukanya akoresheje imvugoya’ wewe urimvugakuri gusumba bagenzibawe musangiye umugambwe, urumvako iyomvugoyawe yokwerekanako CNDDFDD arinziza ngwariko ngo Nkurunziza nakarwi ngwimbere nihabi umu CNDDFDD aharihose acamenyako ahohabi hatari ahabantuzeya ahubwo ubariho ubifurizabose, mbereMboneyeho nokubwira nabandi banyamigambwebose ntibazigere bemerera uwuza abacamwo ibice akoreshejekuvugango mwebwe muribeza gusumba abandimusangiye umugambwe, murakwiyekwamamwitwararikacane Ko unguvuzibazarihamwe zimaze kutatana mwese mubamugiye gupfankifuyimijiro, babandinabo bacugango wewe ntumeze nkabagenzawe bamaze kubonakuriwenyene bacabatangura kuzabaragucokoza ukwobishakiye kuberabaziko bamaze kugumurako inguvuzawezose.

  • @renaissance mwana wamama.reka abo nibakaburungu naho wohonda mumutwe bandika ivyo babariye ahandoho umushahara ntiboronka??nkandi uwo numuntu umwe yandika kugira,bereke abantu ko hari abari inyumayabo??ntibagukange ivyo wanbabariye nukuri (imbere siheza kuri dd,no kuri nkurunziza) komera ncuti kuko turipaze bikwiye

  • @Mugenzi Aaron:
    Hariho akarwi ko muri CNDD-FDD kihaye umugambi wo kwemeza abarundi n’amakungu ko amategeko y’Uburundi ADATOMOYE kukwitoza kwa Nkurunziza muri 2015. Benshi rero, nawewe urimwo (malheureusement), baguye mu mutego wo kwemera KO AMATEGEKO ADATOMOYE. Reka ndabivuge ubwanyu: Nta na kimwe kidatomoye mu mategeko y’uBurundi: Nkurunziza ntarekuriwe kwitoza kuba umukuru wigihugu kuva mu matora yo muri 2015 gushika yitabe imana. Abamubwiye ko amategeko adatomoye baramuhenze kandi ahakwa kubizira. Hariho ibindi nari kuvuga mugabo ngejeje aha, gushika muri mai 2015.
    @Twaje: umugani wa mugenzanje Nwari, nta kamaro kukugusigurira. Iyo umba hafi nogucapiye ngira niho wokumva. Icishe uburundi si CNDD-FDD, ni ubujuju n’ubuhimbiri (dixit Rwagasore) bw’akagwi kaborewe n’ubutegetsi. Amaherezo y’ako kagwi si meza. co kimwe na Nkurunziza ashatse kudadaza. Kandi nta ngwano iri imbere, kuko ntikenewe. Muzotsindwa mutagwanye. Ntuze uhindure ako kazina kubuhizi kawe kuko nzokwibutsa ibi ndakubwiye.

  • Ni bamureke yimanurire ama anteni nk igifyera.

  • Nkurunziza Numugaboqe Uburundi Yabuzanyemwo Inkurunziza Koko Ndamushigikiye %

  • YAVUYEHO UMUTEKANO KOWABONEKA NIMPUZI TUGATAHA UBU NDI MURWANDA ARIKO NDUMURUNDI IWACU NIMUKIRUNDO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.