IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi ntiyakiriye neza ivyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa (...)

Reta y’Uburundi ntiyakiriye neza ivyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika

mardi 16 Ruheshi 2015

Inyuma y’Inama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yabereye i Johannesburg muri Afrika y’Epfo, Reta y’Uburundi isa n’iyitakiriye neza ivyasabwe n’iyo nama.

Inama igira 25 y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yasavye ko ikirangaminsi c’amatora coshingwa habanje kuba umwumvikano hagati y’abo vyega bose.

Ku bijanye n’agateka ka zina muntu no gukura ibirwanisho mu babitunze batabifitiye uburenganzira, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryasavye ko horungikwa abaza kwihweza ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi, hamwe n’abahinga mu vyagisirikare boza kuraba uko igikorwa co gukura ibirwanisho mu banyagihugu gikorwa.

Kuri ivyo vyose, Reta y’Uburundi yerekanye ko imaze gutangura kubikora. Ku kibazo c’ikirangaminsi c’amatora Reta y’Uburundi imenyesha ko itazosubira guhindura ikirangaminsi c’amatora.

Ku bijanye no kurungika aboza gukurikirana ibijanye n’agateka ka zina muntu n’abahinga mu vyagisirikare boza gukurikirana ikurwa ry’ibirwanisho mu babitunze batabifitiye uburenganzira, Reta imenyesha ko yamaze gushiraho umurwi ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu kandi wamaze gutangura igikorwa.

Ku bijanye n’umutekano mu matora, Reta imenyesha ko yamaze kurungika abajejwe umutekano mu gihugu cose atari gucungera amatora gusa, ariko no kurondera ibirwanisho biri mu banyagihugu.

Ku kibazo c’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, Reta imenyesha ko kuri ico ata biganiro bitegerezwa kuba.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ivyo Bashikirije Nivyo Kweli Ibigwanisho Vyarakuwe Kandi Trashima Ariko Rero Hariho Intumva Zigifise Ivyo Bigwanisho.Reta Ntiraba Inyuma Yarongeye Gusaba Umugwi Ujejwe Gukura Ibigwanirho Ngo Ujure Ibisigaye Kandi Biriko Birakorwa Turashima Iyi Reta.

  • None amahoro azobaho gute? Hagera kukiringo ca 3 ca perezida ngo ivyo ntimubivuge ese uwobabaza ati,induru zavutse muburundi zavuye kuki? Bokwishura gute,nibemere banyagwe namba batumva inginngo zageze kubakuru bibihugu uyo wew bazomutora ntacamira.

  • Nibitabe amatora kudadikako ntaco bizobamarira ibigwanishonavyo reta ntibizoyinanira kubiyaka turayizeye

  • Nibitabe amatora kudadikako ntaco bizobamarira ibigwanishonavyo reta ntibizoyinanira kubiyaka turayizeye

  • Aho Ho Nivyo Biganiro Ndumva Ntibikenewe Dufate Rero Ko Umutekano Ariwose Ko Igihugu Cikwije Mubijanye Nawo

  • Ahaaa!noneko ikiringo yanse kokiyagwako kandi arico giteje uruhagarara muburundi ntabonako amaraso ashobora guseseka?mana tabara uburundi abana bawe turagowe pee

  • Izongingo yafashwe ni nziza kuko ntateka n itekane kubarundi ryoboneka bidaciye mu nama n ingingo bifunditswe n abegwa n ibibazo bihanze abarundi.

  • none ko bigaragaye ko ivya mandat yagatatu bibwirizwa gushika, kandi oposition nayo ivuga ko bidashoboka none EAC ikaba isenzwe nuyuhe muti itanga muntumbero yo gukingira umunyagihugu imbere yuko haba ubwicanyi? ndasavye amakungu atabare amaraso ataraseseka. si non nta confiance tuzosubira kuyagirira.

  • kananirabagabo ntiyima,jew nojanura leta kp yokwumva impanuro bayiha kuko uwuguhanuye ntaba akwanka ahubwa aba agukunda

  • emma
    komera burundi warikukiye ntibikunda kwamatora aguma aburagizwa ubu hageze ko tuja mumatora tugatora uwo dushaka nayo gusubira kwigiza inyuma amatora sivyo namba, uko nuguhonyanga agateka kabarundi bashaka amatora. Amatora nabe turayakeneye.

