IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yahojeje umuryango wa Patiri De Cillia Giuseppe batazira (...)

Reta y’Uburundi yahojeje umuryango wa Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero"

mercredi 7 Nzero 2015

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu burahoza umuryango w’aba misiyonari b’aba "Xaveriens" wabuze umwe mubari bamaze imyaka myinshi barangura imirimo kw’izina ry’uwo muryango mu Burundi, Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero" yitavye Imana ku munsi w’Imana mu gihugu c’Ubutariyano. Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko Uburundi bubuze umukunzi w’abarundi.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bamenyesha ko Reta y’Uburundi yakiranye umubabaro urwo rupfu, bakaba bahojeje umuryango w’aba misiyonari b’aba "Xaveriens", hamwe n’abarundi muri rusangi yafashije mu mwaka irenga mirongo itanu yamaze mu Burundi, mu bikorwa vy’iterambere ry’abanyagihugu, aho tukibutsa nk’amasengero yubatswe, amashure, ibibuga vy’umupira, ibigo, amabarabara, imifurege y’amazi hamwe n’ivuriro n’ubu rifasha abanyagihugu riri mu Kamenge, hamwe n’ibindi bikorwa vy’iterambere yaranguriye mu ntara za Bururi, Gitega, Muyinga na Cibitoke.

JPEG - 50.7 ko
Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero"

Muri iryo tangazo, Salvator NTACOBAMAZE, umunyamabanga ntayegayezwa w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, yamenyesheje ko urupfu rwa Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero" ari uruhombo rukomeye ku barundi, kuko yamye agaragaza urukundo abafitiye, ku buryo no mu bihe vy’intambara yabagumye hafi. Reta y’Uburundi yemeye kurungika intumwa ziyiserukira mu maziko ya Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero", hamwe no mu nkuka y’imisa izotegurwa y’ukumuhereza Imana.

Patiri De Cillia Giuseppe "Buyengero" yavutse kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 1936, akaba yarungitswe mu Burundi akiri muto cane ku myaka 28 mu gihe ariho yari acatirwa mu bupatiri, mu mwaka w’1964, akorera mu Rumonge, Murago, Rumeza, Buyengero, hamwe no mu Kamenge. Yahavuye ahabwa ubwenegihugu bw’Uburundi muri Ruheshi 2011, akaba mbere yari azi neza Uburundi n’ikirundi ku buryo atari agifatwa nk’umunyamahanga. Patiri De Cillia Giuseppe "Buyengero" yitavye Imana ahitanwe n’ingwara mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 4 Nzero 2015 mu gihugu c’Ubutariyano i Parme, bikaba bitegekanijwe ko ashingurwa kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 7 Nzero 2015, inyuma y’inkuka y’imisa ibera aho mu Butariyano nyene igihe c’isaha zine z’agatondo (10heures).


Egide Nduwimana

Messages

  • Nanje nkumukrisu yaresengera kwabuyengero ndahojeje umuryango wabuze nifatanij nawo mukababaro nkaba ndamusabiye kumana data watwese imwakire imushikane mubuzima budahera .mana ndagutuye irisengesho numuharire ivyamugoye mubutumwa yaranguye birashoka ko yoba yarucumuye kuko yaba mwisiyandu niwite kuvyamugoy ariko urabe ukewera kwiwe.Tubisavye imana amene

  • twihangane twse "mbega tweho ugirango siyo tuja ?nuko rero tumenye kristo hakibona" Uhoraho Dufashe"amen

  • MANA KUBERA IBIKORWA VYIZA KANDI VYINSHI YADUKOREYE NDAKWINGINZ UMUBABARIRE KUVYO NIBAZA BIK YOBA YARAGUSHAYKO UMWAKIRE MU BWAMI BWA WE.AME

  • @ IGIHE, NKOMEJE KUBASHIMIRA CANE KO MUKONEJE KUZAMURAHAGARIKA IBIJAMBAMBOBIBI UWITWA NWARI AKOMEJE KWUGIKANYA YANDIKA KUKONKIBINTU YARIYANDITSE BIJANYE NUYUMUHISI VYARIBIBABAJE GOSE, NGIRANGO MWARIMWABONYEKO HARUHUYUNDIMWANDITSI VYABONEKANYEKO ARIMUSHASHA KWIKIKINYAMAKURU NIBAJIJEMBEREKO ATAMENYEREYE AMAJAMBO YANDIKWA NUWO NWARI YACIYATWARWA NAGASHAVU ASHAMANAWE KUMUBWIRANABI INYANDIKOZABOZOSE MWAZIKUYEHO ARIKO MWAGIZENEZA MBERE JEWENDABONA AKAZIKANYU KATOROSHE ARIKO NTAKUNDI.

  • MANA WAKIRE BUYENGERO MUBWAMI BWAWE,HAMA BARUNDI BENEWACU TWIBUKE IVYIZA BUYENGERO YADUKOREYE NIBINDI VYINSHI YARI YADUTEGURIYE ATARI BWATURANURIRE,AMAZI NIBINDI EMWE TWARANYOTEWE ARATUMARA INYOTA NONE ARAGIYE TURABUZE UMUTABAZI MWIZA IMANA YADUHE,MANA MWAKIRE MUBWAMI BWAWE,AMEN

  • abanya kamenge turabuze umuntu nyawe kirumara mw’iterambere ryacu. DE CILLIA GIUSSEPE "BUYENGERO" ntituzopfa twibagiye ivyiza wadukoreye. Imana iguhe ikibanza kigukwiriye. Amen.

  • PADIRI BUYENGERO IMANA IMWAKIRE MUBWAMI BWAYO . KUKO NIME NARIMAZE KUBONA ADA KUNDA MAHERA , AHUBWO AKUNDA KWITAHO ABAGOWE . URAVYE AHOYACIYE , NKIMURAYI,BURURI, BUJUMBURA,NAHANDI YAREREKANYE KO YIHEBEYE IMANA KOKO KWATIHEBEYE AMAFARANGA JEWE NDIZEYE YUKO UBU YIBEREYE IRUHANDE YA YEZU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.