Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon ntashima ingingo yo gusaba urupapuro rw’umutsindo ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon ntashima ingingo yo gusaba urupapuro rw’umutsindo ku (...)

Rwasa Agathon ntashima ingingo yo gusaba urupapuro rw’umutsindo ku bitoza

lundi 23 Kigarama 2013

Ibiganiro vyamaze iminsi ibiri bihuza abanyeporitike n’abadaharanira inyungu za poritike vyarangiye bumvikanye kuvyohinyanyurwa. N’aho basa n’ubumvikanye, ntibahurije ku kibazo c’urupapuro rw’umutsindo rw’amashure ya kaminuza rusabwa uwoshaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Bamwe mu banyeporitike, harimwo na Rwasa Agathon asanzwe ari mubarabwa n’iyo ngingo y’urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza, bamenyesha ko ivyo ari ibiharuro vy’abanyeporitike ata kindi biganije atari gukumira bamwe bamwe mu banyeporitike boshaka guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu. Amakuru twakuye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ahariko habera ibiganiro ku mpinyanyuro z’ibwirizwa shingiro, amenyesha ko Rwasa Agathon, avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL, yasavye ko iyo ngingo yokurwa mu nteguro y’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Ukwo gusaba ko iyo ngingo yokurwamwo ni navyo yashikirije inyuma y’iyindi nama nyene yo kurabira hamwe ishirwa mu ngiro y’urupapuro rw’inzira abanyeporitike bemeje, inama yari yatunganijwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB). Inyuma y’iyo nama, Rwasa yamenyesheje ko Reta yari ikwiye kwubahiriza amasezerano yateyeko umukono yo kurwanya ikumirwa, ikareka ababishaka bose badafise izo mpamyabushobozi z’amashure ya kaminuza bakitoza, abanyagihugu bakaba aribo babiyimira amajwi namba bazoba batashimye imigambi bazoba bashikirije.

JPEG - 37.4 ko
Rwasa Agathon (i buryo), ariko aganira na Emmanuel Miburo (i bubamfu), mu biganiro vyariko bibera mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe

Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi n’abo baramaze kwerekana aho bahagaze kuri ico kibazo c’impapuro z’umutsindo zisabwa abahiganirwa amabanga y’umukuru w’igihugu. Pacifique Nininahazwe, kw’izina ry’ayo mashirahamwe, mw’ijambo yashikirije inyuma y’ibiganiro vyariko bibera mu nama nshingamateka, yamenyesheje ko amatora yo mu mwaka w’2015 yari akwiye guhuza bose, ari naco gituma muri ayo mashirahamwe bamenyesha ko badashigikiye ko iyo ngingo yoshirwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

JPEG - 34.2 ko
Pacifique Nininahazwe

Egide Nduwimana

Messages

  • Mbe abo bantu bakajagari bananiwe no kwiga boshobora kuyobora uburundi nibarekere abayahejeje hamwe bobemerera mbona hogera igihe umurimyi wese ashaka kwitoza ako kajagari nibakareke ntibasubire kwimena imitwe baziko urwo rupapuro bananiwe no kururonka

  • "Ikibanza cose umuntu abishoboye",je nibaza ko amashure ariyo yerekena ico umuntu ashoye ubwambere,hagakurikira ubushingantahe(ijunja ,igingo, ubusha...).Nayo hamwe bokuramwo amashure twoba dusubiye inyuma imyaka ijana.Ahubwo ku kibanza c’umukuru w’igihugu kiretse urupapuro rw,umutsindo rwa kaminuza hojamwo amanota meza yaronse muri ayo mashure yize,amabanga yaranguye imbere,n’ibindi.None ko la cellule de base ko ari umuryango(famille),muntu atazezwa amabanga akomeye kiretse ayo kurongora umuryango wiwe,yoshobora gutwara abantu imiyoni icenda zirenga?Ikibanza c’umukuru wigihugu ntakugifyinisha.

