Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero NKURUNZIZA : «Tuzobaho igikenewe ni ugukura amaboko mu (...)
Petero NKURUNZIZA : «Tuzobaho igikenewe ni ugukura amaboko mu mpuzu»
dimanche 1er Rusama 2016, par
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA amenyesha ko umunsi mukuru w’abakozi n’akazi uhimbajwe mu gihe amakungu, cane cane abagize ishirahamwe rya Buraya, aho kubandanya gutera intege igihugu mu migambi cari ciyemeje kurangurira hamwe, bahisemwo kuyigitana.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko Abarundi bazobandanya kubaho, ariko ko igikenewe ari ugukura amaboko mu mpuzu, bahinduke, bagwize umwimbu, bawubungabunge neza ku neza ya bose.
Ijambo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashikirije mu gihe Abarundi n’amakungu bahimbaza umunsi mukuru w’abakozi n’akazi
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,
1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yama ituja imbere mu kurangura imirimo yacu. Nihabwe icubahiro.
2. Ukwo umwaka utashe, twama twifatanya n’amakungu mu kwigina umusi mukuru w’abakozi n’akazi kw’isi yose, wama uhimbazwa igenekerezo rya mbere Rusama, ukaba wahimbajwe ubwa mbere igenekerezo rya 01 Rusama 1886.
3. Mu kuwuhimbaza, twifatanije n’abakozi bose bo mu Burundi n’abo mu bindi bihugu, mu kwibuka igihe abakozi isinzi bo muri Amerika ya ruguru, cane cane abo muri Chicago aho bagira imyiyerekano, basaba ko abakoresha bobagabaniriza amasaha y’akazi gushika ku masaha umunani ku musi, kuko bakora amasaha y’umurengera.
4. Kw’izina rya Leta turongoye no kw’izina ryacu nyene, turipfurije umusi mukuru mwiza abakozi bose : baba abakozi ba Leta, abikorera utwabo, abanyamyuga n’utugenegene, eka abo bose bafise umurimo ubabeshejeho n’imiryango yabo, kuko twese turi abakozi, dusangiye izina n’iteka twatewe n’Imana vyo kuba abakozi.
5. Icivugo c’uwu musi kikaba ari : « Dushire hamwe, tugire urunani rw’intamenwa, duteze imbere igihugu cacu ».
Barundi, Barundikazi,
Bakozi, Bakoresha,
6. Kwitwa umukozi ni iteka rihambaye. Ariko nkuko ba sokuru bayamaze : « Uwambaye ikirezi ntamenya ko cera ». Birababaje, kuko iryo teka kenshi turibona iyo tutakirifise.
7. Uwu musi ni tuje hamwe abakozi n’abakoresha, dusangire utwo twabiriye akuya, akuya k’iteka kavuye ku bikorwa vy’iteka turanguye, ibikorwa biteza imbere igihugu cacu, kanatsinda igihugu gitezwa imbere na beneco, si abanyamahanga bazogiteza imbere, ariko twese twunganirana kuko ata gihugu na kimwe kw’isi kiriho cikwije.
8. Uwu musi mukuru kandi tuwuhimbaje no mu gihe amakungu, cane cane abagize ishirahamwe rya Buraya, aho kubandanya badutera intege mu migambi twari twiyemeje kurangurira hamwe, bahisemwo kuyidutana ngo tugwe mu kaga, ariko ntaco tuzoba, tuzobaho igikenewe ni ugukura amaboko mu mpuzu, duhinduke, tugwize umwimbu, tuwubungabunge neza ku neza ya bose.
9. Ni co gituma dushimira cane abenegihugu, abakozi n’abakoresha bagumye ku kivi kandi n’ubu bakiriko, bigatuma twizera ibiva mu maboko yacu aho kuzera inze, nakare abarundi barayamaze bati : « akimuhana kaza imvura ihise ».
10. Ariko rero nitwumve neza, ntitwanse abaduterera agacumu k’ubumwe mu kurangura imigambi, twipfuza abadufasha mu vyo twumvikanye, ata gasuzuguro n’akagaye birimwo.
- Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA
11. Naho hakiri ibibazo bimwe bimwe bijanye n’ubutunzi, murabona ko Leta ataco itakoze kugira imishahara y’abakozi igume iboneka ku kwezi ku kwezi, kandi ku gihe.
