Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primusic: Imiriyoni cumi na zitanu zizotwara nde uyu mwaka ? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Primusic: Imiriyoni cumi na zitanu zizotwara nde uyu mwaka ?

Primusic: Imiriyoni cumi na zitanu zizotwara nde uyu mwaka ?

mercredi 11 Nyakanga 2013

Ihiganwa rya Primusic ririko ryegereza isozerwa. Inyuma y’igiteramo cabaye, batandatu basigaye babandanije imyiteguro y’ingene bazitwara mu giteramo ca nyuma, ariko abatari bake, bakaba barindiranye igishika uwuzokwegukana iryo bahasha ry’imiriyoni cumi na zitanu.

Nk’uko abategura iri higanwa babimenyesha, bitegekaanijwe ko imbere y’uko buri muririmvyi azohabwa akanya ko kuririmba we nyene mu giteramo ca nyuma, barafise indirimbo zibiri bagomba kuzoririmbira bose hamwe, uko ari batandatu ari naco gituma twabasanze bariko babandaniriza imyiteguro hamwe bose. Nk’uko umumenyereza wabo yabitubwiye, uwo nawe akaba ari umuhinga yaje ava mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, yatumenyesheje ko ashaka ko izo ndirimbo zizerekana ubuhinga bamaze iminsi bahabwa, bikazoca bifasha buri muririmvyi wese kuza kuririmba indirimbo y’ihiganwa yamenyereye, mbere agashobora n’ukuvyitwaramwo neza.

Denyse yagize ati: "Jewe mbona aba baririmvyi bose basigaye mw’ihiganwa ari abahinga, kandi barabikwiye ku buryo uwuzokwegukana iri higanwa muri aba azoba abikwiriye." Avugako yabigishije kumenya kwakira ibivuye mw’ihiganwa, kuko haburana babiri hagatsinda umwe. Mu nyuma y’uko bahejeje gutegura izi ndirimbo, buri muririmvyi aca aronka akanya ko gutegura ivyiwe, bijanye n’ihiganwa aho yihererana n’abacuraranzi we nyene, imitima yoba iyabari mw’ihiganwa mbere n’abakunzi ba buri muririmvyi, ikaba itari hamwe hibazwa ninde azotahukana iyo ntsinzi, agutahukana imiriyoni cumi na zitanu z’iri higanwa uyu mwaka.

Igiteramo ca nyuma kikaba kizoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Nyakanga 2013, aho hazoba hari abaririmvyi nka Sat-b, Rally-Joe , Fizzo , Mkombozi, T-Max na Jagwar azova mu gihugu ca Kenya mbere n’abandi benshi ba hano mu gihugu c’Uburundi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.