Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primusic 2013 : Igiteramo cerekeza gusozera ihiganwa caraye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Primusic 2013 : Igiteramo cerekeza gusozera ihiganwa caraye (...)

Primusic 2013 : Igiteramo cerekeza gusozera ihiganwa caraye kibaye

lundi 9 Nyakanga 2013

Abaririmvyi 6 basigaye mw’ihiganwa rya Primusic baraye baremesheje igiteramo co guhimiriza abakuzi babo ngo babandanye babatora. Abo baririmvyi bakaba bari bafadikanije kandi n’abaserukizi ba Primusic 2013, Fizzo, Rally-Joe hamwe na Sat-B.

JPEG - 1.8 Mo
Cocktail Beach, aho igiteramo cabereye

Ku muyaga uhuhera warangwa ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika ku muhingamo w’uyu w’Imana niho abaririmvyi 6 basigaye mw’ihiganwa rya Primusic baremesha igiteramo co guhimiriza abakunzi babo ngo babandanye babatora bakoresheje ubutumwa bugufi. Muri ico giteramo aho ukwinjira yari kubuntu, abaririmvyi Christian, Pedro, Samantha, Gaby, Olga , Patient bagiye barabisikanya mu guteramisha abantu bari bitavye ico giteramo. Uhereye ku ndirimbo zizwi za kera ndetse niza none, abo baririmvyi barerekanye ko ubuhinga bwabo bwiyongereye. Na cane cane ubuhinga bwo kuririmbira ku muziki ucurarangiwe aho nyene, icitwa “live music” mu rurimi rw’icongereza,. Uri uwaririmba iza Malvin Gay uwundi Celine Dion uwundi agasubiramwo Fizzo (Ndakumisinze), abaraho bati “ni ikirori”.

JPEG - 510.8 ko
Patient Matabaro, umwe mu baririmvyi 6 basigaye mw’ihiganwa Primusic

Muri ico giteramo, umuririmvyi wese yaca imbere y’abakunzi b’umuziki n’abanyamuziki yarangiza igice ciwe mu kwibutsa inomero bashobora ku mutorako. Icabonetse nuko, abaraho basa nabari bamaze gufata ku mutwe inomero z’abo baririmvyi. Na cane cane umwe wese n’umuririmvyi akunda gusumba. Ivyatumye, uwuhweza ibintu n’ibindi, yibaza ati: “Ni nde muri batandatu bazogoganwa mu gice ca nyuma azotahukana za miriyo ni 15 zizohabwa uwuzoba uwa mbere?”. Ikibazo kigoye kwishura kugeza ubu. Inyisho akaba ari kw’isango rya 14 Nyakanga.

JPEG - 677 ko
Fizzo, umwe mu baserukizi 3 ba Primusic 2013

Abo baririmvyi bazohiganwa mu gice ca nyuma barangije, “ibicocoro” vyatowe guserukira Primusic 2013 vyaciye bihabwa umwanya ukwiye wo kunezereza abari bitavye ico giteramo. Fizzo ati: “Ndakuminze”, Sat-B ati: “Respect”, Rally-Joe nawe ati : “ Uzokwame witonda”, akamwemwe ntigatevye gushwara abaraho, ubatamba nabo ntibigumije. Umwe mubari bitavye ico giteramo yagize ati: “Biheze kare, kandi vyari biryoshe”. Aho hakaba hari isaha 1 y’ijoro, igiteramo cari catanguye isaha y’8 kirangiye.

JPEG - 709.3 ko
Bamwe mu bari bitavye igiteramo

INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.