IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza yafashe ingingo yo kwigiza inyuma amatora y’abashingamateka

Petero Nkurunziza yafashe ingingo yo kwigiza inyuma amatora y’abashingamateka

mercredi 20 Rusama 2015, par Jean De Dieu

Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yaduhaye igihugu ciza c’Uburundi. Nihabwe icubahiro hose na bose.

Dusubiye gufata aka kanya kugira duhumurize abarundi n’ababa mu Burundi bose inyuma yaho hari akagwi k’inkorabara kashatse guta Igihugu mu kaga.

Turateye ivyatsi kandi turiyamirije iyo ngendo ata handi yoshikana Uburundi n’abarundi atari ku maganya no ku marira. Turashimiye amakungu n’akarere bateye ivyatsi bakiyamiriza iyo ngendo yashaje yo gutemebagaza ubutegetsi.

Tuboneyeho akaryo ko gusubira guhoza ababuze ababo mur’iyo migumuko, tukongera tukifadikanya n’abakomerekeye mur’iyo.

Biragaragara ko iyo migumuko ari kimwe mu vyari vyategekanijwe mu kurondera kugerageza guhirika ubutegetsi. Birafitaniye isano kandi na ca gitero co mu mpera z’umwaka uheze cabereye mu ntara ya Cibitoke, aho abateye baje bava mu gihugu kibanyi ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo.

Barundi, Barundikazi
Ncuti z’Uburundi

Mu ngaruka mbi zatewe n’uko gushaka guhirika ubutegetsi, abantu batari bake barahunze, hari abahungiye mu gihugu ca Tanzaniya, mu Rwanda no muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo. Hari mbere n’abafashe indege bahungira mu bihugu vya kure. Abo bose Tubasavye gutahuka kuko mu gihugu cose hari amahoro n’umutekano.

Dusavye kandi ababanyi b’abo bahunze kubabungabungira ivyabo basize mu gihugu, bafashanye n’abajejwe intwaro n’umutekano.

Turasavye kandi ibihugu vyakiriye abarundi bene wacu korohereza uwo wese yifuza gutahuka mu gihugu c’amavukiro.

Turakengurukiye bimwe bivuye ku mutima abenegihugu, kuko bagumye bafatanye mu nda mu butandukane bwabo igihe cose ako kagwi kariko karondera kugisivya.

Barundi, Barundikazi
Ncuti z’Uburundi

Nkuko vyasabwe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora, hisunzwe kandi ivyifuzo vyashikirijwe n’amakungu, akarere Uburundi buherereyemwo, abanyamigambwe bamwe bamwe, Hisunzwe kandi Ibwirizwa Nshingiro n’Itegeko rigenga amatora:

Twaraye dufashe ingingo yo kwigiza inyuma amatora y’abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine yarasanzwe ategekanijwe kw’igenekerezo rya 26 Rusama uno mwaka. Yungururijwe kw’igenekerezo rya gatanu Ruheshi uno mwaka. Imyiyamamazo kur’ayo matora ikazorangira kw’igenekerezo rya kabiri uko kwezi nyene.Ivyo rero bikazotuma haba ibisikanya mu nzego hubahirijwe ibiringo bitegekanijwe n’amategeko. Amatora rero azotunganywa mur’iyo ntumbero.
Ni mur’iyo ntumbero vyongeye, twaburijemwo imigambi mibisha y’abipfuza intwaro mfatakibanza n’iz’ igikenye twisunze y’amasezerano y’amahoro n’ayo guhagarika intambara burundu.

Kubijanye n’umutekano, turasubiye kumenyesha abarundi n’amakungu ko amakomine 119 yose agize igihugu cacu atekanye. Bikaba aruko nyene mu ntara 18 zose zigize igihugu c’Uburundi. Vyongeye turashimiye caane abarundi bose mu butandukane bwabo bafatanye munda, siko vyamye.