12. Turafise icizere kinini kuko abarongoye ikigo kijejwe kwegeranya amakori (OBR) baraye bamenyesheje ko muri uku kwezi kwa Ndamukiza begeranije amafranga imiliaridi 51, mu gihe bari biteze imiliyaridi 46.
Bakoresha, bakozi,
13. Ikibazo co kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara cafashe umwanya muremure, kandi namwe murabizi ko kitoroshe. Leta rero ntiyayaze amasigaracicaro, kuko yaratanguye gushira mu ngiro uwo umugambi. Ivyo navyo ni ivyo kwishimira, tukanabishimira abakoresha n’abakozi baterereye ivyiyumviro kugira iyi ngingo ishikweko.
14. Mu bijanye no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, Leta irakomeza kwitwararika gufata mu mugongo abikorera utwabo bugurura amashirahamwe. Irabandanya kandi guteza imbere gushigikirana no gutegekaniriza kazoza abenegihugu. Leta yipfuza gushira mu ngiro uwo mugambi gushika ku rwego rw’amakomine.
15. Mu gisata kijanye no kugwiza akazi no kurwanya ubushomeri, Leta yaremeje politique y’igihugu yo kunagura no kugwiza akazi mu Burundi, kugira ikibazo c’ubukene n’ubushomeri bigende biratorerwa inyishu. Ni co gituma, mu ntumbero yo gushira mu ngiro uwo mugambi, Leta yashizeho ikigo kijejwe gukwirikiranira hafi ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.
16. Dusavye rero abarondera akazi na cane cane urwaruka kwitura ico kigo ata kindi kijejwe atari ukwumviriza, kuronderera no kurwiza imigambi itanga akazi ku rwaruka.
Barundi, Barundikazi,
Bakoresha, Bakozi,
17. Imisi yose, na cane cane ku musi mukuru w’abakozi, twama twibutsa urwaruka guhindura ingendo, rukavavanura n’ingeso yo kwama rwiteze ko Leta izoruronsa akazi rwose. Ivyo ni ukubisezerera kuko bisigaye hake kw’isi yose.
18. Aho bukera, twipfuza ko imigambi yo kugwiza akazi no kurwanya ubukene vyoba umwitwarariko udasanzwe mu migambi mikuru mikuru iriko irategurwa mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu cacu, kugira vy’ukuri umwe wese aterere mu gushira mu ngiro politike y’igihugu yo kugwiza akazi no kurwanya ubukene.
19. Kubijanye no kugwiza umwimbu no gukundisha abenegihugu ibikorwa, dufatiye ku mwiherero Leta iheruka kugirira mu ntara ya Gitega, hafashwe ingingo zikurikira :
Ubwa mbere : Ku barongoye abandi, duhereye ku bashikiranganji, basabwe :
Kwama hafi y’abo bakoresha, bakaba ari nabo batanga akarorero, nko mu gutonda kare ku mirimo no kubahiriza amasaha y’akazi ;
Kwama bagisha inama abo barongoye ;
Kugendera ibisata bitandukanye, kwumviriza no gutanga impanuro n’intumbero y’ingene ibintu vyoja mu buryo ;
Gukurikiranira hafi abakozi batagikora neza canke abahembwa batagitonda ku mirimo yabo kugira ngo bazosubirizwe n’abakeneye akazi. Guhemba uwutagikora canke atagitonda ni ubunyonyezi no kwiba igihugu bikomeye.
Turasavye ko hakorwa urutonde rw’abakozi bari bataye akazi bivuye ku ngorane igihugu gihitiyemwo, n’abamaze gusubira ku mirimo. Dutanze ukwezi kumwe gusa aho uwutazoba aratonda ku kazi azoca afatirwa ingingo hisunzwe amategeko.
Ivyo bizotuma ubushikiranganji bubijejwe bumenya igitigiri ntabanduka bakorerako mu gutunganya imishahara n’ibindi.
Ubwa kabiri : Ku ruhande rw’abenegihugu, abashikiranganji basabwe :
Gukomeza kugendera intara basanzwe bakwirikirana kugira basange abenegihugu ku kivi, kwirabira ibibagoye, babumvirize bongere babahe impanuro ku vyo badafitiye inyishu babibashikanire imbere.
Kubera bimaze kugaragara ko abenegihugu bijukiye cane kandi bahurumbira urudandazwa, hasabwe ko imisi y’amasoko yokongerezwa kw’iyinga, gurtyo ivyimburwa bikunda kwononekara bironke isoko, ababirima ntibadebukirwe.
