IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yiyemeje gukingira ubutunzi bw’abanyagihugu mu bikorwa vy’ugusaka

Reta yiyemeje gukingira ubutunzi bw’abanyagihugu mu bikorwa vy’ugusaka

lundi 9 Munyonyo 2015, par egide

Reta y’Uburundi isigura ko ubutumwa umukuru w’igihugu yatanze mw’ijambo yashikirije abarundi kw’igenekerezo rya 2 Munyonyo 2015 ari ubwo gutanga akaryo ka nyuma ku batunze ibirwanisho batabifitiye uburenganzira kugira babisubize. Reta y’Uburundi imenyesha ko umukuru w’igihugu atigeze ahamagarira abanyagihugu mu bwicanyi canke ubundi bugizi bwa nabi.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye kuri uwu w’Imana, Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta amenyesha ko ubutumwa bwa Petero NKURUNZIZA yari akamo ka nyuma katewe abatunze ibirwanisho batabifitiye uburenganzira, aho akaba yari inyuma y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu cari mw’itegeko nomero 100/36 ryo kuwa 24 Nyakanga 2015, itegeko ryavuga ko mu kiringo c’ukwezi, uwuzosubiza ikirwanisho atazokurikiranwa mu butungane. Nk’uko bivugwa na Firipo NZOBONARIBA, inyuma y’ico kiringo, umukuru w’igihugu yatanze akandi karyo ka nyuma.

JPEG - 66.7 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi isigura ko ata bwicanyi canke ubugizi bwa nabi bwahamagariwe abanyagihugu, muri Reta bakavuga ko hari abafashe ubwo butumwa ukundi.

Ku matangazo mpuzamakungu yasohowe avuga ko ari ubwicanyi canke ihonyabwoko vyahamagariwe abanyagihugu, Firipo NZOBONARIBA avuga ko abasohoye ayo matangazo bahenzwe n’abashaka gushikira ubutegetsi badaciye mu matora.

Muri Reta y’Uburundi bavuga ko ubutumwa bw’umukuru w’igihugu ari intumbero y’ukurondera gukomeza amahoro, bakamenyesha ko isakwa rizokorwa mu buhinga.
Umuvugizi wa Reta y’Uburundi avuga ko muri Reta biyemeje kuzokingira ubutunzi bw’abanyagihugu mu bikorwa vy’ugusaka vyatangujwe ku mugaragaro kuri uwu w’Imana muri karitiye ya Mutakura.


IGIHE

Messages

  • komera muma mbega abo bavuga bashaka ko ayo ma kartiye yikukira nibabivuge ntanzu yubakirwa muyindi abobanyarwanda nibagende iwabo nibo bamye bateramya abarundi kuva kera ubwicanyi bwazana murwanda simbeshe mubigenzure abarundi bumutima nuyumusi dufatanye munda raba gasto konsiri eduwal nabademokrate babatutsi bifuza amahoro imana ibazigame nabo barikumwe bose tuzi ko muribeshi kuko murabarundi bumutima hutu tutsi twa fatana munda tuzotsinda akarwi ki bururi kadashaka ko harabandi botwara nigatehwe gate amase yakera ntagihoma urutaro dusaba ko mwoshengeza urwanda kuvyo ruriko rudukorera akarorero igihe kudeta yaba iradiyo yurwa yariko ikora ikibiriraho ibibera muburundi ico nikimenyetso kurwanda rwisuka muvyuburundi kagome nawe ntiyishire hejuru ntakindi yubakiyeko atari jenoside kubera ibihugu bicuditse biguma bihiga buhongo abo batavuga rumwe akaba ariko ahenda abarundi batavuga rumwe nareta ngo nomuburundi bigenduko ngobagirize reta ya nkurunziza ngo yagize jenoside arabahenda twe twarabirengeye tuvek kagm

  • ariko ubundi izo njiji zabazungu zakwize ikirundi ahokugira zijye zivuga ibyo zitumvise,umuntu wese wumva ikirundi sinziko yavuga ko hari uwavuze ubwicanyi ; naho ubundi mureke uburundi bukemure ikibazo bufite ikindi izo ntumva zigabanye ibifu kuko i burundi ntawuva amaraso abandi ngo bave amata ;

  • Reka guhenda abarundi kuko akarenze umunwa kaba karenze impinga. Usubiremwo ivyo wavuze . Ikibazo mufise si ibirwanisho kuko namwe murazi ko atabiriho. Intumbero ni iyo kwikiza abatavuga rumwe na nkurumbi n akarwi kiwe

  • nzobonariba ntahindure ivyo nyakubahwa Nkurunzia yivaniye mukanywa kiwe yatubwiye ko twitegura tukikurako umwansi imipanga cndd fdd yarayiduhaye ,imbunda turazifise eka na grenade turaziryamanye ntatuyobye twiteguye uwudafise ikarita ya cndd fdd turamuzi duhera kumurongo ntagusubira inyuma.umugabo yindukiza mubureta ntiyihindukiza mu ijambo

  • nzobonariba ntahindure ivyo nyakubahwa Nkurunzia yivaniye mukanywa kiwe yatubwiye ko twitegura tukikurako umwansi imipanga cndd fdd yarayiduhaye ,imbunda turazifise eka na grenade turaziryamanye ntatuyobye twiteguye uwudafise ikarita ya cndd fdd turamuzi duhera kumurongo ntagusubira inyuma.umugabo yindukiza mubureta ntiyihindukiza mu ijambo

  • Narinzi kera ngo kwitwa umugabo n’uko uba uvuga ukuri ivyo wavuze ukavyemanga ukanka umugayo, none mushaka kumbwira ko muri ico gihugu atamugabo ahasigaye ko atawuvuga ukuri, biransiga, ubu n’amaronko gusa n’aho bogoka, ariko kugoka ingaruka yavyo n’ukumangara

  • Mbe uwo ngo ni fary nimbari fwaro! Wewe icuvuga ni kirundi wa nterahamwe we wananiwe nuguhonya I wanyu ngwiburundi nihugiye gushobora! Hahaa! Ngo mwa njiji zabahungu! Muragowe mwatiranye umwuga mubi nasobuja!

  • Ivyo tubona turabibona,ahubwo reta yuburundi yarikwiye kwikubita agashi ikaraba aho igihugu kigeze,kwubaka ukisamburirako?

  • Mutama Moana imwongere umugisha kuvyoyavuze kuko yavuz
    ukuri abenshimuramurwany kukoyabakoze kugisebe nimwemere Pierre niyemere amanike amaboko afukame yihane. Arekeraho kwica urwaruka rwi Burundi. Atabiretse nawenyene ntarye ngwaryame!@

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.