Imitumba n’amakaritiye 2998 aratekanye. N’ibintu bitanganje yuko tubona imigumuko mu makaritiye ane (4) gusa, naho nyene mu gisagara ca Bujumbura : Karitiye Musaga yo muri komine Muha, Cibitoke na Ngagara zo muri komine Ntahangwa na Nyakabiga yo muri komine Mukaza. Bisigura ko ibice mirongo icenda n’icenda n’ibice mirongo icenda kw’ijana(99,90 kw’100) biri mu mahororo n’umutekano, kandi abanyagihugu bari ku kivi.

Turabateye akamo ngo bikubite agashi, ntibabandanye kwiha amenyo y’abatwenzi, tubasavye ko bokwisubizako agashambara, kuko umutekano ni wose mu gihugu, ku buryo amatora azoba ukuri kwamye mu mahoro n’umutekano ntangere. Turakeje kandi turashimiye inzego zose z’umutekano ziyemeje kugarukana umutekano mur’ayo makaritiye no kuwubungabunga mu gihugu cose. Nimukomere ku muheto.
Benewacu dukunda bo mu makaritiye ya Musaga, Nyakabiga, Ngagara na Cibitoke, bo mu gisagara ca Bujumbura, muzirikane ko muri mu makaritiye ane gusa, mwibaze, mwiyumvire, muti : « mbega abandi Barundi amamiliyoni bari mu makaritiye n’imitumba 2998, mwibaza ko badafise uburenganzira bumwe n’ubwenge nkamwe ? »

Barundi, Barundikazi
Ncuti z’Uburundi

Ku bijanye n’ibimenyeshamakuru vyagize ivyago kubera akajagari katewe n’ugushaka guhirika ubutegetsi, turifatanije n’abamenyeshamakuru, tukabasaba kwihangana. Turamenyesheje ko amatohoza ariko arakogwa kandi ageze kure. Uwakoze icaha kikagaragazwa n’inzego z’ubutungane azobihanigwa.

Turasubiye kumenyesha ko dufise umwitwarariko wo gutsimbataza umwuga wo kumenyesha amakuru. Ni naco gituma dusaba ababijejwe ko bonyarutsa amatohoza kugira ngo turonke umuco ku vyabaye. Inzego zibijejwe zibigire umwitwarariko.

Reka tubonereho akaryo ko kugabisha ibimenyeshamakuru, vyaba ivyo mu Burundi canke mu mahanga bikora mu nzira yo gucanishamwo abarundi no gucafuza igihugu cacu. Amaraso yasesetse ni menshi. Nta murundi yipfuza gusubira mu ndyane z’amacakubiri afatiye ku moko canke ibindi.Turasaba abamenyeshamakuru, na cane cane abanyamahanga ko n’aho hantu bohakorera, bakerekana ishusho ryiza ry’Uburundi, kuko Uburundi s’ayo makaritiye ane gusa twavuze. Tuboneyeho gusubira gukebura Benewacu bo mur’ayo makaratiye kuko Abarundi barayamaze bati : « UWUTEMA URWIWE BAMUTIZA UMUHORO ». Nta murundi yifuza kuja mu ndyane z’amacakubiri afatiye ku moko n’ibindi.

Tubabaze ikibazo mwebwe abamenyeshamakuru : « Mbega ko igihugu cacu gitekanye ku bice mirongo icenda n’icenda n’ibice mirongo icenda kw’ijana(99,90%), tukaba turi ku kivi, nta vyiza biriho bitera iteka Abarundi mwokwerekana, ndetse n’ivyo turangurira mu bindi bihugu turiko turafasha nko muri Somaliya, Centrafrika, Sudani, Cote d’Ivoire, Haiti, N’ahandi ? »

Ni co kimwe n’ivyabereye ku bitaro BUMEREC mu Kinindo, naho nyene dusavye ubutungane kunyarutsa ayo matohoza, ukuri ku vyabaye bimenyeshwe abarundi n’amakungu, abari mu makosa bamenyekane, bose bahanwe hisunzwe amategeko.