  • NONE KUBERA IKI IGITUMA YANKA KWITABA INAMA ZABAPEREZINDA NAGASUZUGURO

  • Nne Reta Ntiyokwumvikana N’bo Batavuga Rumwe Kubijany N’amatora?Mbega Ko Nyamitwe Yavuze Ko Ac MCD aribo bafis ibigwanisho none kuberiki yanka ko abahinga boza gusaka ivyobigwanisho?ubwo ntabwoba ifis ko ibigwa ko reta yoba yatanze ibigwanisho vyohavabimenyekana?nibareke rero ukuri kujahabona uwubifatanywe ashengezwe

  • ngwaho ba d d iyonama y’ubumwe bwa afrika ibaziye kokabi. subira mubeshabeshe turabe.imisi yigisuma ni mirongwine.birajahabona tu!!!

  • Nonenubuntiturikukira?Mbegakobagumabavugangomandayagatatu,karashizinganirero Twebwe Abanyagihugubatwake Uburenganzirabwacu.

  • amanama aba aca ku ruhande icatumye haduka ibibazo mugihugu c uburundi nta womenya ico batinya kuvugisha ukuri nabo vyabananiye none bamariye iki uburundi?

  • Abanyepolitike Bi Burundi Namaruru Afatiy Kutiyumvira No Kutabona Iyo Ibintu Bitera Bija.Abakuru Bi Bihugu Imvugo Zabo Nti Ntirumveko,hambavu Bagahimiriza Ko Abanyepolitike Boganira.Ico Mbona,nuko Bokwitaba Amatora Atari Uko Babe Barahunga Kandi Amatora Araba.Nimba Batabona Canke Ngo Bumve NKURUNZIZA Yaramaze Kwitegura Kuwuzomutera Wese Kandi Ntarota Arekura Nimba Batararaba Ngo Babone.Nta Gitsure C’abanyepolitike,canke Socite Civile Kizoza Kigondoza NKURUNZIZA Gisumba Ca Amerika N Ubumwe Bwa Buraya.

    NKICIYUMVIRO CANJE,NIBASABE AMAKUNGU KURUNGIKA ABAROREREREZI MU MATORA BABAHINGA KUGIRA RETA NTIZE YIHARIZWE N’UMUGAMBWE UMWE.
    NIMBA BAKUNDA IGIHUGU,NABAKIBAMWO MUKWIRINDA KUGITABAGURA NUGUHANGAYIKISHA ABNYAGIHUGU.
    Baca umugani mu kirundi"UWUZA GUSIGA URAMURORERA"

  • reta yuburundi jewendabona biyigoye.rekatwitege intwaro fatakibaza

  • Bibonekako Reta Isa Numwana Ahiye Mukwaha Muvyo Yasabwe Nibihugu Vyafrika Yubuseruko Ntanakimwe Irikirakora Icamandaya3 Ntikeneyekoconavugwa Kuko Iraziko Arimanda Yubusuma Yemwe Ukokutumva Kwareta Kugiye Gusukigihugu Mumanga Muzobamuraba.

  • None Karashize Inga Ivyo Basavye Vyose Leta Yiburundi Ivyanke? Noneko Bavugako Ivyikiringo Bitoharigwa Ko Arivyo Biteje Ingora? Icombo Abagize Leta Yunze Ubumwe Bwa Afrique Nabandi Nibafate Ingingo Kugira Abarundi Turabeko Tworuhuka

  • NIBAREKE KUDUSAMAZA ABO BAGABO....NKUBU ICOTUMA AMATORA YIGIZWA INYUMA KANDI NI IGIKI?AMATORA NABE KANDI USHIMA AZOBA TWARAMAZE NO GUTERERA KUGIRE AMATORA AGENDE NEZA.

    NICO GITUMA DUSABA IMURWI CENI UNYARUTSE UTEGURE IBIKENWE HANYUMA TWEBWE ABARUNDI WITORERE INDONGOZI ZIBIKWIYE KANDI TURAZIZI.
    ABO NABO BADASHAKA AMATORA NUKO BABONA ATACO BANZE.
    AKARORERO:NKA MSD YOTA UMWANYA NGO IRIKO IRIYAMAMAZA...FRODEBU...NUTUNDI UGAMBWE....NIBATESHWE BATE.

