IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi : Ibiganiro ntibizobera intambamyi igikorwa c’ubutungane

Reta y’Uburundi : Ibiganiro ntibizobera intambamyi igikorwa c’ubutungane

mercredi 21 Gitugutu 2015, par egide

Reta y’Uburundi imenyesha ko yari yiteze ko mw’itangazo ry’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bavuga ingene iryo shirahamwe rigiye gufasha kugira abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bahungiye mu bihugu bizwi vyo muri Afrika n’ahandi borungikwa mu gihugu bagaciribwa imanza.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 20 Gitugutu 2015, Reta y’Uburundi yibutsa ko abarorerezi muvy’agateka ka zina muntu hamwe n’abahinga ba gisirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika basanzwe bari mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ruheshi 2015, Reta ikavuga ko ishima ingene ikorana n’abo bahinga.

JPEG - 66.7 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Ku bijanye n’ibiganiro, Reta imenyesha ko yamye ibishira imbere, ari naco gituma hashizweho umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abarundi (CNDI : Conseil National du Dialogue Inter Burundais). Reta imenyesha ariko ko ivyo biganiro bitazobera intambamyi igikorwa c’ubutungane hamwe n’ukudahana ivyaha. Reta ivuga ko yari yiteze ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryofasha kugira abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bahungiye mu bihugu bizwi vyo muri Afrika n’ahandi borungikwa mu gihugu bagaciribwa imanza.
Muri iryo tangazo ryateweko umukono na Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi avuga ko n’abahamagariye abantu muri Reta bita imigumuko ko borungikwa mu gihugu bagashirwa imbere y’ubutungane.

Reta y’Uburundi imenyesha ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryihutiye kuvuga ibihano, mu gihe abarorerezi b’iryo shirahamwe hamwe na Reta y’Uburundi batari bwatange ivyegeranyo. Reta y’Uburundi ikavuga ko yatangajwe n’ingingo yo kuzorungika abandi barorerezi hamwe n’inteko za gisirikare, kandi Reta n’ubumwe bwa Afrika bataravyumvikanako, muri Reta bakibaza ingene iyo ngingo yafashwe n’uruhande rumwe izoshirwa mu ngiro.

Tubibutse ko inyuma y’inama ku Burundi yagizwe n’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, icegeranyo casohotse kimenyesha ko ibihugu bigize uwo muryango vyumvikanye ko hagiye gukorwa amatohoza akomeye kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu hamwe n’ubwicanyi bibandanya gukorerwa abanyagihugu b’abarundi kuva imbere n’inyuma y’amatora yo mu 2015. Kuva kw’igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, iminsi 45 akaba ariyo yatanzwe kugira icegeranyo c’ayo matohoza kizobe casohotse.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ibihano bizofatiwa abazokwagirwa n’ivyo vyaha, ivyo navyo akaba ari ukubabuza ingendo (interdictions de voyage), gufata ubutunzi bwabo (Gel d’avoirs). Mu bazofatirwa ibihano kandi hakaba harimwo n’abazoba bakoresheje imvugo zikwegera abantu mu bugizi bwa nabi.


IGIHE

Messages

  • Ewe nzobonarirwa baraguhenze ngo urumuvugizi ivyobireke kwirirwa urata umwanya wawe wemere muve kubutegetsi ntaco mugishoboye

  • Raba iki kigabo nibinwa bipima ikolometro ingene gifwangagura,barya bashaka gukubita coup d’etat zirya ningabo kandi nabashingantahe bakunda igihugu kuko bashaka gukura amabingira muntama,ariko mwebwe mubona murabantu kweri?intwaro nkiyi haraho yakabonetse,abatutsi nukwica,abahutu nukwica,....ahubwo turasaba UA and UE kurungika FBI niyo idafyina,izo nyaga zanyu basha bigiye kubahinyukana.

  • Mbe wakigoryi we cigitama,kowamuvuga abashatse gutembagaza ubutegetsi,nubu ntitwicay,tuzobutembagaza,vyukuru,ivyari vyoya mumazuru,

  • abagirizwa ivyaha nimwebe ahubo ubucamanza buhere kuri mwebe kuko ibiba muburundi nimwebwe ubikora turiko turabura imiryango nincuti mwirorerera kubera indazanyu iyo muza kwumva impanuro ibintu ntivyarikurnda kwononekara ibibazovyose turimwo nimwe mwabiduteje kubera indazanyu kurubworero nimwihangane!!

