IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yemeza ko utwigoro tutari duke twari twakozwe

Reta yemeza ko utwigoro tutari duke twari twakozwe

mardi 15 Ntwarante 2016, par egide

Reta y’Uburundi iranegura ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ritisunze intambwe zari zimaze guterwa mu bijanye n’umutekano, ariko hagafatwa ingingo y’uguhagarika imfashanyo zose zahora zihabwa Uburundi. Reta y’Uburundi ivuga ko iyo ngingo z’ubumwe bwa Buraya ishobora « gutera intege abahungabanya umutekano bazohava babona bashimiwe.»

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa kabiri, inyuma y’umunsi umwe gusa hafashwe ingingo y’uguhagarika imfashanyo zose zihabwa Uburundi, Reta y’Uburundi imenyesha ko utwigoro tw’ivyari vyasabwe n’ubumwe bwa Buraya twakozwe, ariko ko abafashe iyo ngingo batabifatiyeko. Muvyo Reta y’Uburundi ivuga ko yari imaze gukora, Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi ashikiriza ibiganiro bihuza abarundi bibandanya, ingingo umukuru w’igihugu yafashe y’ukurekura abanyororo 2000, gukuraho imitahe mpuzamakungu yarondeza bamwe mu barundi, hamwe n’ukwugurura zimwe mu nsamirizi zigenga zugawe inyuma y’ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

JPEG - 129.2 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wa Reta y’Uburundi

N’aho inama y’ibihugu vya Buraya yamenyesheje ko ingingo zafashwe n’Uburundi zitishura bikwiye ku bibazo biri mu gihugu, Reta y’Uburundi muri iryo tangazo yasohoye, yamenyesheje ko yemeye ko igiye kubandanya igikorwa c’ugutorera inyishu ibibazo vya poritike hamwe n’umutekano w’Uburundi, ku neza y’abarundi bose, hamwe n’ugukomeza imigenderanire n’Uburundi n’ibindi bihugu.

Tubibutse ko Federica Mogherini, intumwa idasanzwe y’ubumwe bwa Buraya ajejwe ibibazo vy’imigenderanire, poritike hamwe n’umutekano, yamenyesheje ko ibibera mu Burundi bitera amakenga ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, akavuga ko iyo ngingo yafashwe kugira isubirwemwo ari uko Reta y’Uburundi izofata ingingo ziboneka z’ugutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Hahahahahaha ni bindi biri nyuma ukuri kwamye gu tsinda iki nyoma

  • Emwemwabavyeyibacugendemurereamakuguukurinatweabasepga Mana tubadanyetusega Imanaizobikora Kukosataniyaramazekuneshwa Amina Twizeregusa

  • Iki kinyamakuru kirahengama jew karorero nanditse ikintu cingirakamaro ntibagishirako arko tari nabandi batyoza reta babishirako batitangiriye itama rero nukubaraba neza.

  • bazikunigagur’abantu,mbehohokwimbonerakurezikigendana,ibigwanishomwibazakobatabibona.canke,ukomunigabantumwijoro,bafisivyumabibonakure nibugarenigitoro

  • Ariko nibaza ko Leta y’Uburundi yibagira ikintu gikuru mur’uru rugamba. Kwibesha ngo ’Ishirahamwe rya Bulaya" rirashobora kubona utwigoro mugira, ukwo n’ukwibesha rwose. Ari bo ari n’Abanyamerika, ico bashaka n’uko President Nkurunziza atanga igihugu, akagiha abatagikoreye. Naho Uburundi bwose bwoba butekanye, bo nta kindi barota atar’ukugabira igihugu ba CNARED gusa. Nico gituma bakwiye kurikanura, abarundi bakunda igihugu bakaba maso, kuko tuvugishije ukuri: Nyen’icubahiro Umukuru w’igihugu cacu ntakundwa, kuko yakuje amata mu kanwa ba Buyoya na ba Bagaza. N’ubwo benshi bibesha, inyuma y’ibi bintu, hinyegeje intambara y’amoko, ariko kuko babona ko itoshoboka, bahisemwo kuvuruga ivyo umuhutu yokora vyose. Kandi ntimwibaze ngo ni benshi. Gusa n’uko bazi ubufundi bwo kubesha. Dushize hamwe tuzobatsinda, niyo maherezo

  • Hahaha uwo mutama ya saziyi gihugu nabi, mbega ivyo yatangaje reta yoba imaze gushikako nivyahe ? mbe bibaza kwivyo birirwa barakora, mukwica inzirakarengane bibaza kobiherera ngaho?. babasavye igibiganiro bidakumira mucamwitanguriza, utujajuro twomugihugu ngo nibiganiro twogusamaza amakungu gusa. abanya burayi nta mahera bafise yo kwonona, ndi baza ntako batagerageje kubahanura ariko mwarananiranye, mukitwaza ngo mwarikukiye ntakwikukira kwo kumara abantu kubaho. nimwemere mwihane ubwo bugome bwanyu bwatayigihe, mutikebutse ejo muzo fatirwa ibihano bisumba nivyo, kuko ivyo mwofatirwa biracariho. kuko na wa mwami wa Egiputa ya giye kwemera kugihano canyuma, acabona kurekura abisirayeri, namwe ntimwibaze ngo barya bantu basazwe babafasha ngo ntibabakurikirana, nukuri najewe ndavye utwo mwigira no badunuza cabisa, kuko muragayana namwe ataho mwishikanye, reka turabe ya nikere mwirirwa murahaya kwi zo batungisha, guhemba cagiporisi nigisonda cirirwa kiragandagura abantu, gusa nitwebwe tugiye kuhabonera, kuko ubusuma bugiye kwi yongera nakare inzara irembeje abanyagihugu.

  • Mebega Murazi Icatumye Ingingozifatwa? Nuko Ndabirab Geraj Aguma Abatuka!! Banzamutange Indero. Erega Akarimi Karahanwa

  • akimuhana kazimvura ihise imfanyo ntacozimara ahubwo nugukora bamaramare

  • Wewe wamutamawe wananiwe nugutunya ivyumugambwe wawe rpb uzoshobora ivyigihugu umushezi ntajambo agira ese ingene warimvuga kuri none usigaye uriniryo kubera inda

  • Nyakubahwa nzobonariba komera kumuheto nubwo biruko abatambana namukeba ntibasakuza mube nkinkona nyene inzoka yoroshe imira iyigumye urabona ko bagumye mwiyoroshe bazikangura zagez kuma conte ya reta ni jew karorero mbikubwiye.

  • Ivyo Karorero avuga nivyo Iki kinyamakuru kraftigste aho gihengamiye, none umuntu atanze iciyumviro akaba atatukanye , Niki gituma ivyo yanditse bitaja kurukuta.? Reka nduge kwijambo ,Leta ntizigera ihererwa nihagera idutera akamo ayo gufasha arahari .kandi turi benshi ,ninacogituma abansi buburundi batsindwa munzira zose kuko amase yakera ntahoma urutaro. Kandi ntawukivukana imbuto !,........

  • Abarundi bishwe na bene wabo bakunze inda .
    Bibagirwa ejo haza ko abxna babo batagira kazoza mu .
    gihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.