Kubandanya bumvisha abenegihugu kudasesagura umwimbu wabo mu gihe ijuru ryagenze neza, no kutamarira mu masoko umwimbu wabo ku giciro c’intica ntikize, bukeye bagasigara bicuza aho usanga basubira gusuma imbuto ku biciro bihanitse.
Gufata mu mugongo abenegihugu kugira bakerebutse kurusha abandi mu migambi y’iterambere mu kubaronderera uburyo bwo kubakarihiriza ubwenge mu bijanye no kwitunganiriza imigambi.
Kwijukira ibigwati mu kwinjira ibimaze kwuzura, Leta nayo ikazobandanya kubafata mu mugongo mu kubaronsa amasoko, amazi n’ibindi vya nkenerwa ku bantu baba hamwe.
Kuba mu bigwati birafasha kandi gutunganya inyigisho zitandukanye ku rwaruka no ku beneguhugu, na cane cane inyigisho z’imyuga ituma urwo rwaruka rushobora kwibeshaho, mbere rugatanga akazi rwo nyene rudateze amaso Leta isanzwe ifise uburyo buke muri iyi misi ibibazo vy’ubutunzi vyugarije amakungu n’Uburundi burimwo.
Ni co gituma akamaro k’ishure shingiro ari ntangere. Ryakira abana benshi, inyigisho zitangwa zijanye n’ibihe tugezemwo, kandi abanyeshure barirangiza bafise imyaka n’ubumenyi bikwiye bibafasha kuronka canke gutegura imigambi itanga akazi, bagakora ivyo bazi kandi ari benshi ku kivi.
Ubwa gatatu :
Ikindi gikwiye kandi kigiye guhinduka, ni inyifato y’INAMA ZIJEJWE KUGENZURA AMASHIRAHAMWE LETA IFISE MWO UMUTAHE arizo bita Counseil d’Administration, aho usanga abayigize aho guhagararira no gukingira inyungu za Leta, ari bo baja imbere y’abandi mu gutemvya ayo mashirahamwe, haba mu kuja inama n’abayarongoye mu kwiyongera imishahara n’utundi turusho turenze urugero, aho ni aho batamariye ubutunzi bw’ikigega c’ishirahamwe mu ngendo z’urutavanako zo hanze y’igihugu kandi bigaragara ko atakamaro ziba zifitiye ishirahamwe. Ingingo zikwiye zigiye gufatwa kugira ngo ivyo bintu bihagarare.
Ikindi gikomeye cashitsweko, ni abanyuruza itunga ry’igihugu ku ruyeri babicishije mu turusho Leta yemereye abagwizatunga bashira imitahe yabo mu kwubaka amahinguriro, amahoteri n’ibindi bibanza vy’iratiro bituma ubutunzi n’ukuronsa akazi abenegihugu vyiyongera, hanyuma ibikoresho n’ibidandazwa bakuye hanze batabirihiye amakorori, ukazobisanga ku masoko atandukanye bitigenze bitumbera inzira yo kwubaka ico vyari bigenewe.
Kiretse yuko ikigega ca Leta kihahombera ibitagenda, aho usanga ari ukurya imitsi abandi bagwizatunga n’abadandaza barihira bene ivyo bidandazwa amakori n’amatagisi ategekanijwe, tutibagiye kandi yuko ari ugusesagura amafaranga y’agaciro igihugu kiba cabahaye mu kubirangura, mu gihe ayo mafaranga yokoze iyindi migambi y’iterambere.
Aha twobamenyesha yuko Leta iza yarafashe ingingo zikomeye kugira ngo iyo ngendo ituzwe, ku buryo muri iyi misi raporo igisata kijejwe gutanga no gukurikirana ubwo burusho arico bita API, giheruka gusohora, caraye gishize ahabona amashirahamwe 79 .yagiye aranyuruza bene utwo turusho, beneyo bakazosubiza mu kigega ca Leta amafaranga arenga na miliyaridi 81 atari yararishwe.
Barundi, Barundikazi,
Bakoresha, Bakozi,
20. Duhimbaje umusi mukuru w’abakozi impunzi ziri hanze ziriko ziratahuka ku bwinshi. Ibiharuro dufise vy’abahunguka ni ibi : Makamba, 30.000 ; Rumonge, 2.870 ; Kirundo, 2.000 ; Muyinga, 1.150 ; Ruyigi, 620 ; na Cankuzo, 158 ; kandi n’abandi baguma baza.
