Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pierre Claver Ndayicariye:Isango ry’amatora ya mbere ni ntabanduka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pierre Claver Ndayicariye:Isango ry’amatora ya mbere ni ntabanduka

Pierre Claver Ndayicariye:Isango ry’amatora ya mbere ni ntabanduka

mardi 23 Ruheshi 2015

Umurwi utegura amatora mu Burundi CENI,umenyesha ko uri kumwe n’imirwi itegura amatora mu ntara CEPI no mu makomine CECI, bariko barakora bategura amatora ya mbere ategekanijwe kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi,2015.

Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika,Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi CENI,yavuze ko ibikoresho vyose vy’amatora ya mbere vyamaze gushika mu gihugu hagati,mu ma CEPI n’ama CECI.

Pierre Claver Ndayicariye yavuze ko abakozi bazohagarikira amatora bamaze kuronderwa kandi bamaze kwigishwa ingene bazokora ico gikorwa.Ndayicariye akamenyesha ko naho bovuga ngo amatora abe ubu nyene, umurwi CENI witeguye.

Umukuru w’umurwi CENI,asaba abarundi kuyitaba bose kandi ari benshi, kuko ijwi ry’umurundi wese rihambaye kandi rifasha guhindura inzego zica zirongora igihugu ku myaka itanu ikurikira.

Mwomenya ko,kuwa mbere igenekerezo rya 22 Ruheshi,ari naho abasubiriye abapatiri bavuye mu mirwi CEPI na CECI ariho barahira imbere y’abagize umurwi CENI,ku rwego rw’igihugu.

Naho mu murwi CENI babandanya bemeza ko isango ry’amatora ari ntabanduka,ku ruhande rw’abatavugarumwe na Reta,bavuga ko amatora adashoboka mu gihe hibonekeza umutekano muke mu gihugu,amaradiyo amwe atavuga,hamwe n’abarundi bahunze igihugu.

Messages

  • NONE.TUZOMENYAGUTE KWAMATORAYAGENZENEZA ATAMA.RADIO.AVUGA?

  • murabesha nakuru adahevye mandat yagatatu amatora naho yoba nimpfagusa kuko ntawuzoyemera ndayicariye nabo barikumwe ivyo nkuru yabatamitse impera nimperuka bizobamena inda kuko bari mubaryanisha abarundi mukubandanya bahamagara amatora yuruhande rumwe gwankuru gusa atation!!!

  • Reka turindire kambukawe harageze.ariko nzojambona! mwererwe.

  • Ayo matora mwateguye ama resultat yayo ari muri ordinateur za ceni mwarayahejeje turabizi muzontege murayo matora y;ubusuma

  • Uwo mukuru wa Cn ariko aratsa umuriro kandi atazozimya amenyeko impemboyiwe ari kumpimba nayo uwuzokwihenda akaja mwayo matora nukubarasa kuko ntantwaro yigikenye tukirondera AM

  • NDAYICARIYE KO AMATORA MWAMAZE KUYIBA MUZA MUFISE MU MA ORDINATEUR AMA RESULTATS( Vyavuzwe na Moise Bucumi yari umwishikira kwa Nkurunziza ), KUBERA IKI MWIRIRWA MUTESHA UMWANYA ABARUNDI NGO BAJE GUTORA ,,,,,,,,,Jewe ndi umurundi mba hanze , I will not loose my precious ngoca nja muri ambassade gutora amatora yamze kwiba

    AHUBWO NKURUNZIZA EJO à10H 38 MIN NATUMEKO ANAMA NSHINGAMATEKA NA NKENGUZAMATEKA ARAHIRE,,KO AGIYE GUCURANGUZA UBURUNDI GUSHIKA YEZU AGARUTSE

  • Nivyiza ko bose boshira imbere ibiganiro

  • harageze twitorere indongozi bavyanka bareka turatora ’

  • Rekambanze nishimire ivyo nyajwubahwa umukuru WA CENI avuze, hanyumanamwe muvuga ngwamatora yizewenabose uwobishinga na Yezu yozorindagaruka tutarakora amatora.

  • Ndayicariye! Izina niryo munyu! Wicariye inda yawe canke wicariye satani? Urashimitse igihugu ugite mulaga? Reka kurwana n’Imana kuko ntiwoyitsinda! Ko wase kwumvira ijambo ry’Imana, ugakurikira inda yawe,
    ndalumenyeshako nqwe Imana yase ko ubaho!

  • Abatavuga rumwe nareta ndabatahura kuko ntibohiganwa n’a nkurunziza ngobamutsinde kuko ntamigambi bafise , ariko vyaribonekeje ko ku musaga mutakura nyakabiga ngagara kobomutsinda ayomajwi nayo nimake cane ntaco yobamarira bashimye guheba matora kuko babonye k arugut umwanya

  • ahubwo amatora nab turayakene twitorer indongozi nzizoturongor abo nabo bashaka kataba bamaramare

  • Amatora Nibayigize Inyuma Batangure Ibiganiro Kuko Amatora Yitabwe Na Bose Ariyo Meza. Ikindi Mbega Amaradiyo Yugawe Yaruguruwe? Ibirwanisho Biri Mu Mbonerakure Vyaravuyeyo? Ni Bavyitondere.

  • emma
    jewe ngomba mpanure ico kijuju cavuze ngo nihagira abaja mumatora bazoraswa,wewe wiyumvira uko usa nimva irangaye,kandi umuntu atazoja mumatora ntazoba arumurundi araca yigira kwa kagame! Menya amatora niyo acurubanza,nayonawe udashaka amahoro urafuy

  • amatora yaramaze kwibwa ivyo birazwi,ariko ca sera sans issu ne vous enfaites pas,Imana niyo nkuru.

  • KANDI WEWE WAMUGABO INDYANE ZIRIKO ZIRABA KUBARUNDI UZIFISE MWURUHARA RUNINI WEWUHAMAGARIRAMATORA MWAHEJEJE KWIBA TUBIZI EMWE NIMUJEMWARIKO MUZE MWEREGWE IPU!!!! MURANTEGA MWABASUMAMWE MWANKA GUHANUGWKANDI WEWE WAMUGABO INDYANE ZIRIKO ZIRABA KUBARUNDI UZIFISE MWURUHARA RUNINI WEWUHAMAGARIRAMATORA MWAHEJEJE KWIBA TUBIZI EMWE NIMUJEMWARIKO MUZE MWEREGWE IPU!!!! MURANTEGA MWABASUMAMWE MWANKA GUHANUGWA

  • reka amatora abe kuko ntayindi nzira y amahoro

  • nyimba babona bizokunda nibashakishe ariko barabe ntihagire abo banigira mumeshi muvuga uburund ari igihugu cuzuy democratie nibaza k iyo muvuga idasa niyo jewe niyumvira

  • AMATORA ATEGEREZWAKUBA, UWUSHAKAKUYATOBA, NATESHWATE. AHUBWOHARATEVYENGOTUJEKWITORERA INDONGOZIZIZODUTWARA.

  • urunani amizero y’abarundi nibatekene imana dusenga iratuzi kand niyo izotuma indoto zaba zishika.ariko yishurira kugihe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.