Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rihanna yatsinze urubanza yarafitaniye na Top Shop - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Rihanna yatsinze urubanza yarafitaniye na Top Shop

Rihanna yatsinze urubanza yarafitaniye na Top Shop

jeudi 1er Myandagaro 2013

Umuririmvyi Rihanna yaraye atsinze urubanza yariko araburana n’ishirahamwe rikora impuzu Top Shop rikorera mu Bwongereza.iryo shirahamwe rikaba rizomuha imiriyoni 5 z’amadorari y’inshumbusho.

Rihanna yatsinze urubanza yarafitaniye na Top Shop. Iryo shirahamwe ryakoze udupira two kwambara turiko isanamu ya Rihanna ritamusavye uruhusha. Kuri ubwo rero rikaba rigiye kuriha uwo muririmvyi imiriyoni 5 z’amadorare ($ 5 millions dollars). Iryo shirahamwe rikaba ryatswe n’uruhusha rwo kubandanya gukora utwo dupira ndetse rinaturire ubwo rifise ritaragurisha. Iyo ngingo ikaba yafashwe na sentare yo mu Bwongereza.

Abashingwamanza ba Rihanna bakaba bavuzeko ukwogukoresha iyo sanamu y’umuririmvyi baburanira bishobora guhuvya abakunzi biwe. Aho ni mugihe Rihanna yaheruka kugiranira amasezerano n’irindi shirahamwe rikora impuzu ryitwa River Island. Kandi ngo bituyeko, Top Shop ntamahera ryaha uwomuririmvyi Rihanna.

Mu kwezi kwa Rusama, Rihanna yari yafashe ishirahamwe rikora impuzu Top Shop ryakoresheje isanamu yiwe ritamusavye uruhusha. Ico gihe uwo muririmvyi Rihanna akaba yari yarisavye ko bobiganira bitarinze kuja hejuru. Ariko Top Shop ryiciye amatwi ico guhe. Rihanna rero aca yitura ubutungane bwo mu Bwongereza aho iryoshirahamwe rikomoka rikaba ari naho rikorera.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.