  • mze peter niyirambire abanyagihugu isinzi turamushigikiye abamugwanya bose ni inyankaburundi nibateshwe bate.abifuza intambara barapime bazokwibonere ayo inkoko yaboneye kumugezi.bazonihende batobe amatora tubafatishe iminwe

  • izo nama zombi zirikuba ndabona ziri guteshigihe abarundi,3rd mandat se kariyo yabyuy’imvururu,iyo baganira ntibayivugeko!,yeego abarundi mwarikukiye ariko ntabwo mwihagije mubyomukenera kugira mubeho,mushakumuti wibibazo byanyu vuba,nayahandi muzakomeza kuba abinyuma mwisi

  • Aha nyene niho amakungu yarakwiye kugabira. Kubona impanuro zose bahanuye azirwije nubusa nuko hari ico yiyotsa. Vyose vyarateguwe:gutwara ikiringo ca gatatu,kwiba amatora,safisha bote et enfin le genocide. Harageze aho amakungu ahaguruka ibara ritaradwa.ntimuze mwirize nko mu Rwanda mwibutse ko mwari gutabara umu miliyoni wabantu ugandaguwe,abasemerera barasemerera

  • Ntibitangaje. Leta imaze kwunguruza amatora incuro zibiri kandi ivyo vyose ibigira itabishaka. N’ibindi bizoba yabikunda yareka.

  • Jewe Nibazako Inzonteko Bifuza Kurugika Muburunda Nibareke Kunzikwempesha Aharumutenkano Muke.Kuko Twebwemuburundi Umutekano Ndusingayeturibitumwako Mumakugu.Mungoba Ukuri Nimubaze Somari Nahandi Shababu Yuvise Umurundi Iminguguma Iramumara.Kubijanyena Matora Nibazako Amatora Arayo Abarundi Sayanankangusa Imiriyoni Myishiyabarunditurinteguyekwitamba Amatora Itarike 29 06 2015 anbonabomungumamwuva nizereko aribamwe bifuza imtwarofatakibaza biromkere ibiti mbatabiriye akwuya.nkuruziza komera ntunzomutora.

  • none hamwe pita atoheb 3e mandat abanyepolitq bari muri opposit nama societe civil ntimubona ko muzoba mwarahenze abanyagihugu bamwe bakicwa abandi ubu nibimuga muhigwe aze ayihebe nayubundi namwe muzob muri mumakosa

  • karashiz ingani dushir imbere guses amaraso y abarundi? ganira nabandi nyakwubahwa nayo ubundi amaraso i
    umaze gusesa azoguhumira. uribuka amin dada uganda n’abandi uzi....

  • Kuki Banka Gutegurira Hamwe Ikiranga Misi Camatora N’abo Vyega Bose?? Bagomba Kwiba!! Murabesha Amakungu n’abarundi Twarabahinyuye!! Nimwemere Ahandiho Intambara Iraduka N’amatungo Mwegeranije Ahasigare!! Erega Nimba Mutabona Nimwe Muzohomba Vyinshi!! Kumengo Musigaye Muribijuju Aho Mwebwe Ntimwarozwe!! Umuti Wabafashe Basha!! Ahivyo Mumaze Guhomba Murabibona??? Bayina Mubibone Mwararozwe!! Jinite Saidi Yabariye Amahera Yagusa None Nuwo Mushikiranganji Wa Tanzaniya Yabariye Ayandi Ngo Mwiteze Ko Azobavugira !!! Nimureke Uduhera Twanyu Nimwumvikane N’abandi Ntawundi Muti!!! Mwatanguye Gukumira Abahutu Mwasangiye Kuzanamahoro Mukengera Aba FRODEBU Ari Baso None Amaherezo Yanyu Nugutakara.

  • twubash’Imana vyose bizoshoka,

  • Nyabuna nkurunziza niyemere ah’intahe ishize.

  • <<KANANIRABAGABO NTIYIMYE>>ABA DD RERO NSANZE ATAKURI BAFISE?BANKE IMPANURO?UMUGABO ADAHANUGWA ABA ARIGITO!AMARASO ARIKO ARASESEKA MWEBWE MWIBAZA KWARAMAZI?NKURUNZIZA NTIMUROKWAMANA?SIKO BIROHORA BAKUNDWA!

