IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi ibandanya gushigikira ukwitoza kwa Buyoya muri (...)

Reta y’Uburundi ibandanya gushigikira ukwitoza kwa Buyoya muri OIF

mercredi 16 Mukakaro 2014

Reta y’Uburundi irabandanya gushigikira umukenguzamateka Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi, mu kwitoza kurongora ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa.

Laurent Kavakure umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ibindi bihufgu, akaba avuga ko abaserukira Uburundi mu makungu, bariko barafasha mu kuvugira uwo mukenguzamateka yahoze arongoye Uburundi mu bihugu bisanzwe bifitaniye ubucuti n’Uburundi, kugira bize bihunde amajwi Petero Buyoya. Uburundi rero bukaba bubandanya bukora ibishoboka vyose mu kuronderera amajwi Buyoya.

Mukamenya ko Petero Buyoya ariko arahiganwa n’abandi bashaka kurongora iryo shirahamwe, mu gusubirira umunya Senegal Abdou Diouf. Amatora y’uwo buca arongora iryo shirahamwe akazoba mu kwezi kwa Munyonyo uyu mwaka. Muri iki gihe, Petero Buyoya yarungitswe na Reta y’Uburundi, akaba ari intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’Afrika mu gihugu ca Mali no mu karere ka Sahel.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nanje ndashaka umurundi wacu nyakubahwa Buyoya ko yozohabwa ayomahirwe kuko nu Burundi bwobabutewe iteka abarundi tumushigikire twivuyinyuma.

  • Iyo mupfuma mutubwirak Agirakurikiranwe kumabiyakoze muntambara,

  • Mwibagira ningoga ariko ni inyungu za politike ,nkingira ngukingire watanzania ndo wanasema kulindana.iyo reta ivuga ko uwo mushkngantahe ko ura umwere ari akarorero ,muri vyose na hose nca ndibaza igituma bafashe ibirwanisho bamurwanya????

  • @Ntarukiza, Uwoshaka abogushirwa imbere yubutungane nawewe uburimugasho uyumusi, uyumusirero ntitumwo turavuga uvyubutungane, nihagerigihe civyubutungane Buyoya azokwitaba kuruyumwanya nkabarundi dukunda uburundi dutegerezwa gushigikira Buyoya na Sauli yariyaragitikije yahindutse ngirakamaro.

  • None aho mur burundi harabuze uwundi mushingantahe afise ubushobozi bwoguhiganwamuri ico kibanza? Mbega Kavakure, aribagiye amabi buyoya yamukoreye? Aribagiye iminsi yamaze agenda, mpaka no munkambi y impunzi i Mtabila, aho yari atunzwe n imfashanyo ya HCR! Emwe , namugirire propagande, abahutu nico wobakundira bibagira ningoga. Ntaho Kavakure ataniye n umwana w imyaka itatu muvyiyumviro. Ayo mazuru nk imivuba aho bosubira kuyatumura.

  • Wewe Niyondiko, twashaka kukubwirako ngahamu Burundi abashingantahe/abagabo bashoboye kujamwowomwanya nibeshi urumvarero musabobeshi na Buyoya arimwo twahisemwo Buyoya. Kubijanye nivyowavuze ko Buyoya yakoreye uwomushikiranganji wimigenderanire yu Burundi nayandi makungu CNDD FDD canke iyi reta ihari ntibazanwe nokwihora ngobakumire uwobibazako yigeze kubagirira nabi wibukeko ivyo arivyubutungane mugiherero ubutungane butaragira icobwagiriza umuntu ntanumwe yemerewe kumutoteza nkuko numvabamwenabandi mushaka gutoteza Buyoya mukumwifatira mugahanga aho uwobaza Imana data watwese womw’Ijuru mubarundi bakoze amabi wosanga nawe warayakoze, jewe icombona sukuguma twagirizanya ngo uriya yarakoze ibara ahubwo nukureba twese duhagurukire icarimwe tugiriranireneza bubotwaridusanzwe dukundana nabo twigeze kudakundana ivyonivyo bizotuma dukomeza guterimbere nkuko mubibona uyumusi. Ahowavuzeko abahutu twibagira ningoga niyaba muvyukuri abobahutu arabantu bakunda abari abasibabo ndabahaye congratulation kuribo kuko vyanditsweko urukundo rutwikira ivyaha bibavyaratukuye tukutuku’ mazabantu bagatangura gushingitahe yabobigezekwanka munyuba bazakubahindukira abagenzi. Ndarangije ndababwirako uwowese afise agatima kokwihora ntazoduterana intabwe murivyose canecane mumatora kanditurazi kobariho. Tuvuge ivyakahise ariko atarimuntumbero yokwaka uburenganzira uyu cankuriya mugihugucacu cu Burundi. Buyoya ndamwifuje amahirwe kuryamwanya arikwarahiganirwa nagateka kuburundi no kubarundi.

