Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rumonge : Abanywanyi batandatu ba MSD bari mw’ibohero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rumonge : Abanywanyi batandatu ba MSD bari mw’ibohero

Rumonge : Abanywanyi batandatu ba MSD bari mw’ibohero

lundi 2 Nyakanga 2013

Abanywanyi batandatu b’umugambwe MSD ( Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) barahagaritswe n’igipolisi baca bajanwa gupfunzwe mw’ibohero rya komine Rumonge, bisabwe na musitanteri w’iyo komine. Abo banywanyi bamirira kure ivyo bagirizwa ko boba bari mu nama batasabiye uruhusha.

Musitanteri wa komine Rumonge yagiriza abo banywanyi bari mw’ibohero ko bari mu nama batasabiye uruhusha. Ariko rero, abarongoye umugambwe MSD muri komine Rumonge bamenyesha ko ivyo abo banywanyi bagirizwa ari ikinyoma kuko abo banywanyi batari mu nama y’umugambwe. Nk’uko abarongoye umugambwe MSD babandanya babisigura, abo banywanyi bari mu nama y’ishirahamwe ryitwa "Twitezimbere". Basba rero ko bo bapfunzwe borekurwa atakirinze gusabwa kuko ivyo bagirizwa bitarivyo.

Ivyo bibaye mu gihe haheze iminsi itatu gusa, Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD abujijwe kubandanya urugendo yarimwo mu ntara ya Cibitoke muri komine Buganda, aho yari agiye kugendera abanywanyi biwe boba bari bakubiswe n’imisore bivugwa ko ari imbonerakure, urwaruka rwo mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.