Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primusic : Bamwe mubasigaye mw’ihiganwa biteguye gute ? (igice ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Primusic : Bamwe mubasigaye mw’ihiganwa biteguye gute ? (igice ca (...)

Primusic : Bamwe mubasigaye mw’ihiganwa biteguye gute ? (igice ca 2)

vendredi 30 Myandagaro 2013

Mu rukurikirane rwo kumenya uko abaririmvyi basigaye mw’ihiganwa ra Primusic, Mugisha Jean Junior Georges Nahayo, Jean Marie Ninteretse , Amissi Jean El Pedro, Mujimbere Gabriel, Bitariho Halidi na Mfura Alain Michel baravuga uko biteguriye igice ca 2 gishira icanyuma.

JPEG - 67.7 ko
Abaririmvyi basigaye mw’ihiganwa rya Primusic

Nkuko abaririmvyi Olga, Matabaro, Arletta, Landry na Samantha baratumenyesheje uko biteguriye igice ca 2 gishira icanyuma c’ihiganwa rya Primusic, abandi basigaye nabo barabimenyesha.

Mugisha Jean Junior azwi kw’izina rya Double Jay avuga ko Primusic naho itomuronsa agashimwe yoshima kuko imaze kumugirira akamaro kanini cane. Aho ni nk’ubumenyi mu bikorwa vyiwe ndetse no kumenyekana gushika ku rwego rw’igihugu. Ati : «Ndiko ndakora imyimenyereze nk’abandi bose kugira nze nkore igiteramo ciza mu gie ca 2 gishira icanyuma ciri higanwa hama bizondonse iki gikombe ».

Nahayo Georges we avuga ko aho ageze abikesha ubuhinga bwiwe akumva atamvo yotuma atabandanya, akavugako Imana imufashije azotahukana imiriyoni 15 zihiganirwa.

Jean Marie Ninteretse we agira ati: « Nta vyinshi novuga atari uko ndiko nitegura nk’abandi guhiganwa mu gice ca 2 gishira icanyuma kandi ndafise ivyizigiro ko nzoshika kure hashoboka ».
Amissi Jean El Pedro we avuga ati : « Naje muri iri higanwa ngomba gustinda iri higanwa. Ubu rero mbandanya nitegurira neza igice ca 2 gishira icanyuma. Ndizera ko nzokwigenza neza muri iki gice twimirije ».

Mujimbere Gabriel nawe yarabanje akenguruka Brarudi itegura iri higanwa hama avugako atamvo zomubuza gutahukana iri higanwa kuko yishigikiye kandi arizeye ko n’abakunzi biwe bazomushigikira.

Bitariho Halidi ati : « Haburana babiri hagatsinda umwe, nanje niteguye nk’abandi kandi burya ntamuntu yogera ngaha atabishoboye. Umurwi utanga amanota ukora neza kandi n’abakunzi b’umuntu bazobigiramwo uruhara. Ni nabandanya nzaryoherwa ntabandanije naho nzotahana ubu bumenyi tumaze igihe duhabwa ».

Mfura Alain Michel avuga ko Imana imugejeje mu gice ca 2 gishira icanyuma c’iri higanwa ishobora no kumushikana mu giciro ca nyuma mbere n’igikombe akabagitwara ».

Abo baririmvyi bose basigaye mw’ihiganwa bakoba bahamagarira abakunzi babo kubashigikira mu kubatora biciye ku rubuga rwa internet rwa Primusic hamwe no ku mihora ya terefone. Kanatsinda amajwi bazohabwa n’ababashigikiye arimwo mu manota umuririmvyi azoronka.


SENGUREBE Joël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.