Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’ Uburundi isabwa kugabanya ibiciro vy’igitoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Reta y’ Uburundi isabwa kugabanya ibiciro vy’igitoro

Reta y’ Uburundi isabwa kugabanya ibiciro vy’igitoro

vendredi 16 Nzero 2015

Amashirahamwe yishinze kugwanya ubuzima buzimvye asaba Reta y’ Uburundi kugabanya kandi igiciro c’igitoro kuko no kw’isoko mpuzamakungu vyagabutse ku rugero runini hafi ku bice mirongo ir’indwi kw’ijana. Bavuga ko n’imiburiburi hano mu Burundi iritiro ryari rikwiye kuja ku mafaranga igihumbi n’amajana indwi.

Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co ku munsi wa kane kuwa 15 Nzero, biyamiriza rya tagisi ry’ amafaranga 42 ku munota, ayo mashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye yasavye Reta ko yogabanya ibiciro vy’igitoro ugereranije urugero vyagabanutse ko kw’isoko mpuzamakungu. Igiciro c’akagunguru kavuye ku madorari ijana na miringo ibiri, kaja ku madorari mirongo itanu, ariko Reta y’ Uburundi ikaba yagabanije ko amafaranga ijana gusa ku giciro c’iritiro. Ayo mashirahamwe akaba asaba Reta kuraba mu maguru masha, ingene yotezurira abanyagihugu bugarijwe n’ubukene butagira izina.

Tubibutse ko igiciro c’iritiro ya Essence cavuye ku mafaranga 2220 kija ku mafaranga 2050 vy’amarundi, iritiro ya gasoil ryavuye ku mafaranga 2150 rija ku mafaranga 2050, iritiro rya peterori ryavuye 1920 rija ku mafaranga 1790. Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita, bumenyesha ko bwasubiyemwo ivyo biciro kuko kw’isoko mpuzamakungu igiciro c’igitoro cagabanutse.


Floxella Karire

Messages

  • None kobamaze imisi babigabanura mutarinze gushirigitutu kuri leta? Jewe iconzi mubihuguvyose duhereye nokubihuguvyibihangange, iyibitoro bikomeje gukoroka reta zigendaziragabanya mubihe nibisi itandukanye, nonemwebwe muhengereye reta iriko ira ishira mungiro muciyemwitambika imbere ngomurayisavye igabanye iciciro vyibitoro kandiyarabitanguye kubigabanya? Canke nivyabindi bavuga vyogushaka guhenda abantu ngo iyomutahaba ibintu bibabimezenabi?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.