Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Richard NIMBESHA yasabiwe kwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Richard NIMBESHA yasabiwe kwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD

Richard NIMBESHA yasabiwe kwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD

vendredi 16 Nzero 2015

Abagize umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza basabiye uwahoze ari umukenguzamateka, Richard NIMBESHA, ko yokwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD akazogaruka ari uko arinze kubisaba. Inama rukokoma izofata ingingo itegekanijwe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 18 Nzero 2015.

Richard NIMBESHA, yahoze ari umukenguzamateka yashize ahabona ko we n’abandi bagumyabanga bashigikiye intwaro rusangi, batazokwemera ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, kuko ibiringo bibiri ahabwa n’amategeko azobirangiza mu kwezi kwa Myandagaro 2015.

JPEG - 25.6 ko
Richard NIMBESHA

Richard NIMBESHA asigura ko muri uwo mugambwe bamaze kurungika Petero Nkurunziza kwitoza incuro zibiri, akamenyesha ko ikiringo kimwe cose kirangwa n’ukurahira, umukuru w’igihugu nawe akaba amaze kurahira kabiri.

Inyuma y’ivyo vyashikirijwe n’uwo mugumyabanga wa CNDD FDD, abagize umugambwe ku mutumba CIMBIZI ahasanzwe havuka Richard NIMBESHA baciye bakorana, basaba ko yokwirukanwa mu mugambwe, kuko ivyo yashikirije atabitumwe n’umugambwe CNDD FDD. N’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’intara ya Bubanza barakoranye kuri uwu wa kane, bose bakaba bahuriza ku gusaba ko uwo mugumyabanga yokwirukanwa muri uwo mugambwe, nk’uko vyemezwa n’umushingamateka Juvenal HAVYARIAMANA asanzwe arongoye umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza. Inama rukokoma izofatirwamwo ingingo itegekanijwe kuri uwu w’Imana.

Tubibutse ko Richard NIMBESHA yoba agira yirukanwe mu mugambwe CNDD FDD azira kuba yerekanye ku mugaragaro ko adashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, mu gihe umuvugizi w’uwo mugambwe yaheruka kumenyesha ko ari uburenganzira bwiwe bw’ukugira ico ashikirije nk’uwahoze ari umukenguzamateka, akaba kandi ari n’umugumyabanga wa CNDD FDD.


Egide Nduwimana

Messages

  • C’est ca la faiblesse du parti au pouvoir, niba umuntu avuze ico yinyunvira agaca yomorwa kandi ari mumugambwe watsinze data wanje, harakantu uwuva muwundi mugambwe.Ariko ntaco ngira yabavugiye ibintu

  • murarabe neza ntimuzohave mwisamburirako muze muraharura abo mwirukana nico bamaze uwuvuzukuri wese namba azoca yirukanwa!! muzosigarana bakavyina buhiye!

  • Imigambwe yo mu Burundi jewe iranyica. Bama batera induru ngo baharanira demikrasi naho badashoboye no kuyemera hagati mu migambwe i wabo? None abanyamugambwe bose bategerezwa kwiyumvira kumwe? Umugambwe utemera ivyiyumviro bitandukanye i wabo, ntushobora kuvyemera mu gihugu.

  • Ibisaka vyimbwa bitera bitokombera

  • Finalement ivyo Manasse yavuze nsanze ari ukuri "CNDD-FDD : Conseil National pour la Destruction de la Democratie-Force pour la Destruction de la Democratie"!!!!!! muri dd, karashize ingani uwushize ahabona ukuri, uwuvuze ivyo amategeko yemeza, ace yirukanwa ???? None bwa burenganzira bw’ugushikiriza iciyumviro buri he? Erega nabo bagumyabondo, bariyerekanye ko ari abaja b’akagwi kari ku rushi. Aho naho ngo "uwigize igitebo bamuyoza amase". Akataraza kari mu nyuma!

  • Namamvuga ko igihugu cishwe nabo bita ngo nutubonerakure,bagaharira!Mbega kobavuga ko batamutumye,ntiyemanze neza ko ashikirije iciyumviro kugatwe kiwe!Canke muriyo dd yabo nyene, n’imbonerakure yo kumuragarazi ibanza kuja i buja kwa Onezime kugira ayivugire!Ndumiwe!

  • Quand tu es ds une association soit tu partage les idées soit tu adresses la parole aux instances habilitées soit tu vas ailleurs. Peut-être qu’il voulait que ce soit eux qui l’aident àquiter pour être mieux reçu ailleurs sans qu’il soi vu comme espion!
    La politique c’est comme ça aussi calcul, calcul pour aller calculer ailleurs aussi!

  • Nonegayemwe kuwomuntu yagiye akigira inama yokuzoza aravuga ibijanye nivyishirahamwe arimwo akajakubivugira mubirere ntiyarikubanza akabiganira nabobasangiye ishirahamwe mazebarekakumwumvira agaheza akanakuvugira mubirere? Nonemwogumana numuntu adashima guserura iciyumvirociwe mubobasangije ishirahamwe!?

  • Uwomuntu ashobora kubarimuvyara wa Manasse?

  • Ejo haza abating bakiriho bazokwumva kandi babone vyinshi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.