Barundi, Barundikazi
Ncuti z’Uburundi

Tuboneyeho akaryo ko gushimira imigambwe n’abigenga bemeye guhiganwa biciye mu matora, ubu mbere bakaba bariko bariyamamaza. Iyo ni yo nzira ya Demokarasi, kandi niyo nkingi yo gukomeza amahoro arama twahisemwo.

Tuboneyeho n’akaryo ko gukebura imigambwe itarabitangura ko yoja ku rubuga ikiyamamaza, Abarundi bakazokwitorera abo bashaka ko babarongora n’imigambi ibashimishije, biciye mu matora nyene nkuko twavyemeranije mu masezerano y’amahoro n’ayo guhagarika burundu intambara.

Turangije dusubira gushimira abarundi ku kungene bagumye bafatanye mu nda muri iyi misi, tukabasaba kwamana na ntaryo uwo mutima. Tubasavye kandi kwitaba amatora, kuko atayindi nzira ihari mu gushikira ubutegetsi no gutsimbataza amahoro arama bizodushikana kw’iterambere twipfuza kandi tunyotewe twese.

IMANA NIHANGAZE UBURUNDI N’ABARUNDI
IMANA IDUHEZAGIRE TWESE ABARUNDI
MURAKOZE.


IGIHE

Messages

  • ico dukeneye nukuvugako utazo subira kwitoza gusa ntakindi tura rushe

  • nivyiza uravuze neza nuhangame kungoma nyakwubahwa.

  • N’ IMANA YO MWIJURU IRABIBONA KUKENEY KUVAKUBTEGETSI@

  • N’ IMANA YO MWIJURU IRABIBONA KUKENEY KUVAKUBTEGETSI@

  • PETER,YIGIZE UMUHINGA MUGUTANGA IBIRWANISHO MUBANYAGIHU BARASEMERERA BAVYEMEZA NAWE ATI "NURUSAKU BATAKO BAVUGANGO R.PA IVUGAURUNWARUNWA" ARIKO BASOKURUBARAYAMAZE NGO"IMPENE YARAVYAYE YIVYARIRA UMUGABO AZOBIBONA!"NAHO AVUGAKOYIGIJE INYUMA AMATORA YIBAZAKO ABANYAGIHUGU ARIBIJUJU ?.

  • None Ayoma Quartier Niyo Atwaw Nabi Yonyen?Barahumb Nkurunziza Arabatwara.Bomenya Ko Batari Impene Zisamburirako!

  • imana izigame nyenicubahirocacu nkurunziza peter ndamushigikiye imana imuzigame murakoze..

  • None kamuntu w, Imana ntubona koba, adorophe na babunyoni kobakubesha. Wewuga, I mana keshi, none ibuka ivyoyagukoreye nawe.ubikorere abandi, urekane nabo bapagani kuruwa Kristo. Kuko kuruwa wakristo ntakunda kubwoko bw, Imana kobosesa, amaraso kubwawe. Kanduwayagutangiye, ari yesu ntawuhora kungoma uwuzoyihorako nuyo mugabo yesu gusa ntawund ntibakubeshe bashaka, utwobarya humura

  • None kamuntu w, Imana ntubona koba, adorophe na babunyoni kobakubesha. Wewuga, I mana keshi, none ibuka ivyoyagukoreye nawe.ubikorere abandi, urekane nabo bapagani kuruwa Kristo. Kuko kuruwa wakristo ntakunda kubwoko bw, Imana kobosesa, amaraso kubwawe. Kanduwayagutangiye, ari yesu ntawuhora kungoma uwuzoyihorako nuyo mugabo yesu gusa ntawund ntibakubeshe bashaka, utwobarya humura

  • None kamuntu w, Imana ntubona koba, adorophe na babunyoni kobakubesha. Wewuga, I mana keshi, none ibuka ivyoyagukoreye nawe.ubikorere abandi, urekane nabo bapagani kuruwa Kristo. Kuko kuruwa wakristo ntakunda kubwoko bw, Imana kobosesa, amaraso kubwawe. Kanduwayagutangiye, ari yesu ntawuhora kungoma uwuzoyihorako nuyo mugabo yesu gusa ntawund ntibakubeshe bashaka, utwobarya humura

  • Mutama asigaye akanura nka Mujeri, aratanguye kwicuza igituma abantu bariko barapfa bazira mandat y’umuntu umwe gusa. Ariko rero burya n’aba manifesta jewe ndi n’ubwoba, nibazako bashaka nabonyene bahaje batugirire nabi nk’uko n’uwundi abikoze.

