Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primusic 2013: Imiriyoni cumi na zitanu zatahukanywe na Patient (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Primusic 2013: Imiriyoni cumi na zitanu zatahukanywe na Patient (...)

Primusic 2013: Imiriyoni cumi na zitanu zatahukanywe na Patient Matabaro

dimanche 15 Nyakanga 2013

Wari umunezero udasanzwe kubitavye igiteramo ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic, aho abaririmvyi batandatu bari basigaye kugira bahiganirwe imiriyoni cumi na zitanu, bari baje batazambaye, mu gihe bari biteguriye kuririmba bagashimisha isinzi ry’abantu ryari ryitabiriye ivyo birori, mu kigo c’ishure ryisumbuye rya Nyakabiga, benshi bita EFI.

Iryo higanwa ryatanguye igihe c’isaha icenda z’umuhingamo kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 14 Nyakanga uyu mwaka. Iryo higanwa ryguruwe n’indirimbo z’abaririmvyi bakomeye nka Saidi Brazza, Frank Generation 80, umurwi wa Etoile du centre, Rally-Joe, Sat-B n’abandi. Ico gice ca mbere giheze, abari bitabiriye igiteramo baciye berekwa abahiganwa uko ari batandatu. Mu nyuma baciye bahabwa akanya ko kwerekana ubuhinga bwabo, aho Christian Niyintetse, ariwe yatanguriye abandi kuririmba, ndetse aca yuguruza akaririmbo k’Imana. Abandi bahejeje kuririmba, nta n’umwe yashobora kubona vy’ukuri umuntu aheva atsinda, kuko bose basa n’abanganya ubuhinga.

Abo batandatu bahiganwa bahejeje kuririmba, igice ca kabiri caciye gitangura, ndetse abandi baririmvyi bazwi cane mu gihugu baca babandanya bateramisha abitabiriye ibikorwa vya Primusic. Muri ico gice ca kabiri haciye haririmba Lolilo, Steven Sogo, Big Fizzo, ndetse uyu we akaba yaserutse yambaye impuzu za gisirikare, zimwe zambara abo bita aba General. Kuva aho Fizzo agiriye aridoga ko ahabwa akanya gato mu bihe nk’ibi, ndetse akavuga ko atigera aronka akanya kugira anezereze abakunzi biwe, muri iki giteramo ho, yarashoboye kuririmba indirimbo zishoboka, ndetse aca aheraheza avuze ko abarundi bashoboye.

Igice ca nyuma rero cari cerekeye gutanga amanota ku bahiganywe. Gushika aho hose, ntanumwe yashobora kubona ugire atsinde muri iryo higanwa. Ariko bavuga ko haburana babiri hagatsinda umwe, muri batandatu bahiganywe rero, bakurikiranye uku:

Uwagatandatu yabaye Gabby Igwe, aca aronka ibahasha y’amafaranga ibihumbi amajana atanu

Uwagatanu aca aba Olga Ntaganzwa, nawe araheza aronka ibahasha y’umuriyoni

Uwakane nawe yabaye Amisi Jean El Pedro, aca ahabwa amafaranga umuriyoni n’amajana atanu.

Uwagatatu yabaye Christian Niyinteretse, umwana akiri muto asanzwe aririmba muri Chorale Saint Dominique, uyo nawe akaba yahawe amafaranga anga n’imiriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu.

Uwakabiri nawe yabaye Samantha, akaba yahawe imiriyoni zitanu. Samantha rero bukaba ari ubwa kabiri atahukanye ico kibanza, kuko no mumwaka uheze yabaye uwakabiri.

Uwa mbere yatwaye izo miriyoni cumi na zitanu, akaba yabaye Patient Matabaro.

Ico giteramo rero kikaba caranezereye abantu benshi, ndetse abakunzi ba Matabaro bakaba bagumye umunezero ari wose. Bamwe bakaba bararira kubera umunezero, abandi bagatwenga, mu gihe abandi bagumye bakoma induru, batambira mu bibanza vyabo, mu kugaragaza umunezero. Ariko rero igiteramo kikaba carangiye abacitabiriye bakirindiriye ko i Jaguar ava mu gihugu ca Kenya ahava aririmba. Ariko bakaba batashe batamwumvise ijwi.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.