Turasubiye gutera akamo abatarajijuka ngo batahuke bakorere igihugu cabibarutse, kuko ubuhungiro butigera buba bwiza gusumba igihugu c’amavukiro.
Nibafatire akarorero keza kuri benewabo bariko baratahuka, ubu bakaba bari kumwe natwe mu guhimbaza uwu musi mukuru w’abakozi, bari mu mahoro n’umutekano, basangira akabisi n’agahiye n’abasangwa.
21. Kugeza uno musi, abakozi bari barahunze bamaze gutaha kandi basubiye ku kazi bashika 250, ariko n’amadadosiye y’abandi batahuka akaba ariko arategurirwa mu buzi bari basanzwe bakoreramwo.
22. Iyo bari hose, turabamenyesheje ko umutekano wifashe neza mu gihugu cose kandi ko ugenda utsimbatara uko bukeye uko bwije, kuko bamwe mu bahora bawuhungabanya bishikanye kandi n’abandi baguma bishikana abandi nabo bagafatwa.
Barundi, Barundikazi,
Bakoresha, bakozi,
23. Mu bikorwa vya politike biriko birarangurwa, turabararitse ngo muterere ivyiyumviro n’ivyipfuzo vyanyu mu bikorwa vy’Umugwi w’igihugu ujejwe gufasha abarundi kuja inama n’ingingo, n’umugwi w’igihugu wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe, nkuko Icuvugo ngenderwako c’uno mwaka kibitwibutsa ngo : " Dushire imbere ineza y’igihugu cacu, tuganire ata n’umwe akumiriwe".
24. Imbere yo kurangiza, twashaka kumenyesha ko mu ntumbero yo guhinyanyura ibikorwa rusangi, buri musi wa gatandatu uheza ukwezi hazokorwa ibikorwa rusangi bijanye n’isuku gusa, dutegure za nyabarega, twubake utuzu twa sugumwe mu mihana, ku mabarabara, ku masoko, n’aho hose hahurira abantu benshi, twubake uduserama, ubwogero kandi bikagenzurwa neza hose, n’ibihano bigafatwa ku batazokwitabira uwo mugambi w’isuku. Abatabishoboye bazoshigikirwa mu bikorwa rusangi.
25. Mukurangiza, turashimiye abakozi bitanze, haba mu kugwiza umwimbu canke mu kuwucungera ngo ntunyuruzwe, bagafasha kurangura umugambi w’igihugu wo gutsimbataza umutekano, uwo kurwanya ubukene, n’uwo kurwanya ibiturire n’ibindi vyaha bisa navyo.
26. Turakeje abarundi badasiba gutera iteka igihugu mu makungu, baba abaja gufasha kugarukana umutekano mu bindi bihugu, abaduserukira mu mahiganwa mpuzamakungu kandi bagatahana ibibanza vyiza n’imidari itari mike, canke abanyeshure baba aba mbere muri za kaminuza zo mu bindi bihugu.
27. Turashimiye abakozi kandi kuko baranzwe n’umwitwarariko w’akazi no bihe vy’imigumuko, bagakora bisunga amategeko y’akazi, bakitaba amatora bagatako bagashigikira inzego zayavuyemwo. Turabashimiye kanatsinda aya mahoro n’umutekano dufise uyu musi mubifisemwo uruhara ruhambaye.
28. Turashimiye abo bose bafashije kugira ikibazo c’Uburundi cumvikane mu makungu uko kiri, bakaba nabo nyene bafise uruhara rukomeye mu bumwe, amahoro n’umutekano dufise uno musi.
Abo nabo ni Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ishirahamwe rya Afrika, Ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, abahuza mu kibazo c’Uburundi, n’abandi.
29. Twagomba rero dusubire dutera akamo abakozi bose ngo tuje ku kivi, tugwize umwimbu maze mu mwaka uza nk’aya mango, tuzosangire ku musesekara, mbere tuzocagukishirizeko abanyamahanga.
30. Mugire umusi mukuru mwiza, mwiginane, musabikanye, mwihanagure akuya kandi munezerwe no kwitwa abakozi, iteka ntangere Imana yaduteye. « Dushire hamwe, tugire urunani rw’intamenwa, duteze imbere igihugu cacu »
MURAKOZE, IMANA IBAHEZAGIRE.
