Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primusic: Bamwe mu basigaye mw’ihiganwa biteguye gute? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Primusic: Bamwe mu basigaye mw’ihiganwa biteguye gute?

Primusic: Bamwe mu basigaye mw’ihiganwa biteguye gute?

lundi 26 Myandagaro 2013

Ihiganwa rya Primusic risigayemwo abaririmvyi 12. Abo bariririmvyi bose bakaba bahabwa amahirwe yo gutsindira iryo higanwa. Bamwe muraba bakaba bavuga uko biyumva n’uko biteguriye ibice bisigaye vy’ihiganwa rya Primusic.

JPEG - 58.9 ko
Ntaganzwa Olga

Ntaganzwa Olga aserukiye intara ya Kirundo yavuzeko yizeye kw’Imana izomufasha ndetse n’abakunzi biwe kugira abe uwa mbere muri Primusic y’uyu mwaka. Yagize ati:” Mu vy’ukuri je ndazi kuririmba kandi n’abantu barazi ko ndabizi, umurwi utanga amanita uvyihweje neza kumwe n’abakunzi b’umuziki wanje bakanshigikira igikombe c’uyu mwaka nzogitahukana”.

Matabaro Patient wo mu ntara ya Bujumbura Marie nawe ati: “Jewe uyu mwaka nitavye iri higanwa ku munota wanyuma kuko umwaka wahera sinanezerejwe n’ikibanza naronse ariko ubu ntatahukanye ihiganwa ry’uyu mwaka ngira n’umuziki ndashobora kuwuheba pee!!! Ubuhinga ndabufise kandi ndafise abakunzi benshi. Abatanga amanita baravye ukwo ndirimba,ntankeka ihiganwa ry’uyu mwaka ndaryizeye ntagisivya.”

JPEG - 25.7 ko
Katihabwa Samantha

Katihabwa Samantha wo mu ntara ya Bujumbura Marie we avugako umwaka wahera yabaye uwa 2 muri Primusic, uyu mwaka akaba yiteguriye gutahana intsinzi. Agira ati: “Kuba nari uwa kabiri sivyo nshingiyeko cane ngo bitume nshira agati mu ryinyo ngo ndeke kwitegurira neza ntegure ijwi n’ibindi vyose bikenewe muri iri higanwa. Ariko ndavye aho ngeze mu muziki n’uburyo niteguye uyu mwaka igikombe kizoja catwarwa n’umwigeme”.

JPEG - 55.5 ko
Irandagiye Arletta

Irandagiye Arletta wo mu ntara ya Mwaro we avugako mw’ihiganwa vyose bishoboka kandi ngo arizeye intsinzi kuko naho ashitse avugako abikesha ubuhinga bwiwe. Arongera akavugako naho atatahukana ikibanza ca mbere ashaka kuronka ikibanza ciza muri Primusic yuyu mwaka.

JPEG - 79.6 ko
Michel Landry Gateka

Michel Landry Gateka wo mu ntara ya Muyinga we avugako umwaka uheze yagize ikibazo atamenye neza imvo zaco Uho yaragiye kuririmba mu gice ca 4 gisgira icanyuma. Ico gihe vyaravuzwe ko yoba yararozwe . Ariko ubu Landry avugako yaje muri iri higanwa yasenze Imana kuburyo uburozi budashobora kumufata. Ati: “Umurwi utanga amanota niwumviria neza ijwi ryiwe nta mpamvu iri higanwa atoritsinda.”

Abo baririmvyi kugeza ubu nibo bamaze kugira ico bashikirije hama ubu aba bose uko ari 12 bakaba bariko bitegurira hamwe kuzitaba ½ k’iri higanwa kandi ico gihe niho hazoba hateguye ibiteramo mu buryo bwa “live” iherekejwe n’ibicurangisho kuko mu bice vya mbere abaririmvyi baririmba atabicurangisho.


SENGUREBE Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.