IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi irashima igenwa rya Yoweri Museveni nk’umuhuza (...)

Reta y’Uburundi irashima igenwa rya Yoweri Museveni nk’umuhuza w’abarundi

vendredi 10 Mukakaro 2015

Reta y’Uburundi irashima utwigoro tw’amakungu mu gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi,igashima kandi igenwa n’inama y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko rya Yoweri Museveni umukuru w’igihugu c’Ubuganda kuba umuhuza mu Burundi.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umunyabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo Filipo Nzobonariba kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro,Reta y’Uburundi imenyesha ko yakiriye ingingo yo kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro,nkuko vyasabwe n’inama yabereye i Dar Es Salaam .

Reta y’Uburundi imenyesha ko yamaze gushiraho imirwi y’ubuhinga yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu,ariko ivyo vyose vyokorwa hubahirijwe ibwirizwa nshingiro.

Muri iryo tangazo Reta y’Uburundi iriyamiriza abo bose bakora amabi,bakongera bagahungabanya umutekano mu ntumbero yo guhungabanya amatora,ikiyemeza kubibuza no guhagarika abamaze kuvyiyemerera kugira bashikanwe imbere y’ubutungane.

Reta y’Uburundi irangiza isaba abarundi kuguma batekanye kandi bafatanye mu nda,nkuko bavyifashemwo mu gihe c’amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka.Ikabasaba kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu ari benshi kw’isango izobamenyeshwa hanyuma.

Messages

  • Muremera ko ubu hari ikibazo,ko umuhuza akenewe? Harya akataretse kaba gasema bagabo

  • Nibind Bazovymera Rindira.Mb Uburndi Wibaza Ko Ari Izinga Atamunt Atamigndranir Rikney?Hab Namba Turakney Abadutera Impunga,

  • NIVYIZA RETAIRABENTIGWEMUMUTEGO WIFATAKIBANZA NAYOKWUNVAIMPANURONIVYIZACANE

  • emma

    yemwe nukuri ubu tugiraturabe inyendamuvano ahiva, reta yuburundi urerekanyeko muburundi ndemokarasi yatsimbataye koko, none komwigije kuri mi 30, musaga nahandi ntibazosubira mumyiyerekano? canke abazibira amabarabara bakica bazoca babiheba?

  • Reta yuburundi ubundi nkukoyamibivuga ntishaka intambara ntakwitagira kugira ntiharurweko kuba intahanurwa, nimwabonarero hagize abayitera amananiza arikoyoyo ntako atarigize. Abashaka amahororero reta murikumwe, ariko abazokwihenda bakayizanamwo ibirwanisho mamagajewe !!!

  • YOWERI.NTAVYASHOBOYE.NIWE.VYAMUNANIYE

  • NDABASAVYE RWOSE NTIMWIGIZE INYUMA AMATORA,KUKO VYOTEZA INGARUKA MBI KURI RETA MURONGOYE,KUKO BARWANYA RETA NTIBAZEMERA IBIGANIRO BITABUZA PETER KWIYAMAMARIZA INDI MANDA, GUTYO RERO VYABA ARI UGUTA UMWANYA WUBUSA. MUKORESHE AMATORA IKIVYIMVYE KIMENEKE.

  • ivyuwo museveni ntaco twitezeko urukiza niwiwe vyamunaniye nabanze akize gwiwe

  • Letayuburund ntiyemermuseveni kukniw vyamunaniy kandintwaroyifatakibanza yociba

  • Turasavye Amatora Ntiyunguruzwe Agume Kurico Kiringo Abanyagihugu Turanyutewe Guca Urubanza

  • banyakubahwa bategets murongoye reta yac y’uburundi!! twagira tubasabe ikintu kimwe,yemwe murabe igihugu ntigikene abategetsi, kandi ntimwishinge abanyamahanga. ikiringo kigume ari le15/7/2015 mubihinduye muroba muhevye igihugu cacu.

  • ntangorani iyakoze biriya n’ibindi izobikora.

  • Amatora Nabe Le15/07/2015 Abarundi Twitorere Nyenicubahiro Pita Nkurunziza Twe Tuzi Aho Yakuye Uburundi Babandi Bagume Bajebajeba Ngo Ntamatora Bajamwo!Bazoja Muri Za Coud Tant Zibananinire Noguturira Abantu Binzirakarengane Imiduga Amazu Yabenegihugu Hama Ngo Twigiriye Murwanda!

  • REKADUSENGERE our Contry MANAuri mw’ijuru turakweretse igihugucacudukundawatwihereyec’UBURUDI.gishire mumabokoyawe.ibivyose vyikakisha turabikweretse.turasavye utange umutekanoukwiriye tubiguasvyetwizeyeizinaryaweryera. amen.

  • yewe mana yanje amatora nibayzkore baravyiyemeje kk kuyihiza inyuma batari buganire ntco bimaze hma umuhza nawe nabnze yige kubahiriza abo bataviga rumwe iwiwe nta mu presindent w afriqua azotorera inyishu ikizo cubirundi kk bagwaye irwara imwe yo gushka kiguma kubutetsi nka bavukanye imbuto(abami)

  • MWEBWE MWESE DUSANGIYE URUGAMBA RWUGUTEMBAGAZA peter nkurumbi NTIMWIGORE KIMWE GUSA MURORERE UYO MUSEVENI TWUMVIRIZE IVYIWE HAMA peter nivyobipfu vyiwe ngo nimbonerakure bihende baje mwayo matora atemewe n’abose namakungu atayemera BAZOCA BAMENYA YUKO UBURUNDI ATARI UBWA peter nimbonerakure GUSA NATWE MITRAILLEUSES,ZA LANCE ROQUETTES ,QUADRUPLES,ZA BM21,ZA HELICOPTERS,ZA BLINDÉS NIZINDI na peter ATARANIGERA ABONA AZOZA ABONA ZIMUTURUMBURA AHO AZOBA YINYEGEJE!MBE WE KITUMVYA peter HINGE NDAGUCIRE AKAGANI NYAMBUFISE UBWENGE BUKORA BURYA WAMA WIBUKA YUKO UBURUNDI UTABUFATISHIJE INKOHO? MBE BURYA WAMA WIBUKA YUKO WABUSANZEMWO IGISODA NIKIJANDARUME NIKIMINUCIPALE NABAGARDIEN DE LA PAIX NABA FNL ? OK NYAMBA WARABAHÖYEJE ABO BOSE NIYINDI MIGAMBWE NA SOCIETE CIVILE UKADUHÖYA SHISHIKARA HAMA UZOHEZA UBONE YUKO WIHENZE MUNYUMA YIRYO NKINA MICO RYAWE NGO NI AMATORA! ABO DUSANGIYE URUGAMBA RWUKWIYAMIRIZA peter MUKOMERE ISANGO RYUGUTORA ZA KARACHINIKOV NI HARYA AMATORA AHEZE NTANAGAHENGWE TUZOMUHA NUKURAHIRA NTAZOTURAHIRANA!

  • Iyo Imana Iguhaye Ntawukwaka Kandi Uhambira Bose Babireba .Ni Bamurekere Iyi Mandat Yiwe Ya Mwisho Hama Bashikirwe .Nayo Mu Nguvu ,na Piter Si Umwana ,nta Ntambara Yotinya Kandi Inkuba Irabij N’umukunzi Irajana .Mumenye Ko" Wanka Bisura Ukazana Binya . "

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.