IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yiyamirije icegeranyo ca Amnisty International

Reta y’Uburundi yiyamirije icegeranyo ca Amnisty International

jeudi 31 Mukakaro 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnisty International ryaheruka gusohora icegeranyo cagiriza Reta y’Uburundi ko yugaye urubuga rwa poritike hamwe no kwishira n’ukwizana kw’amashirahamwe yigenga, ukumenyesha amakuru n’agateka ka zina, mu gihe himirije amatora yo mu mwaka w’2015. Urwaruka rw’Imbonerakure rwagirizwa muri ico cegeranyo ko ruhohotera abo batavuga rumwe muri poritike. Reta y’Uburundi yiyamirije ico cegeranyo.

Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko muri Reta batatangajwe n’inyifato y’iryo shirahamwe mpuzamakungu Amnisty International, kuko iyo himirije amatora, canke yaraye abaye, ariko iryo shirahamwe ryama ryabigenjeje, mu gushaka kuyatoba canke gucapfuza inzego zayavuyemwo.

JPEG - 66.7 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Nzobonariba ati : "Reta yagomba yiyamirize ibihushane biri muri ico cegeranyo, aho iryo shirahamwe risaba Reta kurwanya ukudahana ivyaha, ariko rikagaruka rigasaba Reta kurekura atagisabwe, abantu bari imbere y’ubutungane. Ivyo bigasa no gusaba Reta gutegeka ubutungane kugira buhagarike imanza zose zijanye n’ivyaha vyagirizwa abagenzi b’inkoramutima b’iryo shirahamwe, nk’uko umenga Reta niyo ica imanza."
Nk’uko bivugwa na Firipo Nzobonariba, Reta y’Uburundi iratera ivyatsi iyo nyifato n’ivyo bita ibinyoma ata kindi bigamije atari ugushaka gucapfuza ishusho y’Uburundi, na cane cane muri ibi bihe himirije amatora mu mwaka w’2015.

Mw’itangazo ryasomwe na Firipo Nzobonariba, Reta isaba abanyamigambwe kubandanya bakorera ku mugaragaro, bisunze amategeko, ikabasaba kwubahana n’ukudasotorana. Amakungu nayo asabwa kuguma afashe mu mugongo Uburundi mu kuburonsa uburyo yemeye hakiri kare kugira amatora ategurwe neza, yongere akurikirane ayo matora imbere yayo, mu matora nyezina n’inyuma yayo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Firipo,urumugabo iryo jambo ushikirije amakungu n’abarundi uwutorikurikiza yoba arumwansi w’uburundi.niwirambire mutama naho abavuga aya muhe nibavuge kuko ibikorwa vyiza mukora vyo gutwara neza turabibashimira

  • Mbese iryoshirahamwe kobihejeje kwibonekeza ko ritaramutswa uburundi nagato ikivyerekana koritaramutswa uburundi nuko iyoribonye umwemubarundibeshi asanzwe yarabaye nkawamwana wicangazi dusoma muri Bible akaribwira ibintu ricaryemera ivyo

  • Mwari muzi ngo mub igira mwinyegeje rindira nibindi buca bij,ahabona mubanze murukivyo mwivye nabomwishe namazuru rakunanira ngurinivyurikurabeshuza!!!

  • Wamuntuwe wanditse ukoresheje izinaryanje ryitwa Mama uvugango Mwari muzi ngo mub igira mwinyegeje, rindira harikinru ngombambanze nkurikirane gato, nindeyakubwiyeko izina Mama ryandika ibiboze nkivyowanditse!?

  • Ariko aba DD muronze mumitwe /inkoho sivyo/abivye sivyo/abishe sivyo/abana bagurishwa sivyo/abana batakifungura sivyo/abukene bwamaze abantu sivyo/abafungigwa ubusa sivyo/ etc none abantu bose barabanka??nibigugu??nimwebwe mufise ukuri mwenyene????@jean et mama hamwe mwoba murabakene ??mwaba muribijuju vyanyuma kuri iyisi

  • Wewe wiyise iryo zina mama ryumufasoni twubaha kandi tuzi neza ivyiyunviro vyiwe ahora shikiriza bitomoye,nureke kumurengera akarimbi,kwiyitirira ivyiyunviro vyawe kwizina ryiwe.iyutuma witita kibwa,canke kiyabu,mujeri nayandi mazina yubuhizi nkayo,bitewe nivyo wiyunvira canke uvuga,nayo mama ntirigukwiriye,mweneryo turamuzi kuvyiyunviro vyubaka adushikiriza,mwicwa ninzigo yivyo turangura muguteza imbere igihugu,natwe tubasengera kugira muhinduke,muve mukahise kabi kabanyoshe,

  • Dada ngurumwami nawe nguri mama mwabakeha bwenge mwe mukumbuye za mutabira rindira buca musubirayo kwashi irabarindiriye!ngo muriko mushigikira aba DD mukwirikirubwira buca tubafatishi ntoke kandi tuzobatuma benewanyu base babahashe!

  • Wewe manzi nagira ndakubwire kubu tutazofata inzira ija imutabira,tuzofata iyija mu Rwanda kuko niho hafi,mutavyemeye naho ngaho murusizi haroroshe kujabukira.wewe uri ikitazi,mwe nuyo yiyita nwari,na bukobwijana,ntimurabona uwavuyemwo ijisho.nico gituma mucira inkonda kururu rubuga gwacu igihe.iyo mubuze ivyomukora bamureka gufyinatire ngaha,bamutuma muryama kuko nivyo mushoboye conyene!!.

  • HHHHAAAAA WA MUTAMA WE UBESHA NKUKO AYO MAZURU YAWE ANGANA GENDA UHUMBIRE HIYO WA LISEMBE WE NTANISONI NIYO MIFONO WARANGAJE

  • reka Filipo kuvuga ibitagira mvura, inzu yawe warayihejeje kuyubaka, kandi na situation financière yifashe neza!! none sivyo? ubwo ivyo bintu uwobikubaza intwaro zarahindutse inyuma ya 2015, woheza ukabisubiramwo kandi ukavyemanga? Eh bagabo! jewe nasanze amahera ari mabi cane, niho yarinze agura n’umwana w’Imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.