IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rutana : Abadandaza inka zitangwa n’amashirahamwe babandanya (...)

Rutana : Abadandaza inka zitangwa n’amashirahamwe babandanya kugabishwa

lundi 29 Nyakanga 2014

Ibimaze iminsi bisabwa abanyagihugu ko batodandaza inka bahabwa n’amashirahamwe ateza imbere ubworozi bisa n’ibiriko bica inyuma y’amatwi bamwe mu banyagihugu.

Ku musozi wa Ngoma komine ya Musongati intara ya Rutana, inka zitatu zo mu bwoko bwa Frisone nizo zafashwe inyuma yo kudandazwa n’abari bazihawe n’umugambi wa PPCDR. Izo nka zikaba zotegerejwe kudandazwa umugambi wazitanze ubanje kugishwa inama, kuko izo nka zitangwa mu ntumbero yo kurwiriza ibitungwa abanyagihugu. Musitanteri wa komine ya Musongati akavuga ko abanyagihugu bashora izo nka batazihanganirwa.

Asaba abanyagihugu bose guhagarika iyo ngeso yo kudandaza ivyo bitungwa bahawe n’abagiraneza mu ntumbero yo kwiteza imbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.