IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza azokwitoza niyabisabwa n’umugambwe wiwe CNDD-FDD

Petero Nkurunziza azokwitoza niyabisabwa n’umugambwe wiwe CNDD-FDD

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Mu gihe ikiringo c’uburongozi bwa Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi kizorangira mu mwaka w’2015 kandi bikaba bitegekanijwe n’ibwirizwa shingiro ko ata bushobozi buhari bwo kwisubiriza, umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ntahisha ko ashobora gusubira kwitoza.

Abatari bake bahora biyumvira ko bishoboka ko yongerwa ikindi kiringo. Petero Nkurunziza, ku myaka 49, yashitse ku butegetsi mu mwaka w’2005. Kubw’iwe, umugambwe CNDD-FDD akomokamwo niwo uzofata ingingo. Amenyesha ko azogamburuka nibamusaba gusubira kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu.

Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ashikiriza kandi ko imigambwe ibanye neza mu Burundi, ivyo mbere bikagaragazwa n’itahuka rya bamwe mu banyepolitike batavuga rumwe na Leta. Aho yatanze akarorero ka Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD na Pascaline Kampayano wo mu mugambwe UPD-Zigamibanga, bahora mu buhungiro mu mahanga.

Twashimye kubashikiriza ikiganiro Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yagiranye n’ikinyamakuru “Jeune Afrique”, igihe yaravuye mu rugendo rwo gutsimbataza imigenderanire mu gisagara ca Paris mu gihugu c’Ubufaransa.

Mwaraganiriye na François Hollande ikibazo co mu gihugu ca Mali. Kubera iki mwafashe ingingo yo kurungikayo ingabo?

Pierre Nkurunziza : Igihugu c’Uburundi gisanzwe gifasha ibikorwa vyo kugarukana amahoro mu bihugu biri mu ndyane, nka Somaliya, Soudani, Haïti na Côte d’Ivoire. Ku vyerekeye igihugu ca Mali, twashatse guterera agacumu k’ubumwe abadufashe mu mugongo mu mwanya twari mu ngorane. Aho nshaka kuvuga igihugu c’Ubufaransa.

Twahuye n’ibibazo vyinshi kuva turonse intahe y’ukwikukira mu mwaka w’1962: harabaye indyane muvya politike, indwano irasutama, abarundi amamiliyoni baricwa abandi barangazwa, abatowe n’abanyagihugu baragandagurwa, vyasavye ko abatavuga rumwe bemera kwicara hamwe baraganira. Muri uwo mwanya, Ubufaransa bwaratubaye hafi.

Muri ino misi, akarere Uburundi buhurikiyemwo havugwa imirwi irwana, Mwibaza ko amasezerano yateweko igikumu i Addis-Abeba, igenekerezo rya 24 Ruhuhuma, hagati y’ibihugu biri mu nama mpuzamakungu y’ibihugu bihurikiye mu karere k’ibiyaga binini azofasha kugarukana amahoro mu buseruko bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Congo?

Gutera igikumu ku masezerano ni kimwe, kuyashira mu ngiro ni ikindi. Ariko nta nkeka ko ivyakorewe i Addis-Abeba ari intambwe ya mbere.

None hokorwa iki? Kurungika ingabo zigenga zijejwe kugenzura imbibe?

Ku bisanzwe niko vyotegerezwa kugenda ! nta n’umwe atazi ko igikorwa c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kitashoboye gushika kw’ihangiro.

Tuje mu buzima bwa politike y’igihugu c’Uburundi. Urwego ruserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, riheruka gutunganya inama yahuje abanyepolitike baba abo muri Leta n’abatavuga rumwe na Leta. Ariko naho vyagenze uko imigenderanire isa n’iyitari myiza.

Sivyo na gato. Vyose bigenda neza cane ! Ntitwitiranye imigambwe n’abantu. Jewe nk’umurundi, dukwiye kwikeza kuvyo tumaze gushikako. Ingendo ya demokarasi igeze kure kandi nta nkeka izotsimbatara, naho rimwe na rimwe utugorane tutabura. Utwo natwo nta handi dutorerwa inyishu atari mu kiyago camaho hagati y’abarundi.

Ikiringo canyu c’ugutwara Uburundi kizorangira mu mwaka w’2015. Mwoba muzosubira kwitoza ?

Umuntu ubwiwe siwe yitanga ngo ashirwe ku rutonde rw’abitoza. Naho abarundi bose bakwije ibisabwa n’amategeko barekuriwe kwitoza, imigambwe itanga abayiserukira mu matora atandukanye. Itunganwa ry’amatora rishingira ku mategeko ayagenga, ku bwirizwa shingiro, ku murwi w’igihugu wigenga utegura amatora, kuri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Izo nzego zose zijejwe kugenzura ko uwatanzwe n’umugambwe akwije ibisabwa n’amategeko…

Ariko muzokwemera gusubira kwitoza umugambwe murimwo niwabibasaba ?

Umugambwe wanje niwabona ko ari jewe mbereye kuwuserukira mu matora y’umwaka w’2015, vyubahirije ibwirizwa shingiro, n’itegeko rigenga amatora, nzokwitoza.

