Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RADDES yikuye mu runani UPO rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > RADDES yikuye mu runani UPO rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi

RADDES yikuye mu runani UPO rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi

lundi 11 Myandagaro 2014

Mw’itangazo basohoye, mu mugambwe RADDES bamenyesha abarundi n’amakungu ko bikuye mu runani UPO (Union des Partis Politiques de l’Opposition Extraparlementaire) ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Muri uwo mugambwe bakaba baciye bahindura n’indongozi.

Nk’uko tubikura mw’itangazo ry’uwo mugambwe, ingingo yo kwikura muri UPO (Union des Partis Politiques de l’Opposition Extraparlementaire), urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, yafashwe mu nama yo kuri uwu wa gatandatu, bakamenyesha ko urwo runani rudafise intumbero nk’iy’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mbere bakagiriza Jacques Bigirimana, umukuru w’urwo runani ko akorana n’urwego rw’igendereza ry’Uburundi mu guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD.

Uwo mugambwe ukaba waciye uhindura n’indongozi zawo, uwahora awuramutswa, Nditabiriye Dismas, akaba yasubiriwe na Emmanuel Kaburanirwa, bamwagiriza ko akorana na Jacques Bigirimana, hamwe n’urwego rw’igendereza mu guhagarika abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD. Kaburanirwa Emmanuel akaba ariwe agiye kuramutswa uwo mugambwe vy’imfatakibanza, gushika kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2014, umunsi hazoba ikoraniro ry’uwo mugambwe.

JPEG - 13.3 ko
Emmanuel Kaburanirwa aramutswa umugambwe RADDES vy’imfatakibanza

Iryo tangazo ry’umugambwe RADDES ryateweko umukono na Mutoniwabo Tony, icegera c’umukuru w’uwo mugambwe, Kaburanirwa Emmanuel icegera ca kabiri c’umukuru w’uwo mugambwe, hamwe na Ndayishemeza Athanase umunyamabanga mukuru.


Egide Nduwimana

Messages

  • komere,harageze ko tubona iyotuja!nibara kubona abarundi bishwe ninzara kandi bataruhuka gukora!

  • Bravo! Uyo mushingantahe qui dénonce la fausse opposition!
    Tumushigikire! Vive la démocratie! Vive la liberté d’expression!

  • Quelles sont vos stratégies? Vous dénoncez depuis que vous avez quitter le Parti FNL , vous êtes Président a.i du RADDES qui a négocié les Accords d’Arusha!
    On vous connaît au collège Saint Esprit en 1981 et je me rappelle qu’un jour un garçon de votre classe vous a dit: je répète , toi mututsi d’imbo n’espère pas
    Une bonne place après tes études : twebwe abanyarutovu, duheza turonka,
    Bourse et on revient au Burundi avec un poste de ministre.
    Je me rappelle que tu m’as dit après que tu vas quitté ce pays d’injustice!
    Tu étais l’ami de bahaga prospère et d’un certain audifax.....pour toi Hutu , twa , prince ou tutsi tu t’enfoutais!
    Quand j’ai appris que tu étais membre influent du FNL , ça ne m’as pas étonné!
    Ndagushigikiye Kaburanirwa, imana ikuje imbere!

  • Barundi, Barundikazi! Ndabaramukije nurweze rwinshi!
    Nabonye ko mwasomye ururwandiko ! Ndabashimiye !
    Ndifuza ko twoganira gusunvya , mukanterera ivyiyunviro mufise.
    Mubishaka mwonyandikira Kuri email:
    Kaburanirwa@hotmail.com
    Téléphone ni : 0032/476407813.
    Ndabashimiye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.