IGIHE
Messages
1er Rusama 2016, 20:20, par Nzorubara
Ntavy imisi mikuru turagowe nimuyihimbaze mwege muryohewe, imisi mikuru abantu birigwa baranigwa? Abandi baraswa?
1er Rusama 2016, 20:36, par john
Irambire Mutama, abenegihugu tukuri mu nyuma mu migambi mwihaye nibwo harimwo abagomba gusambura ivyo turimo turakora.
1er Rusama 2016, 21:00, par Didas
Uwoyaramaje Gushara Nibamureke Kuko Ntawundimuti Imana Niyo Izokwirabira Ibihano Akwiye Barundi Twihangane Iyaturemye Iratuzi Uw N M Z M B
1er Rusama 2016, 21:32, par Kamaro
Ewe nkurumbi ntasoni ugira,twebwe abenegihugu batobato tubanerukire turime namwe imisaya yinyo zanyu muyiraramike mu madiva,"uwuramvye azobona vyinshi"
1er Rusama 2016, 21:44, par Richard
Urakoze nawe nyene!
2 Rusama 2016, 01:13, par tari
None wobura kuvuga gutyo wewe umaze imyaka cumi usahura igihugu amatungo yose yigihugu wariyegeranirijeko wewe iyubona urara uriye hamwe numudyango wawe ucawibaza konabandi barundi aruko niwivugire wewe wenyene kugatwe kawe ntihagire umurundi uvugira kanatsinda ntawuserukira ivyo ntawabigutumye none kuvuga Ko uburundi atafashanyo bukeneye nigiki kigutuma wirirwa urungika izomburakimazi zawe mukorana mukumara abenegihugu kwirirwa zibundabunda murivyo bihugu gusherereza mbehoho igituma udahamagaza abowita ngonabaguserukira murivyo bihugu Ngo batahuke kuko vyose wumva uvyishoboreye ahubwo akonagahinda ufise kuko ataco bakiguha ngowongereze kuvyo wirirwa urasahura umunyagihugu nyarucari
2 Rusama 2016, 01:20, par Morodikayi Jon
Evyovyose wavuze nakarimi ntamigambi nimwe ufise yogutezimbere igihugu, atari kwica abenigihugu gusa uzi ntakindi. nuhende ibijuju bitazi ubuzima abakozi babayemwo, jewe nafashe akanya kuganira nabakozi bamwebamwe, babwiye nubundende bahendeshwa ngo numushahara hashika kumwisho baragahejeje bivanye nuko arintica ntinkize, umuryagihugu atari umukoze nawe wewe ntakivuga, iyuba warufise imigambi ntamunyagihugu aba akenye ngaha muburundi.
2 Rusama 2016, 05:28, par MUYAHUDI
NYAKWUBAHWA NDAGUKEJ KWIJAMBO USHIKIRIJ KUNOMUSI WABAKOZI NAKAZI NUKURI NIDUKUR AMABOKO MUMBUZU DUKOR IBISIGAY YESU AZABIHEZAGIRA BZ
2 Rusama 2016, 06:35, par Ndayizeye
Abanyepolitique Bojahamwe Bakiga Ikibazo Camaho Kuko Kwama Ko Hariho Amaho Abantu Bakabandany Bicw Ivyo Birababaje Aband Bakabandanya Bahung
2 Rusama 2016, 06:41, par FDN
didas ntanisoni ufise buriya nimba IMAANA yaramurese igih mwashaka kumute mbagaza nuko yaribona ko abikwiriye so nimba koko wubaha IMANA UBAHA UWUGUTWARA KUKO UBURONGOZI BUBA KUMANA

2 Rusama 2016, 07:37, par Munezero4556
Imana Nawe Iguhezagire Mutama Kandi Ikuje Imbere Imisiyose ; Maze Wime Amatwi Basesankuyoze , Natwe Abamye Bagukunda Tuzokugumizako Umutima Maze Tubwire N’abandi Icyo Wamariye Uburundi N’amakungu ; Imana Ikuzigamire Kubutwari , Igukomezanye N’abarundi
2 Rusama 2016, 08:00, par kamaro
urakoze nyakwubahwa natwe abenegihugu turikukivi, tuzoshigikira twivuyinyuma imigambi yareta twitoreye.IMANA ikutuzigamire.....
