IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza mu rugendo mu gihugu ca Iran

Petero Nkurunziza mu rugendo mu gihugu ca Iran

mardi 9 Ndamukiza 2013

Umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza ararindiriwe kuri uyu munsi wa kabiri i teheran ,umurwa mukuru w’igihugu ca Irani aho azomarayo imisi itatu.

Umukuru w’igihugu Nkurunziza akaba ariwe arongoye intumwa zirimwo abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu ,uwo uburimyi n’ubworozi ,uwo ubudandaji ,hamwe n’uwo amashure y’intango n’ayisumbuye.

Izo ntumwa zikaba zitangiye imbere umukuru w’igihugu kuko zo zagiye ku musi wa gatandatu aho ziriko zirakora ku ma dosiye amwe amwe imbere yuko umukuru w’igihugu ashika.

Amasezerano menshi y’imigenderanire n’ayandi makungu azosuzumwa yongera aterwe ko igikumu.bikaba vyerekeye uguteza imbere hamwe no gukingira imitahe hamwe no guhanahana ibidandazwa.

Hari amasezerano mu bisata vy’uburimyi,c’amagara y’abantu,gukingira amashamba,hamwe n’inyigisho mu kazi n’ivyo bizoshirwako igikumu muri urwo rugendo.

Ku nteguro y’umukuru w’iguhugu mururwo rugendo azobonana n’umukuru w’iguhugu ca Irani ,Mahmoud Ahmadinejad hamwe n’umuyobozi mukuru w’ikislamu,Ayatollah Sayid Ali Khamenei.

Abo batware babiri bakazoganira n’umukuru w’igihugu c’uburundi ku bintu nkenerwa vya mbere muri politiki,mu butunzi,mu mibano,hama bongere babone aho uburundi buhagaze kuvyerekeye ibiriko biraba mu buseruko bwa republika iharanira demokrasi ya congo,somalia,mali.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.