IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Regideso : Barizeza abanywanyi ko mu ndwi zibiri umuyaganku​ba uzoba (...)

Regideso : Barizeza abanywanyi ko mu ndwi zibiri umuyaganku​ba uzoba ukwiye

jeudi 15 Rusama 2014

Mw’ishirahamwe Regideso barizeza abanywanyi b’iryo shirahamwe basanzwe bakora ibikorwa bikenera umuyagankuba ko ivyo gukurakuranwa bigiye kurangira mu kiringo kitarenga indwi zibiri.

Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru cabaye ku muhingamo wo ku munsi wa gatatu, umuyobozi w’ishirahamwe REGIDESO (la Régie de production et de distribution d’eau et d’ électricité au Burundi Libérat Mpfumukeko yaremesheje abanywanyi b’ishirahamwe arongoye, kuko bari bamaze iminsi bidoga ko ata muyagankuba ukwiye baronka. Umuyobozi wa REGIDESO yabijeje ko mu ndwi zibiri gusa ivyo gurakuranywa umuyagankuba bimwe bita délestage bizoba vyarangiye. Agasigura ko ibikorwa vyo gusanura ivyuma bisanzwe bitanga umuyagankuba vyari vyahagaze, ariko akavuga ko ubu vyasubiriye ndetse biri no mu kurangira, nk’uko Liberat Mpfumukeko abandanya abishikiriza.

Ku vyavuzwe naho ko hari umuntu amaze iminsi atanga ama unité agatangisha n’ amafranga ariko ataramenyekana, kandi asanzwe avuga ko akorera ishirahamwe REGIDESO, Muri iryo shirahamwe bamenyesha ko bariko bakora amatohoza niho yafatwa azohanwa bisunze amategeko.


Floxella Karire

Messages

  • Regideso kubera iki isigaye itanga amatara nka jeu des lumières nibapfume bawutwara umurango bawuduhe ijoro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.