IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi iremera irungikwa ry’abahinga ariko habaye ukwumvikana

Reta y’Uburundi iremera irungikwa ry’abahinga ariko habaye ukwumvikana

vendredi 19 Ruheshi 2015

Reta y’Uburundi irashigikiye irungikwa ry’abahinga muvya gisirikare n’bahinga muvyo agateka ka zina muntu,nk’uko vyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,ariko igahakana ihindurwa ry’ikirangaminsi c’amatora.

Aime Alain Nyamitwe,umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu,amenyesha ko ata ngorane kw’irungikwa ry’abahinga muvya gisirikare hamwe n’abahinga mu bijanye n’agateka ka zina muntu,ariko agasaba ko hobanza kuba ukwumvikana hagati ya Reta n’ishirahamwe ry’Ubumwa bwa Afrika.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu avuga ko bidashoboka ko haba igikorwa co kurungika abahinga ba gisirikare canke muvyo agateka ka zina muntu mu gihugu,hatabanje kuba ukwumvikana.

Aime Alain Nyamitwe amenyesha ko ishirahamwe ryabisavye ariryo ritegerezwa kubishira mu ngiro,mu maguru masha.Agasaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika gushira ahabona ibihugu bovamwo,igitigiri n’igihe bomara mu Burundi.

Messages

  • Uyo mushikiranganji avuga ivyo atazi amatora ntashoboka kuk atamutekano uhari abobawucunga nibo bawuhungabanya! non wunva amatora yobagute?

  • IYO MUTABYEMERA NGO MWIRABIREKO!

  • Ubwobwoba nubwiki?humuramanyanga bucajahabona.mwabigiriratwebwebatobatomukibagirakonamwebucabibashikira.burakeyetuvyerekabagabo.

  • nibz natw turaja iwab kand turi barurangranw ok baz hari ben wab bazsanga.

  • Muranguha nibindi muzovyemera mbe uwomutwe wawe kusumbanye nicocatumye bakwita nyamitwe canke bakwise nyamitwe kubera ivyo uvuga?

  • emma
    nyamitwe hagararira igihugu turabashigikiye kandi ntimugire ubwoba. Muzokumvikane ibishoboka, ibidashoboka naho mubareke bakore ubwobwicanyi bwabo biharaje mugabo bamenye ko tubabona, bafata imbonerakure bakica bakazagiriza ivyo zitazi bamenyeko!!!

  • Nibind Tuzovymera Kuko Uburundi Bugz Kur Nibabazan Batwak Ibigwanisho Twbw Imbonerakur Twasanz Baratubsh Muku Biduha.Bavyak Naba Msd Aba Fnl Barabifis Nabo Nyen.Haramb Nkurunziza

  • Ko numva Reta y’Uburundi ifise ubwoba? hahaha Mbega sibo bavuze ko atabigwanisho vyahawe bwa buhungu bwabo? None ikibazo kirihe ubu naho? Reka abahinga baze babikure mubanyagihugu batabifitiye ivyemezo vyo kubitunga, hanyuma ababifatanwa nabo bavuge uwabibahaye. Wumva ivyo atarivyo vyiza nimba atanakimwe mwiyagiriza? hahaha IBISAKA VY’IMBWA BIRAHIYE!! Ngo muzomanza kwumvikana hahahaha. Ariko ikintu naje noshigikirako, Ntidushaka uwuva Murwanda kabisa.

  • mwihende mwanke none hhhhhhuuuuuu

  • IVYA DD BIRAGOYE!NONE KOBAVUGAKO AMATORA ADASHOBORA KUNGURUZWA,ABO BAHINGA BOZA MURIYIMINSI ISIGAYE,BABISANZEYO IVYO BIGWANISHO HANYUMA AMATORA AKABA KUWAMBERE?IVYOBIGANIRO BABANZA KUGIRA NA U.A BASHAKA KUYIHA IGITURIRE!EREGA RETA NA OPPOSITIO NI ABABURANYI!NIBATEGE IMITW NK,ABAMOBWA BOSE!CANK IVYOBIGANIRA U.A NIBIGIRANE N,IMPANDE ZOSE.

  • abarundi mwarabuziheroryimiti umanyumwe ngontimushakako abanyamahanga binjiramubibazo vyuburundi nonekwaribobariko bafatingingo mukazemerazose burya ntibonako murikomurawota mutabizi? hahahaha

  • MURAGOWE!!AHO BANKA KO BAZA NI KUBERA IKI?BARATINYA KUKO BAJE BAZOBANZA KUBOHA ABA DD BOSE!!!! MBE KO ABARUNDI BAGENDA MUBINDI BIHUGU?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.