  • uyo asaba kurekwa Kubera Dip adakwije, bo mureka akimaramarira nka 2010. Mbona abarundi baraciye ubwenge.

  • Nashaka kubwira ba Isaac na Xyp ko atari amashule atwara!Mbega Nkurunziza yize amagendera asumvya iki uwahejeje Humanité ku vyerekeye gutwara?Mbega ko kera atawaba Major(Officier Supérieur) atahejeje ISCAM,ubu nta ba Lieutenant Généraux bahari batazi gusoma igifaransa?Aho nanse kuvuga aba Généraux sinon aba colonels bobo n’abatazi kwandika barimwo.
    Mureke yitoze azobure amajwi atakumiriwe.Abashingamateka ba Gihahe batahejeje na Primaire ntibiga integuro y’amahera Leta izokoresha hanyuma bakayemeza agakora?
    Bamureke yitoze naho atazotsinda!

  • None ga kabizi ko numva ubizi tugume aho turi nk’ibuye ntidutere imbere?Uwo uvuga ko yize amagendera yayize mu kirundi canke yayize muri yagamukama?uti nta kaminuza yamaze?Ko umengo yaranabaye umwigishamufasha(assistant de l’ub) muri kaminuza ntamashure yize koko?
    Ahubwo bukebuke utize menshi kandi ukaba warajejwe amabanga akameye mu gihugu(icegera c’umukuru w’igihugu;umukenguzamateka,...) ntavyo kwitoza muri ico kibanza kandi nirya caution nikuyiduza nko ku 1milliar de FBU!Amase ya kera ntagihoma urutaro ni gutera tujimbere.Aba basoda uvuga nabo urazi ingene vyagenze kugira bigende uko iyo ISCAM bari kuyiga nabo ni umugambi w’amahoro kandi uratohoza iteka baha uburundi barenze rusizi ko badakora ibikora inka.Ariko kabizi ntikame uko kandi ntugereranye ibitagereranywa!Mbe wewe woba uzi ivyigisoda ubu boba binjiza gute kuva kuwo hasi gushika aho muri ISCAM uvuga?merry christmas bwana kabizi ariko utereze ijisho 2034 uve kuri 2003 twaraharenze!!!!!

  • Yeeeh mbega ibijuju mumwitwe,mbe mwari muzi ko gutwara aringabirano?boba batayahejeje muga bagasumba gutwara abayahejeje ba mwitonda kuvuga

  • Yeeeh mbega ibijuju mumwitwe,mbe mwari muzi ko gutwara aringabirano?boba batayahejeje muga bagasumba gutwara abayahejeje ba mwitonda kuvuga

  • Stany ingabirano igira aho ihereye,kandi mu Burundi aho twaraharenze.we uciye ubwenge ukeneye abatwara bavukanye ingabirano y’imbuto?kosora iyo mvugo yokwita ibijuju abo utigishije kumbure aribo bakwigishije!!!!

