Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi yemeye gusubira kwitaba ibiganiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi yemeye gusubira kwitaba ibiganiro

Reta y’Uburundi yemeye gusubira kwitaba ibiganiro

jeudi 25 Ruheshi 2015

Inyuma y’aho Reta y’Uburundi imenyeshereje ko itazokwitaba ibiganiro biyihuza n’abegwa bose n’ikibazo ca politike mu Burundi,yafashe ingingo yo gusubira kwitaba ivyo biganiro.

Ivyo biganiro bishasha vyatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,birongowe na Abdoulaye Bathily,intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru wa ONU,mu karere ka Afrika yo hagati.

Ivyo biganiro vyatunganijwe mu ntumbero yo kugerageza gushika ku mwumvikano n’abatavuga rumwe na Reta, imbere y’uko amatora yo kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ruheshi aba.

Ivyo bibaye inyuma y’aho umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD n’umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira, biyamirije ivyo biganiro ivuga ko bifise intumbero yo kubasamaza,mu gihe amatora asigaje ikiringo kidashika ku minsi indwi.

Messages

  • RETA NIYEMERE BAYAGE NTAYINDI NZIRA ATARIBIGANIRO NABANDI NIBEMERE BAYAGE BAREKE KWIMARAMAZA MUMAKUNGU

  • Kananira abagabo ntiyimye,vyaringombwa ko bitaba ibiganiro. Hanyuma amatora bayungururize kwisango bumvikanyeko bose, ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu gisezerwe,ibirwanisho bavyake imbonerakure. Hanyuma tukaja mu matora twese.

  • Aba cndd fdd muri imbunuza kuko mutazi ivyo murimwo,kubesha murabesha kwica murica kuraguza muraraguza gusenga murasenga iyo bahamagaye abakozi b"Imana mubitabamwo bavuze abakorera dayimoni muba mubambere NONE TUBAFATE HEHE?Rufyikiri muti ntiyahunze none ubwiwe arivugiye ko yahunze,none muzoba mu binyoma kugeza dyari?Noneho na Busokoza yagiye Willy Nyamigozi ongera ubeshe twumve!Muti ntabiganiro vy’imbere y’amatora muzojamwo none muti nturavyemeye,umugabo yihindukiza mukirago ntiyihindura mw’ijambo.Namwe muramaze kubona ko atabantu murimwo,uretse guhonyanga amategeko ntakindi mushoboye kandi navyo nyene mukabikora muntumbero yogusohoza amasezerano mwagiranye n’ikuzimu.Aho bukera abavukana nabo barahunga(ba Willy Nyamigozi) Nkurunziza Petero mwese abahinduye abanyabwenge buke? akarinyua.......Muzoba mumbarira.Nkurunziza heba ikiringo ca gatatu niba wikunda ugakunda n’umuryango wawe kuko utabikoze uko aho umuryango wawe uzoja hose niyo uzohonera.Akazi kawe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • c bon ni kumviriza ico bagona hanyuma mutureke twitorere indongozi twishakira kandi kwitariki ntabanduka twarushe nihindagurwa rya ma tarki

  • Reka baje mubiganiro ntibazitwaj ngo reta ifis akagay ark ntibasivy amatora

  • Ubugabo butisubirako buvyara ububwa.murahanura n’aba UPRONA nabo bemere kugira igihugu kive mubibazo kirimwo.

  • Murakamena ibanga mwaba DD mwe!

  • mbega abanyabunwa mucihagararako na uprona yurya mugore wanyu nakirya gihemu gaston ntimube mwareka tukaraba ayo matora yanyu!haraho mwibaza kwigihugu cuburundi kwaritongo ryanyu nimusubize ubwenge kugihe mbeho aho muvuga reta yemeye muyisigayemwo muri bangahe kwicabwenge zose zabikuyeko?na nyamitwe rindira imitwe imutekurukane azoca yomoka duheze turabe nyabenda nawe apfa kuvuga atiyumviriye ingaruka yivyo avuga ipu muzopfa mutumaramaza ideorogie yanyu iracuritse

  • Ni basubire mu biganiro abarundi baronke amahoro kuko atari inda zabo mu myaka 10 iheze nimba barakoze neza bazoshimirwa vyaranse naho ingero barayizi.
    Erega bari kubutegetsi kuko babuhawe n’abanyagihugu yamara n’uko bahaze ngo twabahaye inusu y’icupa. agahimbo kibagiza kwugara

  • BIGIRA IBIMANA BABA BAREKA KUJA MUBIGANIRO BARAHUMBA BARAREKURA MANDA YAGATATU NA FARAWO YIGIRA IKIMANA NTAKIRIHO

  • ADIEU LE TROISIEM MANDAT .LES NEGOCIATIONS FINIRONT PAR UN COMPROMIS.

  • NIBEMERENIVYO KUKO NYAMUMUBUR’IKIMUHANURANIWENYAMUBURA IKIMUHAMBA

  • Ndabasetse yobarekatukaraba!!

  • Intango y’ubuhanza n’amasoso,reka n’ibindi barateba bavyemera. Abazungu murabumva ntimubazi murazobaze DESSANTOS president wa Angola ayo bakoreye SAVIMBI nimwemere muhanirwe ivyaha mwakoze mureke kwicafuza. Ntamahoro ariko araboneka mudahevye iyo mandat yanyu sinzi ibintu mutaronse mumyaka cumi ko muteze kubironka mumyaka itanu mukeneye. Gusa ivyiyumviro nibimwe mushaka muce muhindura constitution murahumba. None ubu mugiye kwitwa abande? Ko habuze nuwovuga ati reka aserukire CNDD muzoca mumera nkaza Nyawivundwe hagera mwijoro zikavugiriza induru mumyonga mwarabatangatanzeubu naho?

  • Vyabananiye , umugabo yogaya icoyumvise kandi umugabo ntatiny’ijambo none mubayiki? ko mugifisijambo?

  • AMAHEREZO Y’INZIRA NI MUNZU!!!

  • Vyiza nukuganira nihohaboneka Umwumvikano,kugirahabekurekuriranira,biciyemumwumvikano.Panakwigira ba Kananirabagabo.Imana nibahekuganiramuhuza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.