2 Rusama 2016, 08:57, par Bizima Emmanuel
Logiquement,ivyo yashikirije ni ubu esikro gusa no gushaka kurema agatima abatwara ngo ntibihebure,at I gute ngo bakure amaboko mumpuzo ngo bazobaho atamurakwiye!mugihe nayinjijwe na OBR aca ashira Ku mufuko na karwi kiwe, ivyo avuga ntanarimwe bijana na realite,akarorero 2010 atanguye manda yakabiri we atamera yavuze ngo :"tolerance zero kubanyuruza itunga ry’igihugu."abo barikumwe ntibamenyako avuga me contraire akarore Gervais Rufyikiri yagerageje kubishira mungiro yavugurujwe kenshi akororero naka musitanteri wa ngozi yahaye mis a pieds barayanka kubera igikumba cibiti yagurishije nutundi turorero,imyaka cumi atwaye igihugu casubiye inyuma incuro nyinshi,ubwe asesagura itunga ryi gihugu nk’umuntu wumuvangero,ago agenda gusarura 500kg ziciye 300mille akoresheje ayarenga 60million mu bitoro ama frais de missions yabamuherekeje,barundi,barundikazi reke ivyo bigumbagumba no kugendera Ku mazuru ahubwo twitwe abarundi kandi kahise gatume duhinduka tuja munzira nziza twubaka igihugu twitwe abarundi ago kwitwa abahutu,abatutsi abatwa,kandi uwo peter nta innovation nimwe yigeze agira kiva ageze Ku butegetsi aho muracamumbwira NGO kuvyara Ku buntu nokwiga kubuntu iyo ni imigambi yisi yose yikinyempumbi mu Rwanda biriyo,Uganda biriyo,France biriyo nahandi none ni peter ahatwara,kuva agiye Ku gihugu ifaranga ry’uburundi ryataye agaciro ibice birenga150% agaca ababwira NGO muzobaho.Ikindi ngo umutekano urakwiye mu gihugu cose ,abajenero,abacolonel,abasuzofisiye icibagiweco ni abanyagigu birirwa baragandagurwa atacamira mugani wabo hama ngo umutekano ngo urakwiye ,hirya yejo I Bujumbura honyene hapfuye abantu indwi,mu Kirundi hapfa babiri muri iyi ndwi,jenerari kararuza n’umuryango wiwe ntandwi iheze bagandaguwe hama ngo umutekano urakwiye no mwijambo yashikirije ntanoguhoza imiryango yabakozi yabuze ababo ni umwicanyi akwije amategeko,kuva uburundi bwikukira ndetse no kuntwaro za CAMI ibiriko biraba Ku Burundi ntivyigeze bibubako.Barundi honyene mwumvirije iryi jambo mukaraba nibiba mugihugu utiravye Ku giti cawe wifate nkumurundi wa umudede canke imbonerakura ntimubonako iryo jambo RYA Nkrunziza ryuzuyemwo uburiganya n’bubeshi?Ndangije nsaba imbabazi uwo wese yosoma ubu butumwa agatirimuka kubera amajambo nakoresheje vabaye ngombwa kuko uburundi bugeze kure!
2 Rusama 2016, 08:59, par SAAA?
ego ni uko
2 Rusama 2016, 09:05, par Kagabo
Komera Mutama. Muhindure Ingendo Abansi Riraniga Ntibatumareko Intwari. Twigishe Kurwanya Umwansi Maze Muduhe Inkoho Twihurire N Utwo Twamujeri Twirigwa Dutera Za Gerenade Mu Masengero N Ahandi.
