IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza yemereye abafasha Uburundi ko amatora azoba meza kurusha (...)

Petero Nkurunziza yemereye abafasha Uburundi ko amatora azoba meza kurusha ayandi yose

jeudi 11 Kigarama 2014

Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yasubiriye kwemerera abafasha Uburundi ko amatora yo mu 2015 azoba meza kurusha ayamaze kuba yose kuva Uburundi buronse intahe y’ukwikukira. Nk’uko yabishikirije, naho ata bishobora kuba vyiza vyose, Petero Nkurunziza amenyesha ko Reta y’Uburundi yiteguriye gutesha uwo wese yoshaka guhungabanya inzira y’amatora.

Mu gisagara ca Bujumbura, kuva kuri uwu wa kane, hatanguye inama y’ukurabira hamwe intambwe igezweko muvyo Reta y’Uburundi n’abasanzwe bafasha Uburundi bari biyemeje mu nama yabahuje mu mwaka w’2012 i Génève, hamwe n’ivyo basubiriye kandi kwiyemeza mu yindi nama yabereye i Bujumbura muri Mukakaro na Gitugutu 2013, mu mugambi w’ukurwanya ubukene (CSLP 2). Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mw’ijambo ry’ugutanguza iyo nama, yibukije ko umugambi CSLP 2 wisunga cane cane gukomeza intwaro ibereye n’ukudakumirana, gukomeza ubutunzi bw’Uburundi mu gushinga ubuzi, ukwakira neza abitura inzego za Reta, hamwe n’ukworohereza abarwizatunga. Petero Nkurunziza yamenyesheje ko Reta y’Uburundi idahengeshanya kworohereza abanyamitahe, ivyo akavuga ko bibonekera ku vyegeranyo vya Doing Business bibandanya gushira Uburundi mu kibanza ciza.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije ko iyo nama hagati y’abafasha Uburundi na Reta ibaye mu gihe igihugu c’Uburundi kiriko cinjira mu mwanya w’amatora azoba mu 2015, akamenyesha ko Reta arongoye, ibifashijwemwo n’abasanzwe bayifata mu mugongo, yamaze kwemerera abarundi n’amakungu ko amatora azoba mu mwidegemvyo, yizewe na bose, ahuza bose, kandi ku mugaragaro no mu mutekano. Muri iryo jambo, Petero Nkurunziza yagize ati : « Ndizera ko amatora yo mu 2015 azoba meza kurusha ayandi yose yari amaze kuba kuva Uburundi buronse intahe y’ukwikukira. ». Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yasubiriye gusaba abafasha Uburundi ko borungika abarorerezi mpuzamakungu bayakurikiranira hafi imbere y’amatora, mu matora nyezina hamwe n’inyuma yayo. Yasavye abagize umurwi CENI utegura amatora ko bokorana ubwitonzi, mbere aranakeza uwo murwi ku bikorwa avuga umaze kurangura naho ku bwiwe umurimo bafise usanzwe utoroshe. Mu gihe igikorwa c’ukwandika abazotora gisozerwa kuri uwu wa gatanu, umukuru w ‘igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko yizera ko kizohera abakwije imyaka n’ibisabwa n’amategeko bamaze kwiyandikisha, kugira mu 2015 bazokwerekane ko mu Burundi intwaro ya demokarasi yifashe neza.

Iyo nama hagati y’abafasha Uburundi na Reta ikaba izomara iminsi ibiri kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 11 Kigarama gushika kuwa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2014. Mukamenya kandi ko iyo nama yabereye mu mwiherero abamenyeshamakuru bataramuwe, mu gihe zitatu za mbere, iyabereye i Génève mu 2012, hamwe na zibiri zari zabereye i Bujumbura muri Mukakaro na Gitugutu 2013, abamenyeshamakuru bazikurikiranye zose.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.