Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rusizi : Abanyarwanda bafatanywe indangamuntu z’Uburundi bitegurira kuzoza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Rusizi : Abanyarwanda bafatanywe indangamuntu z’Uburundi bitegurira kuzoza (...)

Rusizi : Abanyarwanda bafatanywe indangamuntu z’Uburundi bitegurira kuzoza gutora

samedi 31 Nzero 2015

Mu nama y’umutekano yahuje abanyarwanda bo mu karere ka Rusizi, abari bayitavye bakaba bamenyesheje ko hari abanyarwanda bahawe ikarata ndangamuntu z’Uburundi, kugira baze bitabire amatora y’umukuru w’igihugu.

Kankindi Leoncie arongoye akarere ka Rusizi

Muri iyo nama yo kuri uyu wa 27 Nzero irongowe n’umupfasoni Kankindi Leoncie asanzwe arongoye ako karere, akaba yavuze ko abamaze gufatwa bagera kuri 20, kandi abo bose bakaba baronse izo ndangamuntu mu buryo budasobanutse. Abo banyarwanda bafise izo ndangamuntu bakagaragarira mu gace ka Muganza. Umupfasoni Kankindi Leoncie akavuga ko igituma abo banyarwanda bafise ivyangombwa vy’i Burundi kitaramenyekana, ariko hakaba hari amakuru avuga ko abo banyarwanda bariko bitegurira kuza gutora mu Burundi mu matora yimirije, na cane came ay’umukuru w’igihugu. Abo banyarwanda bakaba baciye bahabwa ibihano ko batosubira kuronswa ivyangombwa vyo kwinjira i Burundi vuba.

Mukamenya ko ivyo bije bikurikira ivyari vyavuzwe n’umwe mu bashingamateka batowe mu ntara ya Kirundo. Umushingamateka Pasteur Ryahama akaba yavuze ko muri komine ya Bugabira hari abanyarwanda baharonkeye indangamuntu, kugira baze bitabire amatora. Uwo mushingamateka yatowe mu mugambwe UPRONA, agasaba ko mu kiringo c’iminsi itatu CENI yasavye co kwiyandikisha bogaba kugira izo ndangamuntu ntizize zikoreshwe.

Abari bitavye iyo nama

Aristide Nizigire

Messages

  • Arikwabarundi bamwe muroroshe kubeshwa, karangamuntu ntiboyitunga kubera izindimvo babona nzotuma imisi yobirarengana canke kubera babona kuyigira vyotuma bashikira ikinturunaka ariko kitarikuja gutora.

  • Barabesha kuko hari abanyagwanda benshi kwitwa abarundi babifisemwo inyungu canecane iyo bari hanze y igihugu cabo,hari nabo vyorohera kuja mubihugu vy abazungu bitwa abarundi,iyo ni propagande kuko ntaho bihuliye n amatora,washaka ugiye i kigali abanyagwanda babaye iburudi baose ubasanganda uburangamuntu bubiri,akiburundi n akirwanda.hari n abafise aka rdcongo.

  • ntabindi mwovuga ariko ico mwomenya ubusuma ntawe bwereye.ayo mwivye aramaze.vyarabatekurukanye.nimwemere mushire aho intahe ishize.mureke gusha coba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.