Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruzo : Mariya Minani apfunzwe yagirizwa guha amakuru y’ibirwanisho radiyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ruzo : Mariya Minani apfunzwe yagirizwa guha amakuru y’ibirwanisho radiyo (...)

Ruzo : Mariya Minani apfunzwe yagirizwa guha amakuru y’ibirwanisho radiyo Bonesha FM

jeudi 22 Rusama 2014

Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA, bavuga ko bagiye gukurikiranira hagufi ipfungwa ry’umupfasoni Mariya Minani atwara UPRONA muri zone ya Ruzo, aho yagirizwa kuba yahaye amakuru radiyo Bonesha FM ku birwanisho vyahawe Imbonerakure za CNDD FDD.

Nk’uko bivugwa na Olivier Nkurunziza umukuru w’umugambwe UPRONA mu ntara ya Muyinga mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, avuga ko uwo mupfasoni asanzwe ari umuntu akerebutse cane, ndetse akaba asanzwe ari umuntu atarya umunwa, ibitagenda neza adatinya kubivuga. Olivier Nkurunziza akavuga ko bishoboka ko boba bariko baramuhohotera kubera ukwo kuntu asanzwe atarya umunwa, ariko akavuga ko nabo bagiye gutohoza kugira umudasigana wabo ntajaniranywe.

Olivier Nkurunziza akavuga ko umupfasoni Mariya Minani yibaza ko ariko ararenganywa, kuko atigeze anatanga icegeranyo mu mugambwe UPRONA ko izo Mbonerakure zivugwako mu Ruzo zahawe ibirwanisho, ari naco gituma bagiye kugira amatohoza nabo.

Mwomenya ko n’umumenyeshamakuru yarondeye iyo nkuru, avuga ko yatangajwe gose kwumva hari umunyagihugu yapfunzwe yagirizwa ko yoba yaratanze inkuru. Yabariye ikinyamakuru IGIHE ko, uyo Mariya Minani atari nawe yamuhaye iyo nkuru, ko yapfunzwe azira ubusa, ahubwo yorekurwa, na kare ko guha inkuru umumenyeshamakuru atari icaha.

Ikindi rero twobamenyesha, akaba ari ipfungwa ku bantu bose bagira ico bamenyesheje kuri ivyo birwanisho bivugwa ko vyahawe urwaruka rw’Imbonerakure mu ntara zitandukanye, yaba ababibwira abamenyeshamakuru canke abandi babivuga ukundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • nahanwe azogire ico yubaha nakare no muri uprona bavuze ko yari yarigize imvuzi vuzi urumvako nabamutwara atabubaha. aboba uprona bobo baratomboye kuko yahora abagaya.nabobavyivugiye

  • Mbega Uwomugesera Ashaka Kwica Nabaduserukira Ngobarahunze Ahubwo Ntamaramara Erega twebwe ntabwob dufise nkaba dd arikontimubône ngomuriko muratwic ntimuzotmara ahubwo namwe muragaba uraziko uruhig ruhindukira urukwavu rikiruka kumbwa ntimubone muriko muraturasa ej nimwebwe muzoraswa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.