Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isamirizi Humuriza igiye gusamirana no muzindi ntara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Isamirizi Humuriza igiye gusamirana no muzindi ntara

Isamirizi Humuriza igiye gusamirana no muzindi ntara

dimanche 22 Kigarama 2013

Isamirizi Humuriza isamirana mu ntara munani z’Uburundi, bariko bongereza ivyuma ubuhinga n’ubumenyi kugira na ntaryo abarundi bose bakwirikirane ibiganiro ishikiriza, inyuma y’amezi ashika ane irekuriwe gukora k’umugaragaro.

Mu kiganiro yagiranye n’Ikinyamakuru IGIHE, Gateka Saxe Perry azwi kw’ izina rya Gasape, amenyeshako isamirizi yavuye mu ngabirano y’ubwenge Imana yamuhaye, igiye gukora nk’ayandi masamirizi yose yo mu gihugu. Igihe twamusanga ku cicaro c’isamirizi Humuriza iri mu gisagara nca Gitega, Gasape yariko yongeramwo ibindi vyuma kugira yongereko izindi ntara kuko gushika ubu yumvikana mu ntara umunani z’igihugu. Ababa cane cane mu ntara z’Uburaruko barumviriza ukuri kwamye isamirizi Humuriza. Ibiganiro vyayo bitangura iminsi yose igihe c’isaha indwi. Tumubajije igituma bakora amasaha make, Gasape yishuye ko ata buryo araronka bukwiye kugira ahembe abakozi, aho aca agirako asaba abo mutera intege kugira ivyo bikunde, kugira abakozi 25 bakorera isamirizi baronke umushahara.

JPEG - 33.6 ko
mu cumba c’ibiganiro

None isamirizi Humuriza yatanguye gute? mu mwaka w’I 2005, Gateka Saxe Perry ariko akora akaradiyo kapfuye akuma kakira amajwi ”recepteur” yasanze ako kuma yakagujije n’akandi gasohora amajwi “emetteur”. Bibaye uko aca yumva amajwi yiwe muri nya radiyo. Kuko yarasanzwe ari umwana akorakora cane ivyuma, yaciye abandanya yongerako utundi twuma akuye mu bintu vyapfuye, maze isamirizi itangura kwumvikana gushika ku muzingi w’ibirometero bitatu, mu nyuma biba umunani. Ababa muri uwo muzingi barumviriza ibiganiro vy’urwaruka rwidagadura vyaca kuri iyo samirizi.

Ico gihe mu Burundi haciye havurwa umwana yakoze iradiyo yitwa Gasape, benshi baravyumva ariko ntibabitahura. Akamarampaka umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye yishikira muri zone Mungwa iri mu ntara ya Gitega, kwirabira ico gitangaza mbonekarimwe mu Burundi. Yasanze koko urukurukuru rwakabaye inkuru. Ari kumwe n’abanyagihugu, afise akaradiyo mu minwe yarumvirije amakuru atangwa na Gateka Saxe, uwo nawe yari yicaye mu buhinga bw’ivyuma, aho hari mu cumba ca Gateka. Umukuru w’igihugu nabo bari bafatanye urugendo baratangaye ariko baratahuye ko ari ingabirano. Agashimwe yamuhaye kanini n’uko yaciye amurungika i Buraya kunonosora ubumenyi, maze isamirizi ikoreshe ivyuma bishasha kandi bigezweho.

JPEG - 23.3 ko
aha yari yagendewe n’umukuru w’igihugu

Abajejwe ibisata vyo kumenyesha amakuru (ARCT), baramuhagaritse maze akorere ku mategeko ya yandi masamirizi, aho Gateka yaramaze kumenyekana nk’umuntu yakoze isamirizi, mu nama z’abafise amaradiyo n’ibimenyeshamakuru yaratumirwamwo.

Kuva mwaka w’ 2010 gushika mu mwaka w’ i2013, Gateka yariko yiga yongera arondera impapuro zimurekurira gukora ku mugaragaro. Kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro 2013, iradiyo Humuriza yahoze yitwa Gasape irugururwa ukuri kwamye. Gateka Saxe Perry n’umuyobozi wayo, aserukira kandi ishirahamwo ry’iterambere ridakumira ”Association pour le Developpement Integral”, iyo samirizi itwarwamwo.

Fyonda aha munsi wirabire igitangaza c’iradiyo Gasape, igihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ya mugendera. biratangaje cane.

JPEG - 32.5 ko
uwu akora mu buhinga bw’ivyuma
JPEG - 62.3 ko
aha yari mu cumba iwe ari kumwe n’umukuru w’igihugu

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Jewendabuze ukuntunobivuga nukuntunomushirahejuru’ birenz’ukwemera uwomuntu yakoze icogikorwa cubwobushakashatsi bwogukora iyo radio Gasape yahindutse HUMURIZA vyarivyizatwese abarundi tukavugako ariwegihangange cambere mwakino kinyanjana! Nukurindamwemeye mazerero nisabire reta yacunubwonsanzwenzi irebwa navyishi uwomuntu mukomeze kumwegera mazemumushigikire kugezanaho muzoruhuka mumugezeje kubushobozi bwuko iyo radio ikozwe nivyiyumviro vyumurundi yavukiye i Burundi yumvikaniye mumakunguyose.

  • Uwo mwana ndasavye umukuru w igihugu amugume hafi kuko azoteza imbere igihugu mubintu bidasanzwe. Ivo n ivyo neretswe n. Imana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.