  • Icishe abarundi n’igihugu cacu, ni ukwiduza no kwishir’imbere kandi ataho bifatiye. Aho hambere, abarundi twakumirwa mu mabanga n’uburongozi bw’igihugu ngo umwami avukana imbuto. Bihavuye, politique n’igisoda (surtout Hima) vyiharizwa ubwoko b’abatutsi ngo ni bo babigenewe gusa. Abahutu bagiye guca ubwenge no kureka kwitwa ibijuju, igihe baviriye hasi aho baboneye ko bagiye gusubira kubamara, c’etait debut 1990. Ni n’aho abatutsi baboner’akenge ko abahutu badasinziriye nk’uko bavyibaza babonye bafashe inkoho bikingire no kurwany’ubwicanyi n’ubugunge. Arusha rero yabaye ku barundi umuhuza n’umucamanza mu gushinga amategeko n’ingendo yofatwa kugir’amahoro n’iterambere biboneke. Erega nta gihugu gishobora guter’imbere kidafise incabwenge..!! None mwumva mu Burundi hoba iterambere nyabaki mu gihe Kizigenza afise ubumenyi bubayabaye? Mushima, vyonagorana ko ateger’abahanuzi biwe azi ko bamurusha ubumenyi. Ni n’iyo nkomoko yokumva hari incabwenge nyinshi zagiye zigandagurirwa ku rugamba, na cane cane mu mpera yarwo. Abarundi dukwiye gutegera kandi twubahe tunubahiriz’umuntu ku co adusumbije. None ko ubwenge burahurwa, tugiye turwany’abodukijije, tuzob’abande? Iyo ni ya shari n’inzigo bituma Afrika idatera imbere. Kugir’abize mu gihugu, ni itunga kandi Umukuru w’igihugu abwirizwa kuber’akarorero abasigaye. Na yo ahandi, uwari we wese azokwiyadukiza ngo ashaka gutwara u Burundi usange n’abana bacu barwanija amashure. Agathon Rwasa ni ukumutegera kuko, kimwe n’abandi, baburabujwe n’intwaro z’agahotoro zitashaka ko abahutu biga banatere imbere. Nta kundi, ntibibe icitwazo, amategeko akwiye kubahirizwa n’aho rimwe rimwe abantu bayitwaza kugire bakumir’abandi. Gikuru ni uko indyane hagati y’abatutsi n’abahutu ziriko zirangira mu kubanywanisha atakwihorana. Hama kuri iyi si, u Burundi ntibwosigar’inyuma. Dukwiye guhimiriz’abanyagihugu babungabunge umutekano hama Leta yorohereze abarundi bose babishoboye kwiga. Ku bwanje nkabona ko no muri iryo Bwirizwa Nshingiro rigiye gusohoka, ahubwo bogira bati kwitoza mu mwanya w’Umukuru w’igihugu, umuntu abwirizwa kuba afise maitrise canke izindi diplome hejuru. Gurtyo 2030 izoger’umurundi wa nyuma w’umutegetsi afise doctorat. Singwanije Alexis Sinduhije canke Rwasa Agathon, ariko mbona vyiza 2015 boba barahera kuri licence. Ibibanza mu ntwaro ni vyinshi kandi abo mvuze, .. mushatse n’abandi .. nka Leonce Ngendakumana, Pascaline Kampayano, Chauvineau Murwengezo, Frederic Bamvuginyumvira, Nyangoma Leonard, Bizimana Francois etc.. ntibobura imyanya mu Bashingamateka no mu Bakenguzamateka. Gikuru ni ukwigenza runtu, ata gusubira gufatir’amaboko i mogongo abayoboke babo, maze bakaja mu matora yose y’2015 (ataho bikumiriye). Birinde rero abo babasuka kuko igihugu na beneco tubakeneye.

  • coldman’zi ndagushigiye kuri ico ciyumviro.Ubu honyene kubera umugambi w’amahoro usanga mubatwara bamwe bafise amashure make umwana wo mu 10e umubwiye uti gira umwete uze wige meshi ashoboka akwishura ati:na GIHAHE NTIYIZE ARIKO NI UMUSHINGAMATEKA" ngo naje ntamashure andusha ariko afata ingingo!None hamwe vyoshika president nawe akaba atamaze na kaminuza mwumva twobatujahe tukavahe.

  • ariko abantu mwegereye abo bantu munyunvira son excellence agathon rwasa na miburo bashobora kuvugana iki?mais bon politike irandeze hinge ninwere iryo ndiko muri 4 c

  • Coldman,Zi ndagushigikiye! kukoturakwiye kwereka abize cane kobatihenze, Murabobose bamaze zakaminuza ntwihabuzemwo uwushoboye turakwiye kwereka urwarukako kugirube umukuruwigihugu kwatarukubintungane gusa hakwiye nokwerekana education.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.