Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primusic : Abaririmvyi 12 muri 46 nibo basigaye mw’ihiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Primusic : Abaririmvyi 12 muri 46 nibo basigaye mw’ihiganwa

Primusic : Abaririmvyi 12 muri 46 nibo basigaye mw’ihiganwa

dimanche 25 Myandagaro 2013

Ihiganwa rya Primusic ririko riregereza ku musozo, mu gice ca kane gishira icanyuma, aho abaririmvyi 46 bavuye mu ntara zose z’Uburundi bahuriye mu giteramo cabereye ku kibuga c’ishure ryisumbuye rya Nyakabiga.

Mu giteramo cari citabiriwe n’abantu benshi cane, abo baririmvyi uko ari 46 bakaba babanje baririmba imbere y’abitavye igiteramo, maze umurwi ujejwe ubuhinga ufata ingingo yo kugumizamwo abaririmvyi 12 gusa, maze abandi 34 barasezererwa. Ntivyoroshe kubatora kuko abo baririmvyi nka bose bavyitwayemwo neza, ndetse bakaba basa n’abanganya ubuhinga, ariko baruhira gutoramwo abarushije abandi.

Abatsinze 12

Amazina y’abatsindiye ivyo bibanza 12 n’aba bakurikira: Samantha Katihabwa, Georges Nahayo , Irandagiye Aletta, Ntaganzwa Olga ,Jean Marie Ninteretse, Patiant Matabaro, Amissi Jean El Pedro, Mugisha Jean Junior, Gateka Landry Michel, Mujimbere Gabriel, Bitariho Halidi na Mfura Alain Michel.
Muri iki giteramo umuririmvyi Big Fizzo , Sat- B na Rally-Joe nibo bateramishije abantu aho Fizzo vyagaragaye ko afise abakunzi benshi cane hano mu Burundi, kuko igiteramo carangiye abacitabiriye batabishaka.

Twokwibutsako iri higanwa rigeze mu gice ca kabiri gishira icanyuma. Igiteramo kikaba kizobera mu ntara ya Gitega mu mpera z’iyi ndwi buca dutangura, hatorwemwo 6 bazohurira mu cicaro ca nyuma cirri higanwa. Ikindi ni uko mu biteramo vyose bisigaye inyuma, umuririmvyi Big Fizzo azovyitabira.

samantha

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.