Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Prosper Ntahorwamiye:"Amatora yagenze neza cane" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Prosper Ntahorwamiye:"Amatora yagenze neza cane"

Prosper Ntahorwamiye:"Amatora yagenze neza cane"

mardi 21 Mukakaro 2015

Umurwi utegura amatora CENI umenyesha ko amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakaro yagenze neza cane.

Umuvugizi w’umurwi CENI Prosper Ntahorwamiye yavuze ko ku mugoroba wo kuwa 21 Mukakaro mu ntara zitandukanye bari batanguye guharura,ariko ibiharuro vyose vy’abitavye ntivyari bwamenyekane.

Prosper Ntahorwamiye yavuze ko amatora yakurikiranywe n’indorerezi zavuye hanze y’igihugu no hagati mu gihugu.Yavuze ko amashirahamwe nka MENUB, EAC ,CIGL,ibihugu nka Kenya,Afrika y’Epfo Ubuganda,amaradiyo,imigambwe n’amaradiyo bose baje kurorera amatora.

Ku bijanye n’itangazo rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika rivuga ko amatora yatunganijwe mu bihe hari umutekano muke kandi ata mwidegemvyo uhari,Prosper Ntahorwamiye yavuze ko amatora yabaye mu Burundi yabaye mu mwidegemvyo nta ngere.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ivyamatora Vyaheze,nibagumehamwe

  • Ntacho bimaze ninkugutamba wirorera kweri!

  • Ntacho bimaze ninkugutamba wirorera kweri!

  • Murundi Uwo Ninsumirinda be na ndayicariye igikorwa batumwe na cndd fdd baragihejeje nibarabire agahembo kabo bigire amatora azotungamya nababishoboye badakorera inda zabo gusa

  • Eka Nukuri Ibizova Mwaya Matora Ya Peter Ntituvyemera, Na Amerika Ntivyemera Kandi Nivyo.

  • ayo uvtga ko yagenze neza mbe ninde yaraye ararasa mugisagara ca bujumbura? izonda mwuzuza ariko mwisha benewanyu ejo muzoharirwa ivomo mubure iyo murira ayo mahera muca mubanje kumena ibanga

  • BATUNDI BARUNDIKAZI, NDAGOMBA KUBABWIRA IGITANGAZA MPEJEJEKUMENYA CABAYE KUBARUNDI BABIRI MUMEZI AHEZE! UWOMUKURU WA CENI NA NUMUSHIKIRANGANJI WINTARO YOHAGATI MUGIHUGU CU BURUNDI BEMEREWE UMWUMWE AMAFRANGA YAMANYABURAYA ANGANA MILLION 20 NGOBAHUNGE NGOKUGIRA AMATORA NTAZOBE HACEHABA INTWARO MFATAKIBANZA ARIKO BARABARAHIYE, NONEGAYEMWE MWUMVABOBANTU TWEBWEBENEGIHUGU BATOBATO BATATWITANGIYE BAKATWUMAKO?.

  • emma
    yemwe bantu mwanka ivyavuye mumatora murabasazi ahubwo nti musubire kutumena umutwe kandi mumenyeko imbanyi twari twibungenze yavutse ubu sinkakare mwaduhonyora kumutwe mushaka mwokwitonda.

  • emma
    yemwe bantu mwanka ivyavuye mumatora murabasazi ahubwo nti musubire kutumena umutwe kandi mumenyeko imbanyi twari twibungenze yavutse ubu sinkakare mwaduhonyora kumutwe mushaka mwokwitonda.

  • Mbega muribagiye ko ikiringo ca kabiri ca Nkurunziza kizohera itarike 26 z’ukw’umunani? Je mbona ko bose barindiriye gihere hanyuma ntawuzomenya icamuhitanye. Kandi bizoba biciye mumategeko. Mwihangane igihe kigere

  • izina iryo muntu umwe ngo ndayicariye uwundi ngo ntaho rwamiye iyomitwe yanyu izotekuruka nimurindi corale yokubasengera izoboneka twebwe ayo matora ntituyemera nimwicarire izondazanyu tuzozitoboza ibiti

  • Abo bansumirinda bazoteba baveho,aho ufyura amaso nk’impene yahaze amatovu.