  • ndashimiye reta y’uburundi ukuntu yerekanye kubijanye n’inama yabereya muri south Africa aho ihagaze kuvyo basavye basa nabashaka gusubiza inyuma umugambi w’abanyagihugu.

  • Niyanke kwumvira,aziyumvirako.Ntamukozi w’ Imana,yankimpanuro.

  • reka dusabe ubufaransa bube burategura za missile buzokore kuko bwokoreye gbagbo,nta kindi jewe mbona coyemez’abarunzi atari za missiles.

  • Uwomugamb Yaramazegusiny Arikobizomukomera Kuk Naband Ntibicay

  • AHA TUZOMESANA PE UWUSHAKAHUNGIREKWAKAGAME CANKE KWAGIKWETE UBU ABANYAGIHUGU TWARACIYUBWENGE MURAKAZAMWANRYAMWIZANYE.ESE TROISIEME GUERRE MONDIALE NANJENOYIBONA?URWANDA IVYARUSHIKIYE NTIVYARIBIHANO NANBA UBUFARANSA BWAVUZUKURI

  • Umunyakibi Ahunga Atakimwirukanye Senga Uwiteka Arahinyuza Ko Asenga Nebukadineza Agararij Vyamugendeye Gute Nakarorero Jarashe

  • None ko iryoshirahamwe ry’ afrika ko ritemera mandat yagatatu ya peter none bafashe uwahe mwanzuro kuko ntabandi tubona bodufasha

  • None ko mwumva vyose yabitunganije, ni kuki impunzi z’abarundi zidataha? Imbonerakure zirashisha iki ko zama zishe abantu? Ko abiyamiriza ikiringo ca 3 ca Nkurunziza babandanya kwicwa ako gateka ka zina muntu kari hehe? Abari muri Opposition barahigwa bupfuni na buhoro, babona ko boja mu matora gute? Amaradiyo yigenga yose yaraturiwe, none mwumva ko CENI na Reta y’Uburundi bizodushikana kuki? Nibemere habe Gouvernement de transition kugira ibintu bisubire mu buryo, hategugwe n’amatora atekanye kuri bose! Nkuruniza akwiye kuvavanura n’ubusuma kuko ico kiringo ca gatatu sigwiwe namba!

  • Uko ndavyumva nuko hari umugambi aba DD bafise kandi bategerezwa gushikako:-1)ngo ikiranga minsi c’amatora ngo ntigishoka guhindurwa,uti kukoo?nukko kirramuttse gihinduutse kizoca kirenza 26 august kandi 2eme mandat ya Peter nkurumbi izoba yarangiye kandi agifuse umugambi udasobanutse yari atarashira mungiro.-2)kuvyerekeye abahinga baza gukurikirana ikurwa ry’ibirwanisho mubanyagihugu..ngo baramaze gushira umurwi wokubora,,uyo murwi ugizwe nabande??ni ba Adolphe,ni ba Prime ni ba Bunyoni,ni ba Kazungu abo bose nibo babitanze mu Mbonerakure none ngo nibo bagiye kubibaka..tudahendanye mwumva atari ukujuragiza abantu??bokwaka ibirwanisho Imbonerakure kandi igikorwa catumye babibaha kitarashirwa mungiro??-3)ibiryanye n’ikiringo ca gatatu ngo ntabiganiro bikenewe...nuko bazi ko ari guhonyanga ibwirizwa shingiro n’amasezerano y’Arusha,bikagaragara ko ubutaha bazoca bahindura ibwirizwa shingiro bishirire ibiborohereza mumigambi bafise..ikibazo ngira mbaze:Aba DD kwubahuka kwinjiza interahamwe mu burundi bakabacumbikira,ivyo bigamije iki??hoba hari ideni bafitiye Interahamwe?navyo birashoboka.canke boba bafise umugambi wogutera igihugu kibanyi c’Urwanda?navyo birashoboka.ubu rero aho bigeze n’uko ivyo birebele bimaze imisi bivurwa je mbona ko vyotera ubutagisubira inyuma bwinjire bukubite sawa sawa bufate igihugu kitahindurwa ibara.kuko uravye uko bimeze,igihugu kitakigira imfashanyo n’imwe mwumva se harico aba DD harico bacera,nicogituma mwumva batera akagere isi yose ariko nukubandanya twiyumvira umugambi bafise uwariwo..namba bakeneye kwica abatavugarumwe??nosaba abarundi bafise iyo baja bihungire..boba biteguye gutera u Rwanda?nosaba aburundi nubundi kwihungira bababise maze bawucane bazoce bawiyotana