Ntimuzoba muhonyanze ibwirizwa shingiro ribarekurira ibiringo bibiri gusa mu mabanga y’umukuru w’igihugu?

Ivyo bizodadanurwa na Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro hamwe n’umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora. Izo nizo nzego zifise uburenganzira bwo kwemerera canke kwankira uwitoza.

Umurwi w’igihugu ujejwe ukuri no kurekuriranira watevye gutangura. Hoba hari intambamyi ?

Nta ntambamyi n’imwe ihari. Leta y’Uburundi iramaze kugira imibonano myinshi n’abatari bake biga ibijanye n’ishirwaho ry’uwo murwi. Integuro y’itegeko rigenga uwo murwi yarakozwe, irirwa kandi iremezwa na Leta. Ubu igeze mu nama nshingamateka. Vuba uwo murwi uzotanguzwa.

Muvuga iki ku rubanza rw’umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki yaciriwe urubanza rw’umunyororo w’imyaka itatu, aheruka kurekurwa vyagateganyo igenekerezo rya 6 Ntwarante ?

Ico ni ikibazo co mu butungane. Hassan Ruvakuki ni umunyagihugu w’umurundi nk’abandi. Uburundi nabwo bugengwa n’amategeko aha ubwigenge ubutungane. Iyo hari umunyagihugu akurikiranwako icaha, aronka uburenganzira bwo kurondera uwumuburanira. Ababuranira Hassan Ruvakuki barakoze akazi kabo. Uno musi yahawe umwidegemvyo vyagateganyo ku mvo z’amagara yiwe. Tureke ubutungane bukore akazi kabwo, abamuburanira ukwo nyene.

Ubwo urubanza rwiwe ntirwahawe intumbero ya politike ?

Habe namba. Kuva mu ntango, yararengukishijwe kandi vyose vyisunze amategeko.

Kubera iki Ruvakuki atohabwa ikigongwe c’umukuru w’igihugu ?

Ikigongwe c’umukuru w’igihugu gifise inzira bicamwo kugira gitangwe. Urwego rukuru rw’abacamanza rubanza kuvyiga. Umukuru w’igihugu ntashobora kugira ico abivugako ibikenewe vyose bitarigwa.

Abamenyeshamakuru bo mu Burundi bariyamiriza integuro y’itegeko rigenga umwuga wabo. Kubw’abo iryo tegeko rizotosekaza ubwigenge. Mwumva bidateye amakenga ?

Namba inzego zose zoshaka ko amategeko ategurwa uko zivyipfuza, igihugu coca kigora itwarwa. Abamenyeshamakuru bategerezwa kugira amategeko abagenga co kimwe n’abandi bose. Ni kubera iki hoba ubudasa ? N’umukuru w’igihugu arubahiriza ibisabwa n’ibwirizwa shingiro. Iyo amategeko atubahirijwe, mu gihugu haba akajagari.


Egide Nduwimana

Messages

  • ndi ELYSE NIYONKURU mba ADELAIDE mvamuburundi nicogihugu canj iciyumviro canj nik; [mbega abo bari barongoye iyindi migambw , bakaba bahungutse.mwoba mwumva kobazosubira kwitoza ? 2.mbega abarundi ntabwoba bafise kwaya matora yimirij kombona bamwe mubaribarongoye abandi bahunze ,abandi bagapfugwa ;abandi bagapfa ;ubuho ndikondibaza umengo nibindi. mbega mwumva hiteguye imigagwe ingah? cank abaserukira iyindi migambwe mubiganiro bagirana naba NYAMAKURU bavuga ik? amatora simabi nuko gusa ahitana abanyagihugu benshi mumyiyamamazo .

  • Jewe nitwa Bigirimana Alex,President Nkurunziza nareke abandi batware ivyo kw,itwaza umugambwe sivyo.hamwe asubiye kw,itoza yoba ariko ahonyanga ibwirizwa nshingiro ry,uburundi.dukeneye umuntu ave mumugambwe uwariwe wese atorwe n,abarundi.hama akorere uburundi.cane cane ageze k,uburundi amahoro niterambere.

  • Jew mba mu Rumonge uwurota avugako Nkurunziza ko atazokwitoza nateshwe ate? Igifaransa kirasobanura neza yuko afise umwanya wokwitoza.

  • YEMWE NAREKE KWITOYA ABANDI BARAKENE KURONGORA KINO GIHUGU KUGIRA NATW ABANYAGIHUGU TURABE UWUZANA ITERAMBERE KURUSHA UWUNDI .

  • NONE MUBONA ABARUNDI BOBA BAMWIYUMVAMWO NABATAMWIYUMVAMWO ARABAHE,BENSHI? HOHO NTARASINYA

  • Nukuri Uburundi Bugezahatemba Muga Kimwe Gusa Nyenicubahiro Umukuru Wigihugu Nave Mugacerere Ahubwo Arabe Ikibereye Kugira Nguburundi Ntibusubire Muntambara Kuko Nakurikize Ivyamabwirizw Shingiro Yemeza

  • Turanezerew Cane Guko Atwara Neza

  • Jewenoneko Ubwihererobwamato Usangayo Udusandugutubiri Ushirahushaka? Jewesindatoranarimwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.