IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yatanze ikibanza co kwubakamwo inzu y’ubuserukizi bwa (...)

Reta y’Uburundi yatanze ikibanza co kwubakamwo inzu y’ubuserukizi bwa ONU

vendredi 13 Ruheshi 2014

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bwahawe ingabire y’ikibanza co kwubakamwo inzu yabwo bwite, iyo ngabire ikaba yatanzwe na Reta y’Uburundi.

Kw’igenekerezo rya 11 Ruheshi, mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, baratanze ku mugaragaro ingabire y’inzu yo kwubakamwo iri mu gisagara ca Bujumbura muri Rohero. Iyo ngabire Reta y’Uburundi ikaba yayitanze kugira ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bushobore kwubakamwo inzu yabwo mu Burundi.

Mw’ijambo ry’umushikiranganji Laurent Kavakure ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, yamenyesheje ko ico kibanza c’amahegitari 2, 79. Umushikiranganji Kavakure yamenyesheje ko Reta yahisemwo kubaha ico kibanza kugira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi rironke inyubakwa yaryo, nk’uko biri no mu bindi bihugu. Yarashimye igikorwa cakozwe n’umupfasoni Rosine Coulibaly asanzwe ariwe yahora arongoye (coordinatrice) ibigo vya ONU mu Burundi.
Abashitsi bari aho yabamenyesheje ko Reta y’Uburundi yafashe iyindi ngingo yo gutanga ikindi kibanza ku bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu kugira bikunde buronke inyubakwa yabwo ikwirwamwo ibisata vyabo vyose.

Kw’izina ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ismaila Mbengue, asanzwe arongoye vy’imfatakibanza ibigo vya ONU mu Burundi, akongera akaba aserukira ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP, yamenyesheje ko ari akanyamuneza ntangere kuri ONU.
Ismaila Mbengue yamenyesheje ko iyo ngabire ije hageze, na rirya ibigo bitandukanye nk’ishirahamwe PNUD, UNICEF, FNUAP, FIDA bisanzwe bikorera mu bigo rwa BNUB, ivyo navyo bikaba vyiteguriye kwugara kuwa 31 Kigarama 2014.


Floxella Karire

Messages

  • Nyakwubahwa Lourent Kavakure umushikiranganji wimigeneranire yu burundi nayandimakungu, Mukoze igikorwaciza coguha ingabire ONU yokubaha ahobazokwubaka inyubakwa zabo bwite mugihugu cu Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.