  • bageze kuri 3è mandat barasha.kuki????kukobarazi ko ari amanyanga.gukura ibigwanisho mubanyagihugu,nivyakora naba PNB ntakarusho kuko bene kubitunga barazwi kandi babihawe na leta ifatanije na PNB.boheza kubibaha hama bakabibaka???bazokwiteza utunyoni!!turabazi,turabana,

  • Reta y’Uburundi yama igomba gukora ibintu mu mwijima igatinya ko hari uwobona ukuri.Kubera iki itemera ko abegwa n’amatora boja hamwe mu gushinga ikirangamish c’amatora?kubera iki itagomba ko inteko mpuzamakungu zofasha mukwaka ibigwanisho ababitunze batabifitiye uburenganzira?Reta y’Uburundi igomba ko imbonerakure zitavyakwa.Abanyepolitike ni bahagarare nk’abagabo amatora ategurwe neza kandi agategurwa neza ibintu bizohinduka.

  • EGO MAMA WANJE! ASHA NDAREMYE IYO LETA YA PETER ISIGAYE KWIGERE RYANYUMA NGO ITEMBAGARE HAMA TUMUTOZE IMIMWE AJANWE I 5 HAYE GUCIBWURUBANZA NKA LAURENT GBAGBO! NAYO IVYO YASABWE AKINDA YUBAMYE AKINDA AGARAMWE NTANKEKA ARAVYEMERA KUKO IYI NI INTSINZI YACU TWEBWE ABAHARANIRA IYUBAHIRIZWA RYAMASEZERANO YA ARUSHA KUKO AVYANSE NAHO NARIRYA UBU UYE I BURUNDI ATANAMA DEVISE BUKINARONKA KWIRYA "HYPER INFLATION"IMAZE KWIBONEKEZA KUVAHO AMAKUNGU YOSE AMUTEREYE PETER IVYATSI KUBWICANYI AKORERA ABIBEREYE MUMYIYEREKANO BIRABONEKA NEZA YUKO YIHENZE GUSA AKAJA MUMATORA YA WENYENE ATAZONAHEZA NGO ARAHIRE ATARASATUGWA UMUTWE MAMAYANGU! KUKO AYO MAKUNGU NIYO AZODUTIZA INTEKO TUMURASE NKA LAURENT GBAGBO KUKO INKOHO ZOZO TUZOZIRKURA NGAHO NYEME MUMAKAMBI KUKO NIZIGIHUGU CACU! Peter We UYU NIWO MWANYA WANYUMA BAGUHAYE NGO UTORE KIMWE
    1)- GUFATISHWA AMABOKO UKAJANWA I La Haye
    2)-KWIDADIRA K’UBUTEGETSI TUKAZOBUGUSAMBURIRAKO NKA kADAFI ! HAMA WEWE UGACUZIMANGANA AMAZIMAYONGO
    ;->NB:- #UBURUNDI S’ITONGO RYA NYOKO CANKE ISO URAREKURA KUNEZA WANSE TUZOGUKUZAYO UBUHIRI TWESE UMUHUTU ,UMUTUTSI,UMUTWA ,N’UMUGANWA TUZOKUGWANYA KANDI NTUZOGENDA UDUTSINZE!KUKO KERA WADUHENDESHEJE IVYAMOKO URATURYANISHA MUGA AHO UTWARIYE IMYAKA 10 TWARABONYE NEZA YUKO INGORANE Y’UBURUNDI ATARI IYAMOKO AHUBWO ARI INGORANE YUKUGOMBA KUNIGA UMUNYAGIHUGU MUTO MUTO MUMWICISHA UBUKENE NINZARA HAMA AMAHERA AVUYE MUMAKORI MUKAYAGABANGANA HAMA NYARUCARI WEWE AKICWA NIKHGOYI! MBE NKIYO UTURIRA ISOKO YARITUNZE ABANYAGIHUGU ISINZI NTANISONI MWUMVA? MUGATAKO MUKAGURISHA FALCÖ 50! MUKANATAKO MUKA RIGISA IMILIYALIDI 40 MURI ABANTU BATARENGA 8 HAMA NZOBONIMPA MANASSE AGIZE NGO AVUGE UKURI MUGACA MUMWIRUKANA ASHA URAGOWE KURYA WAMWIRUKANYE NAWE NIKO AZOBIRUKANA ALICE NZOMUKUNDA NAWE NTITWAKWIBAGIYE KUKO NAWE URI IMVUGAKURI UZOHEZA URONKE AGASHIRUKABUTE KUKO WAKOZE IBINTU BIDASHOBOKERA BENSHI MU BARUNDI.