  • UBWOBUTUNGANE BWABEREYEHO OPPOSITION GUSA?UGUHANA BIGIRA BIHERE MURI OPPOSITION GUSA GA?NTABARI MURI LETA BAKOZE AKABI KABISHE?NDASAVYE HAGIRE UWUNYISHURA,

  • ntakundi nzobonarigwa kuko ubumw bw’africa ntamanyanga vyose nikubera 3ème mandat.

  • nyakubahwa,mutama wacu Nzobonariba Africa ikora umugambi yitez infashanyo yabazungu kurirya ngingo bafashe nuko bagomba infashanyo yacagisirikare c’afrika cogutabara ahorukanvye kugira gikomere bagomba kugurisha uburundi naya ampur hima-tutsi arko ntaco bazoshikako imana niyo cabona mube maso mwirwaneko muberekeko mufis igisoda.murakoze munshikanire iritangazo kwa prsdent Nkurunziza.

  • niwirambire mutama, Hama izo nteko nazo tuzoraba aho zizoca, zice mukirere tuzimi inkuba,zice mukiyaga tuzime ingona, zice mukuzimu tuzimi ivuku, nizaca kubutaka IMANA izoba izogabuye mumaboko yabana bayo..ndakurahiye...iyo nimpamo. burakeye tuharabe...

  • Ewe mutama NZOBONARIBA, mbega uriko usha wokora iki? Ntaco mugikiza kandi ntaco mucambariye, mwarapimwe basanga ntimushitse, ubwami murabwatswe buhawe abandi atari mwebwe !

  • Babuze isaganirizo. Barondera ivyitwazo bidafashe

  • Urakoze yose, Nisunze ivyovyavuzwe nubumwe bw’Africa baradutukishije wonengo numuntu yariyabashizeko inkoni ababwirako mu minuta ibiri mubemutangaje itangazo rijanye no kuvyu Burundi noneho bacabandika ivyobandika basutamwe!.

  • Utwo twiso uradukanura mukuvugira abicanyi. Gombe muvyanke canke mubikunde, igihe caheze. Iyo umuntu atanguye kuja muri position defensive muri politique, Ivyiwe biba biheze. Nuko ivyanyu vyo bitazohera ngo bibasige bazima.

  • Ivyo Vy,ubutungane Ntabutungane Buri Mu Burundi Ahubwo Kugira Amahoro Aboneke Nukugira Ibiganiro Bidakumira Bihagarariwe Nakarere.

  • MWIHENZE KWA NDIKA umwaka... turi muri 2015. umwaka wa 2013 warahise. Ibinyamakuru mwanditse unomusi vyose mwihenze kwandika umwaka turimwo.

  • Nitegereje muribivyanditse ngaha, ntakintumbonamwo kinyuranye nibikwiye kuvurwa numuntu yobayitwa umurundi mwakinogihe. Ikindi nitegereje ivyiyumviro vyabandi twahuriye kwikigihome cikikinyamakuru nasomyenitonze ivyobanditse ndahebangirisoni kubwamajambo banditse bavuga uyumu papa canke sokuru wabataribake muritwebwe turikoturandika ngaha ariwe muvugizi wa reta yu Burundi Philip Nzobonariba. Muncamake bimwemuvyambabaje vyanditswe nabatanze ivyiyumviro vyabongaha ninkibi: NGO URWORUTAMA AMASOYARWO, ngo IMINWAYARWO, nibindi bisesema Imana. Ndababwira ukuri ataguhigimanga ko asanezaneza nkuko baso naba sogokuru banyu /bacubasa atanakamwe kavuyeko. Nkacamboneraho kubaza uwariwewese yashoboyegusoma ibivyiyumviro akabona ibivyiyumviro ndabibarize? Nkumuntu akuze afise nkimyaka 18 yamavuko kuduga agahaguruka akabwirase canke sekuru ibibintuvyavuzwe nababantu mutekerezako ababanyi incuti nabagenzi bokwibaza gute? Iconobabwirangaha nuko arinkakera amantubataramenyako imana ariyonyishi ababavyeyi buyumwana bomuvuma. Arikubu kubera abantubaziko Imana ariyonyishu bomusengera hanyuma akihanganira n’Imana. Ikindi bababanyi nimiryango nabagenzi bahezabakibaza nuko yobayarwaye kurirabamutware kwamuganga. Nongeye guhamagarira abakozib’Imana kurwiza amasengesho yarusangi kubantunkaba bamwe bita abashirisoni batakigira icobubaha.