  • GUMAHAMW BASHA, CAKUBITIWAHABONA,MWAKINDAMUGARAMY?IMANA YAKIMUHEREJ "MUTAMA"NIYIGUMIR KURIVORA,ICABON N’IMANA YOMWIJURU.

  • Uyo mugabo nk’uko yiyita ntagira umutima kweri. Arafoye inda ngaho ngo amatora yagenze neza cane?

  • Ngwamatora yagenze neza bamwe twagiye mwiyonkinamico yabo kubera mwijoro ryo kuwa mbere imbonerakure zaraye ziratudodorerako zitubwira ko uwutazoja gutora azoca amenya iyaja,ngo harabagomba gutembagaza ubutegetsi ! nkurumbi ubwiwe niwe abutembagaje kuko yanse ko haba amatora agashima inzira yigikenye namanyanga ,azobona ingaruka yavyo akinda agaramye, yubama,anyika, aguruka, abarundi bumutima dukunda igihugu dutahura demokarasi icarico ntiturota twemera kuba abaja biwe

  • Ntamatora yabaye ninkinamico yaba dd be nandayicariye be nantahorwamiye nayo amatora turayiteze mumisi iza

  • Amatora Yaragenze Neza Inkona Irarara Nibayiveko Abarundi Na Banyamerika

  • mbegako mwadika twarabamenye mwabatutsi mwe nincikinyamakuru canyu mugabotuzobatwara tukugu nvu gomugiyekurasa munzoherera yosikizima murugika abavuye muma shure nicica uwa

  • Amarundi muratwenza gusa, muravuga muga ntimukore, reka Nkurunziza yongerere abayobore mukoresha umunwa gusa

  • Mu kirundi bati "Umupfu ntiyinukira". Mumbabarire ni umugani.Ntahorwamiye turazinanye ni umugenzi kuva kera cane. Ariko ndababazwa cane, cane kandi cane n’ukuntu asa n’uwatwawe umutima n’ubutegetsi bwa Nkurunziza. Ntaciyumvira; ntakibona; azira kuvuga ukuri; avugana agasuzuguro katagira izina,... Mugenzi; ihanure amazi atararenga inkombe. Nayo ahandi, uretse twebwe; n’abavyeyi, umugore n’abana bazogukura ko amaboko usigare umeze nk’agati kari mu ruzi.

  • mbega Hinduka we uvuga ntaho rwamiy uramuzi!!!mumbaz jew:yamye ari nsumirinda,ari umuja mu bikorwa vyose!no kwishure yari uko.niwiw hama induru!!arangwa nukwam aryana n,umuryango wiw gusa icazi n,abamalaya gusa!!nagende atungany ivy urugo rwiw hanyuma ace aza atungany ivya CENI

  • Nagomba ntwenge uwumutekamutwe yiyise ndanga ahaaaaaaaa,ha urazi uwo ico ashaka yipfuza kuba icegera ca willy nyamitwe niwe mbonye amwababa muguhimba ibinyoma mugabo harakantu kabasiga ntibashiramwo ubwenge mubinyoma vyabo, ibinyoma vyabo nivyo vyihinyuza oyasha ibinyoma vyanyu twabihinyuye kera ,ahubwo nuko utambona ngisoma ayomateshwa yawe natwenze ndakumbagara ,wewe ntuzi nsumirinda ndayicariye kandi ntuzi njiyobiri nduwimana ngo bogisha izo million zamanyaburaya reka reka, kandi ntawuzibahaye nibatekereze bagume banoba udukorotse kumeza ya nkurumbi nawe wiyise ndanga tekereza sha kuba icegera ca nyamitwe ntibazoruha babikunutsa nico gituma wo vuga make

  • mwabajemwe ba oposition na america shaka murekwe kwirirwa mutumunwa tekereza amatora yaraye aheze nubwo mwoyaburabuje yarabaye peee mbe mwibagiye ivyo muhitiye mukorera igihugu cabibarutse tekereza muvuga mwareka azobatwa tu uhubwo mube muritegura neza kuryozwa ivyomwonye vyose mbe komuvuga ngo america ntivyemera mbe america turayobewe ivyayo mwarahinyutse basha.gumahamwe.