2 Rusama 2016, 09:06, par neza
muzobaho muzokura amaboko mumufuka abomwamariye kumuhoro kobarikumushiro
uzokorana nande wabamaze
2 Rusama 2016, 09:20, par karorero
Nyakubahwa mukuru w’uburundi watow namamilioni yabenegihugu turakomeye amashi menshi menshi iryo jambo muhaye turyakiranye urweze kandi tugiy kubikora numwete arko bene data ndababajwe nukubona umuntu yiyise izina ryumurundi w’umutima KAMARO iryo siryakamaro dusanzwe tuzi agendera ibanga nukubaha aho abenegihugu bashize niyompanvu dusabye ikikinyamakuru guhora kigabye mugudacisha igitekerezo gikoreshejwe nizina ryuhundi murakoze harambe abarundi nuburundi murakoze
2 Rusama 2016, 10:40, par CAKIRA
Ndabatere inkuru uyu mugabo wijunjanijambo ndamukunda cane,je numuryango wanje twamwise l’Homme Fort ou Burundi(NKURUNZIZA) aba badashimishwa nimigambi yiwe nibabandi bari mutugwi twinkorabara twirigwa tugandagura imiryango nkuyu tari,mordikayi nabandi.Rero nukuraba neza ariko nuko aribake,rero niharambe l’Homme Fort,President de la Republique du Burundi et commenda supreme de Force Armes ,niyirambire uwanka yangare N.B:uyu yiyita kamaro atuka leta ahubwo nugukoresha ladar kugira umuntu amumenye abanibabandi usanga baja kwiba ngo numutegetsi kanaka yabatumye!nuyu nimumundekere nzabahinyishu muminsi mike!!!
2 Rusama 2016, 10:42, par CAKIRA

2 Rusama 2016, 10:54, par karorero
Iyi mbwa bizimana emmanuel turayiteye ibyatsi uwo kuntwaro ya Buyoya yarumushanje checs yarahoneje abene burundi reta turabye uburyo yitanze mwiyimyaka 11ans niyogukeza niyoguha impundu n’amashi ibyo nibyabinyoma badendekeranya ba pasifique bagomba gukubita kudeta inzego zitorewe nabenegihugu ariko ikinyoma nkiki ca Bizimana ntandaro kigifis muburundi mbe Bizima 1972 ibara ryabay uraryibuka??1993 Abafashe umukuru wigihugu atowe namoko yose igihugu cose akijwa nkimbwa numukuru winama nshingamateka nabandi bategetsi bakorana ibara uribonye uyumusi uvugiriza umusuzi aho ushaka wamburakimazi we ubugomba udusubize gutekerwa mukirago tubona ihibambewe intwari zaraje tugusabye guhindura imyunvire yawe nimitekerereze kuko uzorwara ihahamuka yarimpanuro nimba ikiciyunviro cimpanuro mukireke kirengane aho nakoshej muhinyanyure murakoze.
2 Rusama 2016, 10:57, par Pastor Benard
Hi’Burundi! Mimi nimemuelewa president petter nkur.....niwaombe wananchi ambao ni wazarendo mmpende Rais wenu kwa mambo anayozungumza yawezena kuna watu wachache wenye uchu wa madaraka wanataka wapate hiyo nafasi chunguzeni kwa makini msiharibu nchi yenu. Ingawa kuna mtu kanisikitisha anaitwa NEZA kaandika kwa kinyarwanda maneno aliyoyaandika si mazuri kwa jirani yako na kama mwana East Afrika;unataka yawapate yaliyowapata 1994. Tuliyo nje ya Burundi yatupasa kuwa shauri kuwaunganisha wawe kitu kimoja siyo kuwatoa maoni kwa matabaka furani. MUNGU awalinde warundi tunawapenda na tunawaombea! Cheers.
2 Rusama 2016, 10:58, par Honte
Ngo ni umukuru w’igihugu adashobora gukingira abasoda biwe, bamuhezeko nk’ifu y’imijira!None yokingira gute abanyagihugu? Genda utere umupira nivyo ushoboye.
Reka gutyekeza abantu, barara batariye nawe ngo ni muje mu misi mikuru. Wewe n’akagwi kawe murara muhaze Kubera ubusuma no gupfukama mu nda abo mujejwe mukibaza ngo n’abandi n’uko.
2 Rusama 2016, 12:16, par saaaa
nkurunziza ntacyo avuga kuko akomeje kwica abaturage nabanye porotiki umusozowe wageze barikumusakira ikimukwiye
2 Rusama 2016, 17:21, par FELIX MUHIRE
Ariko ico Iman’ishaka kiragaragara neza kuri Pierre Nkurunziza. Ni we Imana yahisemwo ngo ashobore kuyobora Uburundi mur’iki gihe. Imana ni yabishaka, niyo izomubogoza, ishireho uwundi. Ivyo kwicana no gutukana ntaco bizomugira, kandi Uburundi buri n’umuhezagiro ukomoka ku Mana. Ariko abihaye kumutuka no gutuka abategetsi, bagafata ibigwanisho, bakica, bagaturira, bagakwirakwiza ibinyoma vyo gucafuza igihugu cabibarutse kikabonsa, abo bantu bariko umuvumo w’Imana
2 Rusama 2016, 19:46, par Bucanduga
Numusaz Abanyagihug Bazobah Gt Arik Arabic?Nakur Amabok Mumpuz Abandany Yic Ubwok Bw’imana Izobimubaz
3 Rusama 2016, 05:24, par mzoyihera intagoheka
wewe wiyita FElIX MUHIRE reka sha kubesha bantu ngo Imana niyo yamutoye iyuvuga yuko ya towe nasheta niho narikukuva, kuko ninawe asazwe akorera. niwe baze nawe harumuntu yatowe n’Imana anezerwa nukunwa amaraso yabantu ? muvyashikiriza vyose nivyahendesha vyabijuju bigenzumutwe nkuruyuzi gusa.