  • EWE MUNTU WITWA EMMA URI IKIJUJUK BASI! WE URI IMBONERAKURE MUGA KWIZINA GUSA! NAYO MUBWENGE URI IKIJUJU NKIKIBURABWENGE! NGN UBURUNDI BWARIKUKIYE! IYO UZA KUBA WARAHONYOYE KW’ISHURE NIHO WARIKUMENYA ICO BITA "UN PAYS INDÉPENDANT ET CE QUE C’EST L’AUTONIMIE D’UN PAYS EN MATIÈRE SÉCURITAIRE ET FINANCIÈRE!" NGAHA NAGOMBA NDAKWEREKE NEZA YUKO URI IKIROFA UKURIKIRA NKINGURUBE IVYO UTANAZI! TWOKWIKUKIRA TUKAMA DUTEZE AMABOKO AMAKUNGU DUSABIRIZA NUKO IMYAKA YUKWIGA YAKUJANYE WAMUKOMBA MUNYO ZABO BA peter UTOBUKINASUBIRA KW’ISHURE NUBWENGE BWAWE BWUZUYE AMARASO N’UKWICA INZIRAKARENGANE ZIBEREYE MUMYIYEREKANO YAMAHORO AHANDI HOHO WARUKWIYE KUJA KWIGA HAMA UGAHEZA UKAMENYA ICO ARICO IGIHUGU CIKUKIYE! NKAWEWE AHO WAMUKOMBA MUNYO ZABA ADOLPHE NA BUNYONI NAWE URAJA NGAHO NGO WARIKUKIYE ATANA YAGAMUKAMA WAHONYOYEMWO! EGO MAMAYANGU! ASHA NGO UMUPFU NTIYINUKIRA BASI!

  • Nukuri reta yuburundi yarikwiye kwunviriza impanuro zabakunzi bubu rundi jewe ico nosaba reta nukwo yokwera obobahinga muvyagisirikare kugirabaze kwaka ibgwanisho imbonerakure kuko igiporisi nico cabitanze none wunva vyoshoboka gute ngo abaribo baza kubibaka reta y’uburundi niyemere abasoba nvamakungu baze batukuremwo ibirwanisho twironkere amahore mugihugu cacu c’uburunbi rekabusabe imana harigihe yobukora

  • Jew ntavyinshi novuga,gusa "UWATUROZE NTIYAKARAVYE!"

  • Théâtre. Iryo jambo ntaryomenya mu Kirundi. Ariko ngo mu Kinyarwanda ryitwa " ikinamico". Ibibera mu Burundi ibu bijanye nico bamwe bita mandat ya 2, abandi bakayita mandat ya 3 n’ikinamico koko: nobigereranya n’ikinamico y’ifuku( Leta I hari ubu) n’umuntu ayitegesha umushibuka( igice kimwe ca opposition société civile). Uwutega iyo fuku ariyobagiza ko nkaho itamubona, kandi imubona. Ifuku nayo iranuma( iraceceka) nkaho itariko irabona umushibuka bariko bayitega ariko ikigira nkiyitabibona irindiriye kuwuyitega aheza maze kugira ngo niyaza bahigure!!! Ikibabaje nuko muri iyo kinamico ari abavyeyi n’igihugu biriko bihekurwa!!! Iterambere naryo rigasubira inyuma nk’ibirenge!!! Abarundi v’ibizimu muj’ibuntu, imyaka mwamaze mw’icana irakwiye gezaho. Uburundi nubw’Imana yo yabwiremeye, mwavutse mubusangaho, muzopfa mubusige aho.

