IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yavuze aho ihagaze ku kibazo ca Zebiya Ngendakumana

Reta yavuze aho ihagaze ku kibazo ca Zebiya Ngendakumana

mercredi 20 Ntwarante 2013

Inama nkuru y’umutekano yaraye ikoranye ku kibazo ca Zebiya Ngendakumana avuga ko yama abonekerwa. Reta yavuze ko Zebiya n’abayoboke biwe bategerezwa kwubahiriza amategeko bagahagarika kuja gusengera i Businde muri komine Gahombo intara ya Kayanza. Ni inyuma yaho abayoboke biwe barenga 10 bishwe bari gusengera aho hantu mu ndwi iheze.

Inama nkuru y’umutekano yavuze ko idashobora kwihanganira ikibazo c’amasengesho ya Zebiya Ngendakumana. Uwo mwigeme w’ imyaka 27 y’amavuko avuga ko yama abonekerwa italike 12 ukwo ukwezi gutashe.

Inama nkuru y’umutekano yavuze ko Zebiya Ngendakumana ategerezwa kwubaha amategeko kuko ico kibanza c’i Businde cahagaritswe na Bulamatari w’intara ya Kayanza hamwe na ekeleziya katolika. Avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya ariko idini rya katolika ntirivyemera, mu gihe riheruka kuvuga ko ririko rikora amatohoza ku vyerekeye amabonekerwa yiwe.

Inama nkuru y’umutekano yasavye uwo mwigeme kureka inzego za Reta zibanze ziheze amatohoza. Iyo nama nkuru y’umutekano ivuga ko hamwe Zebiya Ngendakumana yobandanya aca kubiri n’amategeko azofatwa nk’inkozi y’ikibi adashaka kubahiriza amategeko agenga igihugu.

Iyo nama nkuru y’umutekano yamusavye ko yopfuma aja hamwe n’abayoboke biwe bakagira ishirahamwe rijejwe gusenga hanyuma bakarisabira uruhusha mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Atari ukwo, ngo ntaruhusha bashobora guhabwa rwo gusubira i Businde kuko amasengesho ya Zebiya n’abayoboke biwe ahungabanya umutekano.

Iyo nama nkuru y’umutekano yaribukije ko ayo masengesho yatumye abantu barenga 10 bicwa mu ntureka zahuje igipolisi n’abayoboke ba Zebiya ku munsi wa kabiri italike 12 uku kwezi kwa Ntwarante 2013. Ico gihe abandi barenga 40 barakomeretse. Abayoboke ba Zebiya Ngendakumana bari bagiye gusengera ku kibanza c’ i Businde hanyuma igipolisi kirababuza baranka ngo baca batangura guterana amabuye hanyuma igipolisi kirabarasa.

Inama nkuru y’umutekano imenyesha ko idashobora kwihanganira ikibazo nk’ico gihungabanya umutekano w’abanyagihugu. Ngo ingingo zose zitegerezwa gufatwa kugira abanyagihugu bakingirwe.

Iyo nama nkuru y’umutekano yasavye abo vyega bose kuhabera magabo.
Zebiya Ngendakumana nawe yari yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri. Yamenyesheje ko atarota areka kuja gusengera i Businde kuko ngo arabirekurirwa n’ibwirizwa nshingiro kandi ngo yarabonekewe.

Yavuze ko atangazwa n’ingene ekeleziya katolika imwankira gusenga kandi ariyo yahezagiye ico kibanza. Aho yibutsa ko hari italike 5 ukwezi kwa Myandagaro umwaka w’ 2008 aho umupatiri wa Pruwasi Rukago iri iruhande y’ico kibanza yaza kugihezagira hamwe n’umusalaba wahora uhamanitse.

Yemeza ko amabonekerwa yiwe ari ukuri aho avuga ati : ‘’Nabonye Umugore yambaye ikanzu isa n’ubururu, ari ku mubumbe w’isi, si umuzungu canke umwirabure kandi yamvugishije mu kirundi. Ijambo yambwiye niryo mbwira abayoboke banje, n’uko bohinduka bakava mu vyaha.’’

Ku kibazo c’uko italike 12 z’ukwezi kwa Ndamukiza bazosubira kuja i Businde, Zebiya Ngendakumana ntavuga aho ahagaze. Ngo niyavyerekwa azojayo.
Asaba ko idini rya katolika ryomwumviriza akababwira ivyiwe hanyuma umwumvikano ukaboneka ariko idini rya katolika ryaramaze kuvyiyamiriza.

Twibutse ko mu mpera z’umwaka uheze, idini rya katolika ryasohoye itangazo ryateweko umukono na Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, ryahagaritse ibikorwa vyose vy’amabonekerwa vya Zebiya i Businde. Kuva ico gihe ico kibanza gicunzwe n’igipolisi kandi amazu yose yahora aberamwo amasengesho yarabomowe.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • I Businde n’ikibanza basengeramwo, ariko niyumvira ko Zebiya Ngendakumana n’abiwe bakwiye kumenya ko "intambara y’ukwemera" itaratangura. Ni bareke kuja kubiri n’amategeko, kandi ndibaza ko Zebiya n’abo bari kumwe nawe basenga ya Mana nyene yategeka abayubaha ko bokwubaha abaganza. Kiretse nibaba bajayo kubera kubonekerwa gusa. Kandi mu misi y’iherezo hazoboneka vyishi vy’ikiyoberane, Zebiya araraba neza ko uwumubonekera ko atoba ari "uwishushanya"

  • JEWE NITWA MUNEZERO ANGE MARTINE ICO NYEREKA ZEBIYA NGENDAKUMANA NUMUBAZA KO HAMWE YUBASHE ABADUTWARA YOBA ACUMUYE!! KANDI NOMUBAZAKO YOTENYENYA GATOYI IMANA YOKWISHURA NIMBA ARIYUKURI, MBARIRA AHO ABA NZOJE KUMUBAZA.

  • Nibaza ko zebiya n’abayoboke biwe bozirikana neza inema basaba mucibikiro ca 5 mu BINEZEREZA.Bokwitaba rero kababakurira muntwaro no muri EKLEZIYA.Nibarindiranubwitonzi nivyaba arivyukuri bizomenyekana IMANA s’umuntu.Bomenyako kuja mubibanza vy’amabonekerwa atarivyo bituma uja mwijuru nyabuna ibikorwa vyiza.murakoze tugire KRISTU.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.