  • MUTAMA WE!NTURAMENYA KO USHAJE?VUGA MAKE GKO IVYISI NTAWABIMAZE.KAND UZOSABE KURANGIZA NEZA NIYO POLITIQUE NTAWOJA MW IJURU AYISHINZE. Uko ndakubona usa nuwibagiye IMANA KANDI URAGOWE.

  • Umvurinza we Nzobonansara firipo ufise amacakubiri nimvugombicane ushima icomwita imigumuko atari ubusazi ngiyo ibakozeho buca mubarekura abomwishe mubazure ukuri kuraje ndababwiye

  • Ivyo Nivyiza Cane,arik Muzorabe Ko Impande Zose Zaserukiwe.Abenegihugu,amashrahamwe(asbl),cnared,etc.
    Kandi Muribuka Mukosore Date Y’itangazo.Nibaza Ko Ari Le 20 Octobre 2015 Au Lieu Du 20 Oct 2013.

  • mporencutizanj imigambiyanyuyariyogushikamugihugumugacamucisamburirako?kuber indazanyunikimwarwanirayooooomurambabaj use muvyeyiwanjeyaguyekurugambayazize ibimbona?muratumaramajenimugendemuzohurenimanayomwijuru simweyaturira isokoyabujumbura

  • Ndababazwa nabantu bahendwa kandi bamwe vyitwa ko bize canke nunda ndende canke namacakubiri abuzuyemwo ico nobabwira nuko mukurikira ubwije abo Bose bakuriza Peter muzoherere I lahe mubu Holland

  • EWE FILGPPE URI IKIJUJU BASI MBE WIHENDA YUKO UZOFATA MON GENERAL GODEFROID UH WANGUHA AHUBWO NIWE BUCA AGUTOZA IMINWE! MBE UBWO BUTEGETSI UDEDEMBA AHO BWAGOMBA GUTEMBAGAZWA UWABIKWEZE NINDE SIMWEBWE NIYOMBWA YANYU NGO NI PETER? AHUBWO NAWEWE COKIMWE NAWE MWITEGURE KUZOJANWA MURI CPI KWISHURA KUMABI MWAKOZE! CNARED OYEEEE.

  • Ku Mwami Mwezi Gisabo,hatey Ivyago Vyinshi Cane.Imirima Irategwa Ni Zige,inka Ziragwara,imvunja Ziratera,...Vyava Kuki?Kukwiba Ubutegets.Erega Ntawanka Ubutegetsi,muga Dushaka Ubuciy Mukuri.Nibitahinduka,nibigazi,ibitoke Vyamaz Kugenda,.. Bizokuma Pi.Mwibuke Ko Mwezi G Yivy Ubutegetsi Twarerey Ingoma.Ariko Nkurunziza Nakomere,ababi Nabo Bakorana.

  • Ku Mwami Mwezi Gisabo,hatey Ivyago Vyinshi Cane.Imirima Irategwa Ni Zige,inka Ziragwara,imvunja Ziratera,...Vyava Kuki?Kukwiba Ubutegets.Erega Ntawanka Ubutegetsi,muga Dushaka Ubuciy Mukuri.Nibitahinduka,nibigazi,ibitoke Vyamaz Kugenda,.. Bizokuma Pi.Mwibuke Ko Mwezi G Yivy Ubutegetsi Twarerey Ingoma.Ariko Nkurunziza Nakomere,ababi Nabo Bakorana.

  • Nimunyarutse Ivyobiganiro Kuko Abarundi Twararuhijwe Nintambara. Nabo Bagomba Kudusubiza Mukaga Bibuke Imiryongo Yabo Irimuburundi Ahubwo Nibibuke Amaraso Yabarundi Yasesetse Nimeshi Nibagezaho Bibukeko Icutatarose Numusi Uzokironka Ejo Nibihangane Bazoronka Hanyuma.

  • Filipo, reka kudutesha umwanya udutera umwaku ngo ubutungane buzoguma bukora igihe ibiganiro bizoba biriko biraba. Mbega buriho? Saza neza! Abishe MANIRUMVA Ernest ko tutarabamenya, abishe ababikira 3 kuko tutarabamenya? Abishe BIKOMAGU, Zed FERUZI n’abandi, ko vyabaye akamizwe n’ingoma. Bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabora, ikinyoma gikubitirwe ahashashe; iyo ngero mugerera abandi namwe muyigererwe !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.