Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rumonge:Ubunyonyezi bw’amafaranga arenga imilioni 12 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Rumonge:Ubunyonyezi bw’amafaranga arenga imilioni 12

Rumonge:Ubunyonyezi bw’amafaranga arenga imilioni 12

mercredi 9 Nzero 2013

Ubunyonyezi bw’amafaranga arenga imiriyoni12 mw’igurishwa ry’ikibuga c’umupira w’amaguru ku mutumba Musave muri komine Rumonge. Ico kibuga cari ic’umupira w’amaguru ku mutumba Musave zone Kizuka komine Rumonge intara ya Bururi cagurishijwe kugira hubakwe isoko ya kijambere hakaba havuyemwo ibibanza 65.

Ikibanza kimwe cagurishwa amafaranga ibihumbi 380 n’ukuvuga ko ico kibanza cose cagurishijwe imiriyoni zirenga 24 z’amafaranga y’amarundi.
Ayo mafaranga yaciye akoreshwa mu kugura irindi tongo rizojamwo ikibuga c’umupira w’amaguru,iryo naryo ryaguzwe imiriyoni 12.

Abanyagihugu bo kuri uyo mutumba Musave zone Kizuka komine Rumonge intara ya Bururi baridoga ko habaye ubunyonyezi mbere baza barituye buramatari w’intara ya Bururi aho bavuga ko iryo gurishwa ritakurikijwe amategeko, bakagiriza musitanteri wa komine Rumonge ko abifisemwo uruhara.

Abajejwe ibigega vya komine Rumonge bavuga ko ayo mafaranga yasigaye atigeze yinjira mu bigega vya komine eka n’uwujejwe ibigega vy’amakomine mu ntara yaBururi yemeza ko ataco abiziko.

Emile Amani Nkeshimana ajejwe ivy’ amakimine mu ntara avuga ko amakuru afise yemeza ko hoba hararenzwe amategeko mw’igurishwa ry’ico kibuga adoma urutoke kw’itegeko rigenga intwaro z’amakomine mu ngingo ya 89.

Musitanteri wa komine Rumonge wewe aremeza ko inama mpanuzwajambo ya komine Rumonge itigeze itanga uruhusha rwo kugurisha ico kubuga. Gérard Ndikumana ariko yegeka amakosa kubarongoye uyo mutumba. Buramatari w’intara ya Bururi yarandikiye ikete uwo aramutswa komine Rumonge kugira ngo yisigure kuri iryo gurishwa ry’ico kibuga.


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.