  • Uwuvuga ko amatora atabaye mu mwidegemvyo azotegura rwiwe n.abiwe,amerika nirabe ivyayo umugabo wese amenya ingene yubaka urugo rwiwe.nibatureke none bashaka ko aribo baza gutwara uburundi?

  • NEZA CANE MUTAMA NTAHORWAMIYE.ABAHUTUB’UMUTIMA BARACARIHO.MWE NA NDAYICARIYE N’IMANA YABATURUNGIKIYE.IVYO BIHUTU NAVYO RWASA,NIYOMBARE,LEONIDAS... VYAHEMUTSE BIGAHENDWA N’ABATUTSI BIZICUZA.ABO BIYITA ABA DD BARYUMYEKO BARAZA BASABE IKIGONGWE KUKO ABA DD TURI ABANTU BEZA CANE ARIKO BAZOZA BARARIRA HASI KUKO ARI ABANA BIVYANGAZI N’ABAHEMU

  • Abo Rindira Imana Izobacirurubanza Bumirwe.Kukwo Jewe Ahomperereya Sinigeze Mbona Umuntunumwe Yiyamamaza.

  • Eric ndakugaye pe! aho kuvuga nabi wopfum uja mur toilette ukanya.uracari inyuma yamacakubiri yabahutu n, abatutsi?? ugurura ivyo birohori vyaw ngo namatwi nkwibutse:abirirwa bapfa bogutum kubarab wosanga ari abatutsi gusa!!! none ko hatwara umuhutu abo bahutu bicwa nande? nako ngo uwushak umuhutu amutuma uwundi!! rero turahaz ubwo bwenge buk bwawe nabo mufadikanij ivyiyumviro bibi kuko dushak amahoro nubwo hotwara umutwa we don, t care gusa akwirikiz ibwirizwa nshingiro na accord d, arusha.Rwasa Agathon, Domitien Ndayizeye hamwe n, abahora mu ndongozi za cndd fdd ubu biyita:abarigumyeko tworab twosanga ari abatutsi??? kanura ubone ubwirwe wumve nta moko mu burundi akiriho!!! iyo ubuz ivyo uvuga naho ukwiye kwugara iyo toilette yaw ngo numunwa.ok? atarivyo naho nguhay1 mois ivyo uvuga uzobibazwa

  • nimugire amatora yanyu, ayiwacu twarahejeje kuyakora. Kandi mwongere mutware iwanyu; twebwe uwo dushaka ko atwara iwacu twarahejeje kumutora. Nimwatwereka uwundi ari muzima mubiwanyu niho tuzoheza tukavyemera. Izontambara rero mugende muzigirire iyo iwanyu. Twishakira amahoro , dushaka kurya bike turyama kare. Tuzokwambara impuzu zibiti, tube munzu zibiti, canke zi vyondo. Isukari tuzoyivana mubikaju, turifitiye amavuta yamamesa. Kandi singombwa ngo turye amavuta, ibivuta bitera obesité. Kumutwe tuzogira ubusage. Imiduga tuzoyigurira mubadukunda hamwe ni ndege. Amarobinet nayo tuzopfungurura ayo mu masooko.

  • agasozi k’intahanurwa kahiye abagabo barorera!ntawusomera basemerera!uwukize isemu yibagira icamwirukansa!wanka bangwe ntiwanka zana ndabe!ikinyaruvu mukuvyara kirameneka! nukuvuga ko nkurunziza urukundo akunda uburundi n’abarundi rumeze nk’urwo ikinyaruvu gikunda abana baco.ndavuga simvura amaherezo ya pita n’abo basangiye umugambi namwe n’ayikinyaruvu c’ikigore hageze ko kirondoka,ariko muramenye ko kuvyara nk’ikinyaruvu uri umuntu ibibondo vy’uburundi n’abarundi bizohahonera

  • twebwe abanyagihugu turashima ivyavuye mumatora

  • Imana izobigaragaza kandi umenyeko nimbayagenzenezayagenzeneza iwanyutwenkabarundibenshi iconokubwira mutihanye ngomurekekwiba nimba uzingo uriko urondera ijuru ntaryo uzobona aho murikumwenashetani
    hinduke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.