  • Nukuri nasanze abarundi benshi badakunda igihugu cabo uti kuki ? Jewe kugira akadada impande zose ngo bitagenze uko ndavyifuza sindahava jewe vraiment ndi contre n’umuntu avuga uko ehe nibaje hamwe baganire ababipfa n’ababisangiye kuko jewe uko numva ivyo vyohera kuko nibene burundi gusa impande zose zigire ico ziheba nico ziyemeza kugira abanyagihugu turonke amahoro ndabarahiye bitagenze uko nca mbona bose atamahoro badushakira ariko mu menye neza ko naho iyisi tuyiniganira si wacu iwacu ni mwijuru kuwarikoreye iyisi twarayitijwe gusa rero ico mpanuye iyo mirwi ibiri biyumvire ko intambara atawe yereye n’imugire ikigongwe c’ubwoko bw’imana ndangije ndabifuriza kuganzwa n’imana yacu yo mwijuru kuko yadusize hano kwisi ngo tuyikorere kingira igihugu cacu n’abakibamwo imana izoheza ibahembere igikorwa ciza mwakoze muzoba mukoze caaaane, ndangije rero n’ifuriza umukuru wigihugu cacu we atujejwe kandi imana izomubaza ico yokoze kubwoko yamuhaye ngo arongore abe maso adukingire twese abarundi atavanguye kuko imana yacu ntizi UMUTUTSI, ntizi UMUHUTU, ntizi UMUTWA, izi umuntu gusa yaremye mwishusho ryayo gusa, ibindi ni twebwe abantu tuvyishiriraho kubera ubukunzi bwinda ntakindi, imana izoheza imugirire neza yo ifise impembo yabayikoreye, murakoze.

  • RETA YA NKURUNZIZA NTIYAMYE YUMVA IMPANURO ISHIKIRIZWA N’ABARUNDI UBWABO CANKE AMAKUNGU.BANSE KO ABAHINGA MVA MAKUNGU BAZA KURABA AMARORERWA BAKORA,NIBAZE NYABUNA BAKE IBIRWANISHO IMISORE IRAHO NDETSE N’ABANDI BATABIFITIYE URUHUSHA.KWISHINGIRA UMURWI BONYENE,BAGOMBA BAHUME AMASO AMAKUNGU .AMAKUNGU NASHIRE INGUVU NYINSHH K’UBURUNDI KUKO BOBO NTIBAKIMENYA N’IVYO BAKORA,IMANA NITABARE UBURUNDI !

  • Haaa!!nukuri nyene twikure ku makungu, kandi ariyo yadufasha twebwe igihugu gikenye cane kw’isi.Mana tabara uburundi.

  • SIVYIZA GUTUKANA!AHO MBWIRA ABO BIYITA NGO UBUGABO BURIHABWA.AMAJAMBO YABANTU BATAREZWE YO MWIBARABARA SAYO GUSHIRA MU BINYAMAKURU.WIBAZA KO ARIWE WIZE WENYENE?UFISE DOCTORAT ZINGAHE?

  • Igihugu N’icabarundi Vyaranseko Tuciyubakira Amahanga Ntaco Azodufasha Abo Bazoza Basumvya Abadagi N’ababirigi Birukanywe Bose Badushakaho Inyungu Abarundi Bati"intambara Y’ibihori Inezereza Ibisiga"turabo GUSENGERWA.

  • kuneza y uburundi n abarundi bose hoba ibiganiro bihuza abo vyega bose,kuko uburundi subwa ba CNDD-FDD gusa!abarundi turarushe n itwaro y umukazo n ugukumirana n ubwikunzi.

  • oya barihenda nibashiremo abagwa na matora bose

  • IGIHUGU CARIKUKIYE KOKO ARIKO NTICANKA ABAGENZI UJAJANIWE WESE NAJE YIRABIRE TUREKE KUGUMA TWUMVA AMAKURU ATARAYO AMAKUNGU YIBONEYE AHUBWO ARAYO YABWIWE HARUWURASABAKUJA BAKAMWANKIRA ATITAYE MUVYA PORTIQUE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.