Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RADDES : Abarundi bakwije imyaka basabwe kuja kwiyandikisha mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > RADDES : Abarundi bakwije imyaka basabwe kuja kwiyandikisha mu (...)

RADDES : Abarundi bakwije imyaka basabwe kuja kwiyandikisha mu bazotora

mardi 25 Munyonyo 2014

Umugambwe RADDES uhamagarira abarundi bose bakwije imyaka yo gutora ko bokwitaba igikorwa c’ukwiyandikisha catanguye kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 24 Munyonyo gushika ku genekerezo rya 7 Kigarama 2014.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, bibutsa ko intwaro rusangi ishingiye ku vyiyumviro vy’umwumwe wese, kandi ko kugira ijwi ry’umunyagihugu wese ryumvikane bica mu matora. "Amatora niyo yubaka igihugu, akongera akagitegekaniriza kazoza, ari naco gituma abanyagihugu bose bakwije ivyangombwa basabwe kuyitegurira, kuko ari uburengenzira bahabwa n’amategeko".

Iryo tangazo ry’umugamwe RADDES rivuga ko amatora ari igikorwa kiraba umurundi wese, ku neza ya bose, ayo matora akongera agatanga ubushobozi bw’ugutwara kubaba bizewe n’abanyagihugu. Muri uwo mugambwe basaba ko ata muntu n’umwe yokwiyaka ubwo burenganzira butegekanwa n’amategeko, bagasaba abarundi bose bakwije imyaka ko bokwiyandikisha, bongere biyumvire uwo babona bokwizera bakamuha uburongozi.

Mu gihe imigambwe myinshi ibandanya gushikiriza amakenga yayo ajanye n’uko itahawe ibibanza mubazocungera amatora, umugambwe RADDES usaba iyo yindi migambwe ko bitoyica intege, ahubwo yitegurire kuja gutora n’ugucungera ayo matora, kugira azoshobore kuba ku mugaragaro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mwebwe murabagabo ndabibabwiye nejonzobisubiramwo, bwabindi imigambw ifisamajambo yubaka ntikunzekuzuga! Abirirwabaravuga bakabarurangiranwa mugihugu nokw’Isi nzima aho iyinigambwe yitwako itanenyekana abarunditwayihereye ijambo ntimuzotangare; komera RADDEc.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.