3 Rusama 2016, 06:38, par Ntakaburimvo.
Nkwibariz Mutama wacu,none nikuberiki uburayi butagifashe munda uburundi?mbeg bwahagaritse imfashanyo bwaribwiyemeje kuberiki?mbega nikuki utacitaba amana yohanze y’igihugu? wewe rero ibihugu usigaye ugendera nama province,muga nivyo iyivuye kuburembo igwakure.
3 Rusama 2016, 08:36, par karima franck
Mungu abaliki incii yetu ya Burundi pia na viongozi,Papa Burundi guma kwivora ntaco uzoba Imana irakubona
3 Rusama 2016, 13:18, par Niyonzima
Uratubesha Mbega Ivyowibwir Ngoduku Amabokomumpuzu Mugumamutwaka Amatongo Turima Ngonayareta Nonereta Sitwebwe Abanyagihugu?Jendumunyakayanza.Badutwaye Imyaba Kuruvubu Ngobahasize Parake Gendamurabe Ntanakimwe Gihar Hamangodukure Amaboko Mumpuzu .Mbuze Uwumpa Inkoho Nomenya Iconkora.
3 Rusama 2016, 22:40, par James
Uwo muntu ashaka kuba umwami kandi atariwe atubwira iki? Kwiba no kwicana nivyo tubona vyeze mu gihugu atwara
4 Rusama 2016, 05:15, par MISAGO MICHERI
KOMERAMUZE GUMYIGIHUGU ABAVUGAYAMUHE BIZOBANYA ESE NTIBAZI KURUMUSENZI ABARUNDI INTARA ZOSE TURIKUMWE UREKE ABAGIYE GUKONBA AMASAHANI MUBUBIRIGI KANDI IWABO HARIVYOSE JEWE NDABAZA ESE IPATAROBAJANYE ZIHEZE KOBIRIGWA BACHINZE AMAVI BASEGA IZINDI BAZIKURAHE IBWA YATWAYE INYAMA IGEZEKUKIRARO IBONA IGITUTU ITAYIFISE ISAMA IGITUTU YACIYEGENDA IGIYE BAZICUZA BAYIBAYI
5 Rusama 2016, 03:43, par Me
Aho baraguhenze MISHERI MISAGO ico ntakubariye numutima urakikubwira.
6 Rusama 2016, 10:26, par aster nsengiy
tuzobaho nyene nkuk mutama abivuze kuk imana iratubon
8 Rusama 2016, 12:00, par Unifying
NYAKWUBAHWA MUKURU W,IGIHUGU MUZOHAVE MUTWEMERERA TUBITE IRINDI ZINA, [ IMFURA Y,UBURUNDI] kuko ntawundi mu president yigeze atorwa mu BURUUNDI ngo atware arangize ikiringo yatorew , nyakwigendera Melchior ndadaye niwe yatowe ariko aca aragandagurwa , nyakwubahwa ukwitanga mwagize turipfuza ko vyokwandikwa muri HISTOIRE abanyeshure bakazovyiga , kuba wigisha kuri kaminuza ariko kubw,agahahazo n,akagaye vyari vyiganj waremeye uca mubikomeye udushikana mugahengwe dufise uyu musi. Irambire
8 Rusama 2016, 12:01, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:02, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:03, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:04, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:05, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:06, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:07, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:08, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:09, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:10, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:11, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:12, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:13, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:14, par Unifying

8 Rusama 2016, 12:15, par Unifying

8 Rusama 2016, 17:32, par Reader
@ Unifying, wanditse rimwe ntibyasomwa?