IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rutana : Isanganya ry’umuduga ryahitanye abantu abandi barakomereka (...)

Rutana : Isanganya ry’umuduga ryahitanye abantu abandi barakomereka cane

jeudi 15 Rusama 2014

Abantu bane nibo bahitanywe n’isanganya ry’umuduga wava i Gitega uja i Matana mu ntara ya Bururi.

Nk’uko amakuru ava mu giporisi mu ntara ya Rutana abivuga, iryo sanganya ryabereye ku birometero 10 gusa vy’iyo ntara, iryo sanganya rikaba ryatewe n’icuma c’umuduga bita Cadran c’umuduga wo mu bwoko bwa HIACE coba bavuyemwo, umuduga nawo uca urata inzira, abantu bane baca bitaba Imana aho nyene, mu gihe abandi bashika kuri 14 bakomeretse cane, i gihe bari bageze i Rugunga muri iyo ntara ya Rutana. Abo bakomeretse bakaba bariko baravurirwa mu bitaro vy’intara ya Rutana.

Twobamenyesha ko mu bantu benshi bagize iryo sanganya bava mu ntara ya Karuzi, aho harimwo n’umusirikare umwe yashoboye kumenyekana yitwa Nsabimana yarasanzwe akora mu karere ka kabiri ka gisirikare i Gitega. Abajejwe intwaro n’igiporisi mu ntara ya Rutana, bakaba batatevye kwishikira ahabereye iryo sanganya nk’uko amakuru ava mu Rutana abivuga, ndetse bakaba banafashije mu gutwara abakomeretse kwa muganga.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.