Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruyigi : Umuntu wese akwiye kurya utwo yabiriye akuya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ruyigi : Umuntu wese akwiye kurya utwo yabiriye akuya

Ruyigi : Umuntu wese akwiye kurya utwo yabiriye akuya

dimanche 14 Mukakaro 2013

Abanyagihugu b’abarundi batari bake, baramaze kumenya ko kurera amaboko atanyungu bizana atari agahombo. Abanyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi bavuga ko ubu amatongo yaze, bagerageza bakaraba ibindi bikorwa vy’imyuga bakora bonyene, kandi bikabatunga hamwe n’umuryango wose.

Abanyagihugu rero bo mu ntara ya Ruyigi, bamenyesha ko isi ndimwa yaze, ari anco gituma ibikorwa vy’imyuga harimwo nk’ugukora amakinga, kubaza, kudandaza, kwubaka n’ibindi bitunga umuntu. Abakora amakinga rero aho mu Ruyigi, bavuga ko baronka amafaranga y’ugusuma. Nk’uko ako kazi muri rusangi usanga kihariwe abagabo gusa, bavuga ko iyo bari ku kazi kabo ko gukora amakinga, abakenyezi baja kurima, abana nabo bakaja ku mashure. Abakora amakinga bavuga kandi ko abana biga neza, bakabagurira vya nkenerwa vyose. Baremeza ko naho udufaranga baronka atari ikirenga, ariko bo ngo ntangorane kuko burya baca umugani mu kirundi ko isorosoro irwira iyo iroye.

Ku minsi y’ibikorwa amafaranga si ikirenga, ariko kandi ku minsi y’isoko, abantu barabitura cane, kandi nabo barabafasha ukwo bashoboye, bakabakorera ikinga neza, maze bikazotuma bazogaruka hanyuma. Abo banyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi rero basaba Leta ko yorwiza amasomero y’imyuga, ndetse akaja mu ntara zose z’igihugu, bishobotse ikomine yose yogira ishure ry’imyuga.

Ku bw’abo banyagihugu, ivyo vyofasha kuko abirirwa bicaye mu turwi, abiba abantu kuko ubukene bwabarenze, eka n’abasegerereza vyofasha kuko umwe wese yoheza akamenya ko abwirijwe kurya utwo yabiriye akuya.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.