Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Racine carrée” urukurikirane rushasha rwa Stromae rwasohotse (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > "Racine carrée” urukurikirane rushasha rwa Stromae rwasohotse (...)

"Racine carrée” urukurikirane rushasha rwa Stromae rwasohotse icese

mardi 20 Myandagaro 2013

Paul Van Haver benshi bazi kw’izina rya Stromae yasohoye urukurikirane rwiwe rwa 2 rwitwa “Racine carrée”. Urukurikirane abantu batenguye rwagize ama sigise imbere yuko inasohoka icese.

JPEG - 5.1 ko
Igifuniko c’urukurikirane "Racine carrée"

Racine carrée” ni rukurikirane rw’umuririmvyi Stromae rwaraye rusohotse kuri uyu wa mbere. Ni urukurikirane rwa 2 inyuma y’urwa mbere, «Cheese», yasohoye mu 2010. Urwo rukurikirane rukaba rurimwo indirombo zimaze iminsi zibica bigacika ku rubuga rwa internet. Izo nazo akaba ari nka « Formidable », ururirimbo uwo muririmvyi yakoreye amasanamu mu gisagara ca Bruxelles aho abantu bibaza ko yaborewe mu gatondo. Hariho kandi n’iyindi ndirimbo yitwa « Papaoutai », zose ziri muri urwo rukurikirane.

JPEG - 6.9 ko
Stromae

Urwo rukurikirane rugizwe n’amajambo y’umubabaro, ishavu, vyavuye mu buzima Stromae yaciyemwo. « Racine carrée » rukaba ari urukurikirane rumwibutsa amamuko yiwe. Paul Van Haver yitaziriye Stromae afise se w’umunyarwanda nayo nyina ni umubirigikazi wo mubwoko bwaba flamand.

Stromae ni umusore mutomuto yavukiye i Bruxelles mu Bubirigi kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 1985. Yatanguye kumenyekana cane mu 2000 ku ndirimbo yasohoye uwo mwaka yitwa « Alors on dance ».

Indirimbo ikurikira yitwa "formidable"(bisigura "birahimbaye", "birabereye"). Ni imwe muzigize urukurikirane rushasha « Racine carrée »


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.