  • none igisagara ca bujumbura ko arico kirimwo mwimyiyere kano mwese abategetsi akaba ariyo muba abarundi bakaba bariko barahunga ubwo woheb ico kiringo ivyovyo vyose ntivyohagarara ?

  • Ce President n,a pas les neurones en place. Comment peut-il declarer que la paix regne partout et annoncer le report des elections? Ne perdons plus avec ce monsieur. Qu,il aille seul dans SES elections, avec sa CENI. Nous l,ejecterons de force.

  • Ariko mwa banyagihugu MWe ? Ikangure mureke kwicwa ataco muzira .Reke kwitwaza ivya moko ? Mwicana kubera India Zanyu. Umuntu yize wese Aharanira gutwara igihugu.Imana muriko murayishavuza.izoza kurandura mwese.Maze izobasuke Mumuriro udahera.Noneho mushikurane.

  • None muze petero nkurunziza ikiriko kibuz amatora n ikiringo ca gatatu none kw atac ukivugako ngw abarundi bave mwibarabara baruhuke kwicwa gusahugw utwbo gufungigw ubusa guhunga igihugu cabo kugira habe amatora meza.

  • emma, komera nyakubahwa president turagushigikiye abiyumvira nabo kwamatora atoba ngutavuye kubutegetsi nibateshwe bate nakare uwobinaniye ngwikirago kiranyerera. musaga na ngagara na cibitoke nahariya baturiye umuntu ni bisubireko natwe tutarashavura

  • Muze nisawa ahantu hateka ye 99.99 % izo quartier nazo ntizizobananira

  • Aho mutama ,itavyaye inyana izovyara ishuri!

  • Rek’Imana Ikore,ntawutanga Imana Kwihebura

  • NONE KO YAFASHE IYO NGINGO, YOBA YEMERA GUHEBA IKIRINGO CA GATATU? NASHA UWOMUMBARIZA.

  • Muntu w’imana kuvugako urumukristo uranezerewr nuko amaraso yabagenzi bawe aseseka?icowomenya nuko imana nayo irakubona kdi ishobora vyose uyikorera mukuri aguye kujahabona

  • ahubwo menyesha kowahevye mandat ya3 kwigiza inyuma siwo muti kandi aka gatotezo kimbonerakure ugomvye ubihagarike umwe wese akore ivyiwe kuko igihugu s’itongo rya so

  • Nagomba kumenyesh’ababana b’ibintazi bahendwa ngo troisième mandat nrimujane nyabahururu kuko harimw’abahembwa muri mwebwe n’abandi baz’ivyo bariko baraharanira uwutazi gusoma no kwandika ashatse yotekana kuko ntac’asha yokora ,programme y’abo benewacu yo gufat’ubutegetsi kunguvu ni ndende jewe nahisemwo kubav’inyuma kuko ivyo twafadikanije gutegura babihay’iyindi ntumbero tutahurijeko nca ndabivamwo uwoshak’umuco kubijanye n’ivyo azonshikire ndabimwiganire vyose, karibu sur fcbk,tweeter,na whatsapp .

