Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi ntizi abagize rya shirahamwe rizohabwa ahahoze isoko nkuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Reta y’Uburundi ntizi abagize rya shirahamwe rizohabwa ahahoze isoko nkuru (...)

Reta y’Uburundi ntizi abagize rya shirahamwe rizohabwa ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura

vendredi 6 Ntwarante 2015, par IGIHE

Reta y’Uburundi ntizi abagize rya shirahamwe rigiye guhabwa ikibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, nk’uko vyashikirijwe na Melchior Simbaruhije, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 40.8 ko
Melchior Simbaruhije umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Mu gihe abatari bake na cane cane mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abadandaza bafise impungenge ko ikibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura coba kigomba guhabwa uwuserukira igihugu c’Uburundi mu bushinwa, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu, Melchior Simbaruhije umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu avuga ko batazi abagize ishirahamwe "Sino Africa Trading and investment initiatives", mbere Reta y’Uburundi ikamenyesha ko ata n’ivyo yigeze iraba kuko bataraba urukoba, umutahe canke ubwenegihugu bw’abagize iryo shirahamwe. "No ku bandi ntituja muri sokwe ni ruze kugira tumenye abagize amashirahamwe, turaba ko amategeko yubahirijwe gusa."

Ku vyerekeye ko muri Reta bashobora guhomba kuko iryo shirahamwe ritazwi, kuko kandi no mu buserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi bavuga ko batarizi kandi ko ryoba rimaze igihe gito cane rivutse, bigashoboka ko hinyegejemwo ubunyonyezi bw’ibihangange bimwe bimwe vyoba biri inyuma yaryo, igihugu gurtyo kigashobora guhomba, Melchior Simbaruhije agira ati : "Amashirahamwe yose ntategerezwa kuja kwiyandikisha mu buserukizi."
Ku bw’umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ntaco bitwaye kuko bashobora guhagarika amasezerano mu gihe badakurikije ivyo baba bumvikanye.

Kuba Reta itazi neza ko iryo shirahamwe ryoba rifise vy’ukuri umutahe ukwiye, Melchior Simbaruhije avuga ko bataja ku makonti yabo kuraba uwo mutahe. Abandanya avuga ko iyo umuntu afise umugambi mwiza kandi uzoshobora kwinjiza, ko atawowankira kuko hariho n’amabanki atanga amadeni. "Kira noneho amafaranga bazozana bazoba bayakuye hanze kandi azoba ari amafranga y’agaciro’’.


Floxella karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.