Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PNUD yatanze imfashanyo igizwe n’imashini 111 ku mashirahamwe 53 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PNUD yatanze imfashanyo igizwe n’imashini 111 ku mashirahamwe 53 (...)

PNUD yatanze imfashanyo igizwe n’imashini 111 ku mashirahamwe 53 y’abarimyi

vendredi 3 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Ishirahamwe rijejwe iterambere PNUD ryatanze imfashanyo y’ibikoresho bigizwe n’amamashini 111, ku mashirahamwe 53 y’abarimyi yo mu ntara zitandukanye z’igihugu.

Imashini zo kurima , imashini zo kwimbura umuceri, iziwukubita , iziwutonora , imashini zo gusya ibigori n’imyumbati , imashini zo guhingura amavuta avuye mu bigazi, niyo ngabire yatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu PNUD, ku mashirahamwe y’abarimyi 53 yo mu ntara zitandukanye. Uwurongoye ishirahamwe PNUD hano mu Burundi, Nathalie Boucly, amenyesha ko batanze iyo mfashanyo mu ntumbero yo gushigikira umugambi w’igihugu, ujanye no gushigikira abahuye n’ivyago vy’intambara, yaba abahunze hanze y’ igihugu, abateshejwe izabo hamwe n’abahoze ku rugamba. Ivyo bikoresho rero bikazofasha cane mu kwongereza umwimbu ,yaba uw’umuceri, amavuta ava mu bigazi ,ibigori hamwe n’imyumbati, uzofasha kandi mu gutanga ubuzi hamwe no guteza imbere ukubaho na cane cane mu gufungura neza ku miryango y’abo barimyi.

Izo mashini rero zikaba zahawe amakoperative 53 , yo mu ntara ya Cibitoke , Bubanza , Makamba, Bururi na Rutana ,izo ntara nazo zikaba zirimwo abahuye n’intambara kurusha abandi nk’uko Mathias Miburo abandanya aserukira imbere y’amategeko urunani CAPAD abishikiriza. Muri ivyo birori kakaba kabaye akaryo ko gutanga impapuro z’umutsindo (Certificat )ku ku makoperative yakurikiranye inyigsiho z’iryishirahamwe CAPAD bashigikiwe n’ishirahamwe PNUD, zijanye n’itunganywa z’amashirahamwe yabo.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda yari yitavye ivyo bikorwa yashimiye cane ishirahamwe PNUD ridahengeshanya kubafata mu mugongo na cane cane mu gushigikira abahuye n’intambara.
No ku ruhande rw’abarimyi kabaye akanyamuneza ntangere, bakavuga ko bigiye kuborohereza ubuzima, no kwisununura mu buzima bwabo.

Tubamenyeshe ko hatanzwe imashini 111, uwo mugambi ukaba uciye amafaranga agera ku madorari ibihumbi 543 .


Floxella Karire

Messages

  • Ndaziko amadorari ahambaye ariko ama dollar 543 ntashobora kugura ivyobintuvyose ekambere ntiyonagura nimashinimwe isya ibigori.

  • Nibaduhe imvura nayo, bongere bakure iyo mvura ruhonyanganda vyama biriko biraduteza inzara yaburi igihe.

  • NUWERA WAVYUMVISE NABI BAVUZE KO ZAGUZWE 543.000 DOLLARS URUMVA KO ATARI 543 NKUK WABSOMYE AHUBWO BAKOZE BARASHIK NO MUZINDI NTARA NKA KIRUNDO MUYINGA KARUZI NGOZI NA KAYANZA KUKO NAHO NYENE BARAHUYE NINTAMBARA BITAVUGWA NDETSE BARAHUNGA CANE,

  • @ Never, birukwo ubivuze birumvikana mbere ndagushimiye. Ariko harya banditse ngo: UWOMUGAMBI UKABA UCIYE AMAFRANGA AGERA KUMA DOLLAR 543 IBIVYANDITSWE NIVYOVYATUMYE BINGORA GUTAHURA. Ariko yobavugango uwomugambi ukabuciye ibihumbi MAJANA 543 vya dollar vyarikunyorohera, arikondagushimiye wewe Never.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.