  • Ngo amatohoza kubaturiye amaradio?Nukuri uteranye isoni aho ntamatohoza vyaba riva.Gusa ntawukomogwa n’inzoka ngo yitware kunsato zose ni inzoka.Ikiriho ntiwite abarundi ibijuju harumusi uzegerana ibi ukorera abarundi bikakugarukako

  • nayisi nagira nakubwire ko nyakubahwa peter nkurunziza atakorasa narimwe afis naho kumubwirako yohe mandat ivyo ntibibaho kuko abirekurigwa namategeko wew nyamba udashaka mandat ya 3 uramwima ijwi arko ntiwake uburenganzira abanyagihugu babufise kuko ibice 95 baramwemera urumva wihangane rere naho kuvuga ngo ababwireko asokoye wapi nagira ndakubwire ko agashitse mumeny y,ingwe bakuza y,ubuhiri warir nez mwene data nayisi arko nagira ndaguhanure wandikire abasore nkatwe bari mumanifestion baveyo bonn nwit

  • Umutekano uhungabanye muri arya makartier ubuhungabanye kwisi yose,none hako umuntu umwe yotuma abanyagihugu baguma bapfa yopfuma.....wenyene

  • abarundi ikintu camoko ntikizobav mumutwe kand nih mugum muribijuju.mbeg abarik bagirimyiyerekano ng bagarukire agatek kabo muca mubon abatutsi?abahutu muzogum muribirofa ibihe vyose

  • imana abafashe nawe mugir ukurab mugihung no mumana amahoro abane natwe imis yos.

  • None ngaho yandendevye iki?

  • abobajamwibarabara.bangiza.vyishi.amamodoka.baraturira.abantu.ntibajakumirimo.ntibaronkahobasumira.udufungugwa.geragezamurekiyomigumuko.ibimazegupfa.nivyinshi.kandi.ntaho.bizobashikana.ubutegetsi.butangwa.nimana. prezidant abumweee!. uwutamushaka.arareka.kumutoraa..guhindura.inzego.nimumatora..nuburenganzira.bwumwumwe.wese.iyoniyo DEMOKARAS:

  • abobajamwibarabara.bangiza.vyishi.amamodoka.baraturira.abantu.ntibajakumirimo.ntibaronkahobasumira.udufungugwa.geragezamurekiyomigumuko.ibimazegupfa.nivyinshi.kandi.ntaho.bizobashikana.ubutegetsi.butangwa.nimana. prezidant abumweee!. uwutamushaka.arareka.kumutoraa..guhindura.inzego.nimumatora..nuburenganzira.bwumwumwe.wese.iyoniyo DEMOKARAS:

  • BARUND BARUNDI KAZI
    numva nezerejwe no kubandikira mwese icipfuzo canje kandi uwugisoma wese ntasaba ngo abanze ashire ishavu yitonde asome ataho arinze guhengamira ,ibi ndabivuze nkuwukunda igihugu camavukiro,nyuma yo kumwa ibibazo bihanze igihugu c uburund nagerageje kwiyumvira no gufata umwanya wo kwinjira mu kahise kigihugu,bimpaye kumva nanje nogira ico nshikirije kimwe nabandi bagize ico bashikirije bivanye nuko babona twotorera inyinshu ibibazo bihanze igihugu cacu,