  • buyoya tsindaaaaaaaaaaaaaaaaaa buyoya komeraaaaaaaaaaaaaaaaaa buyoya tsinda mu makungu yoseeeeeeeeeee ahubwo turagusavye kugira muri 2015 uzoze tuguhe amajwi twese mu mugambwe CNDD FDD hamwe n’abandi barundi. abo bavuga ngo warishe barasara...mbewewe ga mutama wo mu rutovu iwabo wabantu, hari n’umwe akkwagira?ikomerere...ubona bodusaba gutora natwe dukoresheje msg tukayaguha

  • Oya si gutyo kunyungu z’igihugu, menyera gutera imbere muvyiyumviro, mureke kwama muri vyabindi kugira navyo ntibibamemwo. Wawundi ati "Birahinduka ni imbwa ya busokoza" N’impfizi hari aho iteba ikamwenyura.

  • Nimureke kuvuga ayamuhe, nta wera ari kuri iyisi. Rero Imana yonyene niyo ifise inyishu kuri dossier ijanye n’umuntu wese. NO TRUE ON THIS WOLRD.

  • Nanje ndamwifuriza chance ndetse n’Uburundi bwose!!!Ntimukabe Babamwangababo!

  • Ewe barundi uwo Buyoya pierre ataazi kuvuga igifransa mwiyumvira yuko yotogwa?? vraiment le Burundi fait honte dans la region, vous depasser le RDC muli coruption none mugomba umurundi comme président de la francophonie. Franchement, j’ai rien contre Buyoya mais arrettez de rever les yeux ouverts chers barundis. Allez voir le developpement de votre voisin le RWANDA

  • whant i thing people from burundi let forget buyoya is good guy if you hw man people you read kill because to kill is not take gun and kill someone if u say if send u kill wht i need to say live mr buyoya alone lat him proud burundi

  • reka kuvuga aya muhe mweeeese Dieu seul sait déjàcelui qui va diriger la francophonie!abarundi nukuri murazi kubabaza Imana yacu nico gituma tutazopfa dutey’imbere!gerageze musenge rugiravyose ibisigaye muravuga ivyo mushaka muga Imana iba ifise ico yanditse kuri umwe wese!

  • Mbega yamariye iki igihugu ciwe pour mériter ce poste? Ninde atazi ko intwaro yiwe yaranzwe n’intambara n’ubwicanyi? Nibaza ko iyo OIF yoca isambuka, murakoze.

  • je nokebura tout burundais ahari hose;il faut que baba abantu patriotes;bakunda igihugu cabo;Mr BUYOYA niyagira amahirwe Imana ikamuj imbere azoba ari honneur k uburundi;mbere ndetse na EAC naho gouvernement burundais igire yisokore kubera les interets y abantu bake cane bishe igihugu

  • Jye ndi umunyarwanda, ariko nagira ngo mbwire abavandimwe b’Abarundi nimudasyhira hamwe mugakomeza muha agaciro ibidafite umumaro ntacyo muzageraho. Iyo umuntu asuye igihugu cyanyu abona ko mukiri inyuma rwose. none n’ushatse kubateza iteka ntimumushyigikira? Sinzi byinshi kuri Buyoya, ariko nzi ko ari mu baperezida bake cyane muri Afrika bemeye gutanga ubutegetsi badapfuye kandi bakabuha abo batavuga rumwe. Icyo cyonyine mwakimwubahira bavandimwe. Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.