    kuva mu mwaka wa2005 amatora ya mbere ya nyene icubahiro umukuru w igihugu nambwira bene wacu nti igihucu ntitwishime ngo turaronse amahoro ikibazo ntakunda kubaza cariki?ngo mbe UMUYANGAYANZI W INKA YOSHOBORA GUHABWA IRARO NGO ARIRAGIRE? nashaka ico kibazo ucishure nkumuntu ikunda inka canke uzi akamaro kazo.
    ariko jewe ico nakunze kuvuga umuyangayanzi ari imbere yabantu yoshobora kuziragira ariko mugihe ageze mwishamba ari wenyene,akumva inzara ntazokwihanganira kuzibaga,impamva nshikirije iciyumvira canje ni kugira nkebure bene wacu dusangiye igihugu,tuve ibuzimu tuje ibuntu,umuntu wese yasheshe amaraso uwariwe wese ndabisubiyemwo ntimuze mumwitegemwe ihinduka, ndibaza ko ivyo navuga abantu nabibwira bashobora gutahura ko kwari ukuri,mugihe nkiki bitubere icigwa mushobora kuba mu bona UMUKURU W igihucu wenyene ariko baca umugani ngo inkoni yakubise mukeba nutayikura ngo uyirenze urugo irakurindiriye nawe nibaza ko ubu hagez ko abarundi turengera UBWOKO,INTARA,ICUBAHIRO tugaharanira ineza y igihugu twese tukipfuza kubona uburundi busha,jewe kugiti ciwanje NYENE ICUBAHIRO NDAMUTAHURA icatumye aja kwishamba kugwana wewe yaragishitsteko mbe mwibaza ko vyoroshe kurongora abuzi ko harimwo uruvyaro gwakunigiye abavyeyi?ikosa siryiwe wewe icamujanye kugwanira igihugu cari ico mubona ariko arakora ubu kubona abantu bapfa ntihagire icavuga mwe birabatangaza?igihe uronse ico bita ubushoboz niho ivyiyumviro n imigambi yawe igaragara ,nabandi bakoze inkivyo ngo bariko bashaka ineza yabanyagihugu bakarinda gusesa amaraso ubu bazobabwira imigambi mwiza,ariko ukuri guherekeje inyuma yiyo migambi nuko batazokwihanganira abatavuga rumwe mumenye ko bazokwama basesa amaraso nubu nuko batararonka ubushobozi nkubwo nyene icubahiro afise muraka kanya babatangaje.

    ICO NOTANGA NKIMPANURO

    BARUNDI BENE WACU ubu biragaragara neza ko igihugu kitameze neza amakungu,abarundi bari mumahanga bose bahagurutse ngo bagwanire ibiriko birabamugihugu cacu ,vyukuri birababaje kumva ko abari bajejwe gukingira agateka kazina muntu aribu bariko barabacura bufuni na buhoro babahoye ivyiyumviro bafise,vyukuri biyumvire ijo habo ingene hameze basuvize amaso inyuma barabe abantu bagize inyifato nkabo aho vyabashikanye,basubize agatima mpembero bigarure hama ico nohanura abanyagihugu muhangana nababarusha inguvu kuko bobo bafise ibikoresho vyo gusesa amaraso mwiyubare uburyo mushikiriza ivyiyumviro vyanyu,ngo amaraso ntakomeze guseseka,kandi nongeye kuvuga ngo BIRASHOBOKA,

    GUSHIMA

    ubwa mbere ndashimwe Imana kubakiriho bose nongera nshimira abantu bariko basengera igihugu catwibarutse twese,

    nkashima kandi no kubantu bose bagiye mwihigwanywa ryo kwitoza kugira barongore igihugu cacu,mu gihe bariko ba ko batembagaje intwaro yarihari bashoboye kuvyifatamwo neza baterekanye iyo bahengamiye bobo bakaharanira ivyimpuzo vyabo n ubwingenge bashaka ,nkashima kandi kubantu baserukira abanyagihugu kunguvu berekanye zabanyagihugu bafise,kandi bakaba batara mbigwa nigikogwa bihaye,.

    UBURUNDI BW EJO

    ndemeranya neza cane kuvya twumvise umuhanuzi yavuye mu gihugu cu RWANDA yashikirije nongera nsaba abasenzi ngo bakomeze isezerano IMANA ISEZERANA NTIRYIGERA RIHINDUKA ARIKO INZIRA YO KUSHIKA MURIRYO SEZERANO RIRASHOBORA GUHINDUKA BIVANYA BABIZERA BAGAHAGARARA MU KIBANZA CABO,Uburundi bwejo ni bwiza twizera iryosezerano kandi rigiye gushika abasenga mukobeze nimwe mushoboye kugaragaza inzira UBURUNDI BW EJO BUZOCAMWO,birashoboka ko mugihe kizoza tuzovuga ngo aho hahise twarabonye ugutabagwa kuva ku MANA ,IMANA IRACAFISE ABARUNDI N UBURINDI MU MABOKO YAYO,muhumure tuzoshika .murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.